Notre-Dame: Ya sengero rurangiranwa y’i Paris yasha yuguruwe inyuma y’imyaka itanu

Perezida Macron imbere ya Notre-Dame
Insiguro y'isanamu, Perezida yabanje kugendura Cathedral Notre-dame
    • Umwanditsi, Hugh Schofield
    • Igikorwa, BBC News, Paris
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Inyuma y’imyaka itanu n’igice umuriro uteye ubwoba mu 2019 wihaye inkumbi, ya sengero nkuru Notre Dame de Paris, yarashoboye gusanurwa, ikintu giteye umunezero ku Bafaransa, harimwo n’umukuru w’igihugu Emmanuel Macron.

Kuri uno wa gatanu, Perezida Macron – ari kumwe n’umutambukanyi wiwe na Musenyeri mukuru wa Paris Laurent Ulrich – batanguje ibirori bizorangizwa n’iyugurura icese ry’iyi sengero nkuru ku wa 7 Kigarama (12), ni ukuvuga ku wa gatandatu w’indwi iza, bikazokurikirwa n’imisa ya mbere ya Katorika muri iyi sengero bukeye.

Amaze kwerekwa ibikorwa nyamukuru vy’ugusanura iyi sengero ku mahera angana n’imiriyoni 700 z’amafaranga y’Abanyabulaya (ni ukuvuga arenga imiriyaridi 2000 mu mafaranga y’Uburundi) kuri uno wa gatanu, Perezida Macron yashikirije ijambo ryo gushimira abayisanuye, bari bakoraniye muri iyo sengero.

Mw' ijambo yashikirije abagize uruhara mu gusanura Notre - Dame, perezida Macron yagize ati: "Urubeya rwo kuri Notre-Dame rwa nk'igikomere ku gihugu, kandi mwabaye umuti usomora ico gikomere, biciye mu bushake bwanyu, mu bikorwa vyanyu, no mu mwete wanyu."

"Ndashima bivuye ku mutima, Ubufaransa burashima cane, mwagaruye ukubaho kwa Notre-Dame".

Perezida Macron hagati y'abantu benshi baje kuri Cathedral Notre- Dame

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inyuma yo kundera Cathedral Nore-Dame, perezida Macron yabwiye abasanuye urwo rusengero ko ibikorwa vyabo vyari intasubirizwa

Igice c’imbere ca Notre-Dame casanuwe cagumye mw’ibanga rikomeye - kiretse amashusho make cane yagiye asohoka muri iyo myaka yose yari imaze isanurwa mu kwerekana ingene ibikorwa vyariko biragenda.

Ariko abantu baherutse kuyinjiramwo bavuga ko iyi sengero nkuru iteye igomwe baravye ingene ikayangana mu buryo butandukanye cane n’icasa n’umwijima wayiranga imbere y’aha.

Ku wa 15 z'ukwa kane 2019 niho haduka umuriro muri ino sengero nkuru Notre-Dame i Paris

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku wa 15 z'ukwa kane 2019 niho haduka umuriro muri ino sengero nkuru Notre-Dame i Paris

Hari ku mugoroba wo ku wa 15 Ndamukiza (4) 2019, mu gihe c’Ikarema, igihe abakurikira imboneshakure kw’isi yose batangara babona amasanamu y'imbeya z'umuriro zikwiragira igisenge c’ino sengero nkuru, mu nyuma bakabona umunara wayo wo mu kinjana ca 19 usenyukira hasi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo muriro wadutse mu gihe iyi sengero yariko irasanurwa ku ruhande rw’inyuma kubera yari iteje impungenge.

Gushika ubu icateje uno muriro kiracariko kiratohozwa, ariko bamwe bavuga ko wandurutse kw’itabi ryasizwe n’umwe mu bariko barayisanura canke ingorane z’umuyagankuba.

Abajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka bashika 600 bamaze amasaha ashika 15 bariko bagerageza kuzimya uwo muriro.

Igihe ino sengero yariko irarurumba, hari ubwoba bwinshi ko inkengeri umunani zo ku munara wo mu buraruko zari guhava zisenyukira hasi, ivyo bikaba vyari gutuma uno munara na wo ubwawo usenyuka, mbere ukajana n’inkuta nyinshi z’ino sengero, ariko wahavuye urokoka.

Hari ubwoba bwinshi kandi ko iyi nyubakwa yari gusha igatokombera, inyuma y'imyaka irenga amajana umunani yari imaze.

Ibintu bitari bike muri yo vyarahiye, ariko hari ibindi vyarokotse, harimwo Altari n’umusaraba mukuru uri kuri Altari.

Inanga yayo – ikaba ari yo igira kabiri mu bunini mu gihugu cose c’Ubufaransa – nayo yarononekaye kubera inkungugu n’umwotsi, ariko ikaba yashobora gusanurwa.

Abarongoye iyi sengero nkuru barahimbawe n’ico bise "ibitangaro" bimwe bimwe, ni ukuvuga ivyashoboye kurokora mu buryo bw’igitangaza.

Muri ibi harimwo igishusho co mu kinjana ca 14 kizwi nka Bikira Mariya w’Inkingi, cahatswe guhitanwa n’ibibuye vyakoragurika.

Bukeye, amaze kwihweza ivyari vyononekaye, Macron yatanze umuhango wabonwa na benshi ko zari indoto zo ku murango: yijeje abanyagihugu gusubira kwugurura Notre-Dame mu myaka itanu.

Ubwo nyene haciye hatangura igikorwa co kwegeranya uburyo, aho imiriyoni 846 z’ama-euro yegeranijwe atanzwe n’abarwizatunga bakomeye, ariko kandi ayandi atangwa n’ibihumbi amajana n’amajana vy’abantu bato bato.

Igikorwa co gusanura iyi sengero cahawe Jean-Louis Georgelin, intwazangabo y’inshirwarimenetse mu gisirikare, yari afise inyota nk’iya Macron yo kubona iri ragi risubiye guhagarara.

Abantu bose bari bizigiye ko Georgelin yashobora ata nkeka kurangura neza uno mugambi, ariko yahavuye apfira mw’isanganya ryabereye mu misozi ya Pyrénées muri Myandagaro (8) 2023, akaba yaciye asubirizwa na Philippe Jost.

Abahinga bababa 2000 bava mu mice itandukanye, abubatsi, ababaji, abahinga mu kumanika amazu, abahinga mu gusanura, abahinga mu gushushanya, abacuzi n’ab-injeniyeri – ni bo berekanye ubuhinga bwabo mu gusanura iyi sengero.

Mu ntango habaye impari ku kungene iyi sengero yari gusanurwa, aho hari ababona ko yari gusanurwa hubahirijwe inyubako yayo kama hamwe n’impinduka zazanywe na Eugène Viollet-le-Duc, umuhinga mu vy’ubwubatsi mu kinjana ca 19, hakaba n’abandi babona ko ahubwo iyi sengero yari ikwiye kwubakwa gushasha mu buhinga bugezweho.

Ishusho yagutse ibonekesha Cathedral Notre -Dame
Insiguro y'isanamu, Ibikorwa vyo gusanura Cathedral Notre-Dame, isengero imaze imyaka 850, vyatanguye kuva mu 2024

Hahavuye hakurikizwa ivyipfuzo vy’abahinga n’abanyagihugu, maze bahitamwo kuyisanura ikagumana ishusho yayo kama, ariko gusa ikaba yarahawe ubuhinga bushasha bwa none bwo kuyikingira kugira ngo umuriro nk’uwo ntuzosubire kwiha inkumbi.