Russia yarangije gukura abasivile muri Kherson imbere y'imigwano

Yatangajwe

Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko bahejeje igikorwa co gukura abasivile mu gisagara kiri mu bumanuko bwa Ukraine, Kherson imbere y'uko intambara ibahuza na Ukraine isutama.

Bivugwa ko abasivile 70.000 bajabutse uruzi Dnipro, ico Ukraine yise gutwarwa ku nguvu.

Umukomanda w'abagwanyi b'abarusiya, Alexander Khodakovsky yagize ati:"Turiko turategura kugwanira muri Kherson.

"Turiko turigizayo abasivile, mu nzira zishoboka kugira dusigare ata nzitizi."

Akarere ka Kherson kari mu bumanuko bwa Ukraine ni kamwe muri tune tw'ico gihugu twigaruriwe na Vladimir Putin mu kwezi guheze, n'aho nyene ata na kamwe Uburusiya bugenzura ari kose.

Igisagara ca Kherson cafashwe inyuma y'ayo ico gihugu giterewe n'Uburusiya mu kwezi kwa kabiri, ariko muri izi ndwi ziheze, ingabo za Ukraine zigenda zigarurira uturere ku nkengera yo mu burengero canke bw'i buryo bwa Dnipro. Intambara iriko irabera ku birometero 30 uvuye mu gisagarank'uko bivugwa n'abategetsi ba Ukraine.

Abategetsi bagenywe n'Uburusiya baragabishije ko hashobora kuba igitero simusiga ku mugwa mukuru wako karere mu misi ya vuba iri imbere. Ariko umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine, Oleksii Reznikov, ko kuhabirukana bigoye cane kubera hamanuka n'igihe c'imvura gituma bigorana gukoresha imodoka z'intambara zikoresha amapine.

Uwahawe ubutegetsi n'Uburusiya mu ntara ya Crimee, Sergueï Aksyonov, ku wa kane yarashize ahabona amafoto y'inkengera za Dnipro, aho umutegetsi w'Uburusiya Sergueï Kirienko yari yagize yahagendeye.

Yagize ati:"Igikorwa co gutegura abanyagihugu kugira bagende carangiye."

Abategetsi b'Uburusiya bameza ko bajanywe "mu turere turimwo umutekano mu Burusiya", harimwo uturere twa Ukraine twigaruriwe n,Uburusiya, eka mbere n'utwo mu Burusiya nyene.

Gutwara ku nguvu canje ijanwa ry'abasivile n'igihugu c'igihangange cigaruriye ikindi gihugu, imbere cane hanze y'uturere twigaruriwe bifatwa nk'icaha co mu ntambara.

Uwundi mutegetsi yagenywe n'Uburusiya yaremanze ko abasivile benshi basigaye. Vladimir Saldo, yagenywe n'Uburusiya mu mabanga yo kurongora Kherson, yavuze ko abantu bari hagati y'ibihumbi 10 na 170.000 bakiri mu gisagara no mu micungararo yaco ku nkengera y'i buryo bwa Dnipro. Abantu baba muri ico gisagara imbere y'intambara bagera ku 300.000.

Umuntu umwe aba muri ico gisagara yabwiye BBC mu ndwi iheze ko ata n'umwe azohava, ko abasirikare b'Uburusiya bari bafise bafise umutima uhagaze y'ingene bazobaho muri ico gisagara ca Kherson.