Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Liz Truss yatanze imihoho nk'umushikiranganji wa mbere wa UK
Liz Truss yatanze imihoho nk’umushikiringanji wa mbere inyuma y’iminsi itarenga 45 muri ako kazi.
Uwo mushikiranganji wa mbere yavuze ko uwuzomusubirira azotorwa mw’ihiganwa ry’aba Tory (abo mu mugambwe w’aba Conservative) mu ndwi iza.
Abashingamateka b’aba Tory basavye Truss gukura meza inyuma y’aho reta yiwe ihuriye n’igihuhusi ca poritike, imigambi yiwe y’ubutunzi yose imaze kugwizwa n’ubusa.
Madame Truss yari yatowe n’aba Tory mu kwezi kwa Nyakanga/Nzeri (9), ariko aca atakaza ububasha inyuma yo gusubiza ibirenge inyuma ku migambi yari yatangaje.
Mw’ijambo yavugiye Downing Street (ibiro vy’umushikiranganji wa mbere), Truss yavuze ati: “Ndemera ko ntashobora gushitsa ivyo nashize imbere kugira ntorwe n’umugambwe wa Conservative.”
Madame Truss yavuze ko azoguma muri ico kibanza gushika uwumusubirira ashikiriye amabanga yo kuba umukuru w’umugambwe hanyuma akagenwa nk’umushikiranganji wa mbere n’umwami Charles.
Jeremy Hunt - yagenywe ku ndwi iheze kuba umushikiranganji ajejwe ubutunzi - yavuze ko atazoja mw'ihiganwa ryo kuba umushikiranganji wa mbere.
Madame Truss - yatanguye amabanga haraheze iminsi 45 - abaye umushikiranganji wa mbere abimazemwo umwanya muto kurusha abandi bose muri kahise k’Ubwongereza.
Umukuru w’umugambwe wa Labour (utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi) Sir Keir Starmer yasavye ko haca haba amatora rusangi inyuma y’uko gutanga imihoho kwa Truss.
Mw’ijambo ryiwe, Truss yavuze ko yashitse mu mabanga mu gihe c’ihungabana rikomeye ry’ubutunzi n’imigenderanire mpuzamakungu, mu gihe intambara ikomeje kubica bigacika muri Ukraine nabwo ubuzima bukaba bukomeje kurushiriza kuzimba.
Ariko Truss atanze imihoho inyuma y’aho umushikiranganji akomeye, yahora ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Suella Braverman, atangiye imihoho hanyuma abashingamateka b’aba Tory bakagumuka mu kajagari kabaye mu matora mu nama nshingamateka.