Amerika 'yizeye' ko Hamas izokwemera umwumvikano mushasha w'agahengwe muri Gaza

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko ''yizeye'' ko Hamas izokwemera integuro ya vuba ya Israel ku bijanye n'umwumvikano ku gahengwe no kurekura abagizwe imbohe.
Yavuze ko ivyo Israel ishikiriza ari ''igitangaza mu kurekura'', mu gihe intumwa za Hamas zibandanya kuvyiga hamwe n'abahuza i Cairo.
Inyuma y'indwi zari ziheze ibintu vyabuze iyo biva n'iyo bija, umutegetsi akomeye wo muri Hamas yasubiwemwo avuga ko ata ''ngorane zikomeye'' bafise ku bishikirizwa na Israel.
Iyo nteguro y'umwumvikano bivugwa ko irimwo amajambo mashasha yo kugarukana ituze yo gushimisha Hamas yarondera ko haba agahengwe kamaho.
Reta ya Israel iguma iremerwa n'abayishigikiye mu makungu n'imiryanyo y'abagizwe imbohe kugira ishike ku mwumvikano.
Israel yagavye igitero co gusambura Hamas inyuma y'aho uwo muhari utereye mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu (10) ukica abantu hafi 1.200, abandi 253 ukabatwara nk'imbohe.
Abantu barenga 34.480 baramaze kwicwa muri Gaza kuva ico gihe, ku bw'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu.
Mu mwumvikano wo muri Munyonyo (11) wari watumye Hamas irekura 105 muri abo yagize imbohe ku gahengwe k'indwi imwe n'irekurwa ry'abanya-Palestina 240 mu bari bapfungiwe mu mabohero ya Israel.
Abahuza bo mu Misiri, Qatar na Amerika bari bamaze amayinga menshi bagerageza gushika ku mwumvikano mushasha wotuma haboneka akandi gahengwe muri iyo ntambara hanyuma hakarekurwa imbohe 133 Israel ivuga ko bagifiswe na Hamas, nibura 30 muri bo vyibazwa ko bapfuye.
Muri uku kwezi, Hamas yaranse integuro y'umwumvikano ya Israel y'agahengwe k'amayinga atandatu n'irekurwa ry'abagore, abana, abasaza canke abarwaye muri izo mbohe bagakabwa amajana y'abanye-Palestina bapfungiwe muri Israel.
Hamas yavuze ko iguma ihagaze ku gusaba ko haba agahengwe kamaho koshikana kw'ivanwa ry'ingabo za Israel muri Gaza n'itahuka ry'abanye-Palestina bateshejwe izabo.
Ku wa gatandatu urubuga rw'amakuru Axios rwasubiyemwo abategetsi babiri ba Israel bavuga ko Israel yazanye integuro nshasha irimwo ugushaka ko abantu bateshejwe izabo batahuka mu buraruko bwa Gaza n'ivanwa ry'ingabo za Israel mu muhora uva mu burengero uja mu buseruko ugabura iyo ntara.
Irimwo kandi ugushaka ''kuvugana ishirwaho ryo guhagarika intambara mu buryo buramye mu gushira mu ngiro intambwe igira kabiri y'uwo mwumvikano, yotangura abagizwe imbohe bamaze kurekurwa'', nk'uko abo bategetsi bavuze.
Intumwa za Israel mu biganiro zarahawe kandi uruhusha na reta y'intambara rwo kuvugana irekurwa ry'imbohe ziri munsi ya 40, aho umunsi umwe w'agahengwe wohura n'imbohe imwe irekuwe, ku bw'abo bategetsi.
Abajijwe aho ibiganiro bigeze ku wa mungu, umutegetsi wo muri Hamas atavuzwe izina yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko ''ibintu bihagaze neza kiretse habaye amananiza mashasha ya Israel''.
Yongeye ati: ''Nta ngorane zikomeye mu bishikirizwa na Hamas kuri iyo nteguro.''

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa Misiri ajejwe imigenderanire Sameh Shoukry, igihugu ciwe gisanzwe kiri mu bahuza muri ivyo biganiro hagati ya Israel na Hamas hamwe na Qatar, nawe nyene yavuze ko ''yizeye''.
''Iyo nteguro y'umwumvikano yaritayeho ivyo buri ruhande rwifuza hanyuma igerageza kuja hagati na hagati,'' nk'uko yavuze. ''Harimwo ibintu bizogira ingaruka ku ngingo z'impande zompi, ariko nibaza ko bose bazofata ayo mahirwe.''
Ikiganiro co kuri terefeone ku wa mungu hagati ya prezida wa Amerika Joe Biden n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu bivugwa ko cashimikiye kuri ivyo biganiro.
Baranavuganye ingene bikenewe ko hokomezwa ukwongereza imfashanyo ishika muri Gaza n'uko Amerika n'ubu iteye kubiri n'igitero kinini mu gisagara ca Rafah kiri mu bumanuko, aho abantu barenga umuriyoni bahungiye.
Abavuzi n'abatabazi muri Gaza bavuze ko nibura Abanya-Palestina 22 bishwe mu bitero vyo mu kirere vya Israel ku nyubakwa zitatu muri Rafah mw'ijoro. Igisirikare ca Israel ntaco cashotse kibivugako.
Mu mpera z'indwi, abasirikare bo mu rwego rwa jenerari muri Israel berekanye ko hakomeje umwiteguro wo kugaba igitero kinini kuri Rafash, aho igisirikare kivuga ko ari ho hasigaye abagwanyi ba nyuma n'abategetsi ba Hamas.
Ariko Blinken - yiteze kuva muri Arabia Saudite aja muri Jordania na Israel - yavuze ko Amerika ''itarabona integuro ibaha icizere ko abanyagihugu basanzwe bozokingirwa neza''.
Umukuru w'ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas - umukeba wa Hamas afise icicaro muri Cisjordania - yavuze ku wa mungu ko Amerika ari co gihugu conyene gishobora kubuza igitero kuri Rafah, agabisha ko ''cotera akaga ka mbere kabi muri kahise k'Abanya-Palestina''.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire, Israel Katz, yavuze ko igisirikare ca Israel ''kizohagarika ico gikorwa'' muri Rafah ari uko umwumvikano wo kurekura abagizwe imbohe ushitsweko.
Na mugenziwe wo muri reta Benny Gantz yavuze ko itahuka ry'abagizwe imbohe ''rihambaye cane'' kurusha kwinjira muri Rafah.
Ariko mugenzi wabo ajejwe ubutunzi Bezalel Smotrich yagabishije ko hamwe Israel yoheba igitero kuri Rafah reta ''itoba igifise uburenganzira bwo kubaho''.












