Liz Truss yatanze imihoho nk'umushikiranganji wa mbere wa UK

Prime Minister Liz Truss making a statement outside 10 Downing Street, London

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Liz Truss niwe mushikiranganji wa mbere amaze igihe gito cane kurusha abandi mu mateka y'Ubwongereza
Yatangajwe

Liz Truss yatanze imihoho nk’umushikiringanji wa mbere inyuma y’iminsi itarenga 45 muri ako kazi.

Uwo mushikiranganji wa mbere yavuze ko uwuzomusubirira azotorwa mw’ihiganwa ry’aba Tory (abo mu mugambwe w’aba Conservative) mu ndwi iza.

Abashingamateka b’aba Tory basavye Truss gukura meza inyuma y’aho reta yiwe ihuriye n’igihuhusi ca poritike, imigambi yiwe y’ubutunzi yose imaze kugwizwa n’ubusa.

Madame Truss yari yatowe n’aba Tory mu  kwezi kwa Nyakanga/Nzeri (9), ariko aca atakaza ububasha inyuma yo gusubiza ibirenge inyuma ku migambi yari yatangaje.

Mw’ijambo yavugiye Downing Street (ibiro vy’umushikiranganji wa mbere), Truss yavuze ati: “Ndemera ko ntashobora gushitsa ivyo nashize imbere kugira ntorwe n’umugambwe wa Conservative.”

Madame Truss yavuze ko azoguma muri ico kibanza gushika uwumusubirira  ashikiriye amabanga yo kuba umukuru w’umugambwe hanyuma akagenwa nk’umushikiranganji wa mbere n’umwami Charles.

Jeremy Hunt - yagenywe ku ndwi iheze kuba umushikiranganji ajejwe ubutunzi - yavuze ko atazoja mw'ihiganwa ryo kuba umushikiranganji wa mbere.

Madame Truss - yatanguye amabanga haraheze iminsi 45 - abaye umushikiranganji wa mbere abimazemwo umwanya muto kurusha abandi bose muri kahise k’Ubwongereza.

Umukuru w’umugambwe wa Labour (utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi) Sir Keir Starmer yasavye ko haca haba amatora rusangi inyuma y’uko gutanga imihoho kwa Truss.

Mw’ijambo ryiwe, Truss yavuze ko yashitse mu mabanga mu gihe c’ihungabana rikomeye ry’ubutunzi n’imigenderanire mpuzamakungu, mu gihe intambara ikomeje kubica bigacika muri Ukraine nabwo ubuzima bukaba bukomeje kurushiriza kuzimba.

Ariko Truss atanze imihoho inyuma y’aho umushikiranganji akomeye, yahora ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Suella Braverman,  atangiye imihoho hanyuma abashingamateka b’aba Tory bakagumuka mu kajagari kabaye mu matora mu nama nshingamateka.