Israel-Gaza: Netanyahu yarahiye ko agiye gukaza urugamba

Ahavuye isanamu, OFFICE OF ISRAELI PM
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko agiye kurushiriza gukomeza uruganba rwo kurwanya Hamas mu minsi iza.
Yabwiye abanywanyi b'umugambwe wiwe ko yagendeye Gaza ku wa mbere mu gitondo kandi ko ibikorwa vy'igisirikare ca Israel muri iyo ntara ''bitari hafi yo kurangira''.
Ayo majambo yiwe ashitse mu gihe umushimikiranganji wa Reta Zunze Ubunwe za Amerika yavuze ko Israel ikwiye kugabanya ibitero vyayo.
Intambara yatanguye ku wa 7 Gitugutu (10) igihe Hamas yagaba igitero cahitanye benshi imbere muri Israel.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas bwavuze ku wa mbere ko Abanya-Palestina bashika 20.674 bamaze kwicwa n'ibitero vy'ama bombe vya Israel kuva ico gihe. Buvuga ko benshi mu bishwe ari abana n'abagore.
Abantu bashika 1.200, cane cane b'abanyagihugu basanzwe barishwe igihe abagwanyi ba Hamas bakajabuka urubibe bagatera ku wa 7 Gitugutu. Abantu 240 baratwawe nk'imbohe. Israel ivuga ko abashika 132 n'ubu batararekurwa.
Netanyahu yarayihe ko azosambura Hamas hanyuma agasubiza imbohe muri Israel.
Yabwiye ikoraniro ry'umugambwe wiwe wa Likud ko ingabo babonaniye i Gaza mu rugendo yagizeyo zamubwiye ko Israel yobandanya igwana ''gushika kw'iherezo''.
''Ntitugiye guhagarika. Tuzobandanya kugwana, kandi tuzokomeza uruganba mu minsi iri imbere. Izoba itambara ndende itimirije guhera.''
Mu nyuma ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere yarazomerewe n'incuti z'abagizwe imbohe basaba ko ababo borekurwa buno nyene igihe yariko arashikiriza ijambo mu nama nshingamateka.
''Ntituzoshobora kubohoza abantu bose batwawe bunyago tudakoresheje igitutu c'igisirikare... ntituzohagarika kugwana,'' niko yavuze , mu gihe imiryango nayo yariko irasemerera ''Ubu nyene! Ubu nyene!'' iri aho abanyigihugu bakurikiranira ibikorwa vy'inama nshingamateka.
Ibinyamakuru vyo muri Israel no mu bihugu vy'Abarabu bivuga ko Misiri (Egypt) yatanze integuro y'uguhagarika intambara hagati y'izo mpande zibiri.
Ku bw'ibivugwa mu binyamakuru, iyo nteguro yotuma haba ukurekura buke buke Abanya-Israel bose bagizwe imbohe hamwe n'igitigiri kitazwi uko kingana c'Abanya-Palestina bapfungiwe muri Israel mu kiringo c'ukwezi n'inusu, vyose bikarangizwa n'ihagarikwa ry'igitero ca Israel.
Agahengwe kabaye imbere kabonetse ku buhuza ba Qatar katumye harekurwa imbohe ziharurwa mu mirongo muri Gaza zikabwa abanyororo b'Abanya-Palestina.
Gushika ubu, Israel na Hamas baranana ku kwumva akamo kaguma kiyongera ko guhagarika intambara.
Ku wa mungu ubushikiranganji bujejwe amagara muri Gaza bwavuze ko igitero c'indege ca Israel cishe nibura abantu 70 mw'ikambi y'impunzi ya Al-Maghazi mu maja hagati y'iyo ntara, aho hasambuwe igorofa y'amazu ibamwo abantu benshi.
Umuryango utabara imbabare Croissant Rouge yo muri Palestine wavuze ko ibitero vy'indege ''vy'urutavanako'' vya Israel vyatumye hugarwa amabarabara makuru makuru hagati ya Maghazi n'ayandi makambi y'impunzi abiri Al-Bureij na Al-Nuseirat ''bibangamira igikorwa c'imodoka zitwara abarwayi (ambulance) n'imigwi y'abatabara''.
Mw'itangazo cahaye BBC igisirikare ca Israel cavuze ko caronse ''amakuru y'uko hari ibitagenze neza mw'ikambi ya Maghazi''.
''N'ubwo hari intambamyi ziterwa n'abagizi b'iterabwoba ba Hamas bakorera mu turere tw'abanyagihugu basanzwe muri Gaza, IDF [igisirikare ca Israel] kirubahiriza amategeko mpuzamakungu harimwo gufata ingamba zishoboka z'uko hononekara bike bishoboka ku banyagihugu basanzwe,'' nk'uko ryongerako.









