'Nshaka ko umuhungu wanje agaruka, yarapfuye canke ari muzima' - nyina w'uwahora ahagarariye Tanzania hanze

Anna-Mary Polepole, nyina w'uwahora ari uwuserukira Tanzania hanze aboneka ko ababaye.
Insiguro y'isanamu, "Ntibagende kumuta mw'ibahari," niko nyina wa Humphrey Polepole atakamba asaba.
    • Umwanditsi, Alfred Lasteck
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Dar es Salaam
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Nyina w'uwahoze ari uwuserukira Tanzania hanze (Diplomate) Humphrey Polepole yatakambiye igiporisi kumufasha kumugarukana imuhira.

''Akiri muzima, mugarukane imuhira. Atakiri muzima, zana ikiziga ciwe hanyuma nihambire umuhungu wanje jewe nyene. Ntibagende ngo bamute mw'ibahari,'' Annamary Polepole niko yavuze, mu kiganiro yahaye BBC kw'iburwa ry'umuhungu wiwe.

Uwo yahoze aserukira Tanzania muri Cuba mu nyuma agahinduka umwe mu bantu banegura cane reta, yanyurujwe akuwe iwe mu gisagara ca Dar es Salaam mu masaha ya kare cane ku wa mbere, ku bw'umuryango wiwe.

Igiposi caremeje ku wa kabiri ko kiriko kiratohoza ivyabaye.

Murumuna wa Humphrey, Godefrey, yavuze ko yari yasanze umwango w'inzu yiwe wabomowe kandi hari ikidengeri c'amaraso hasi.

Umunsi umwe imbere y'aho, umukuru w'igigiporisi muri ico gisagara yari yabaye nk'uwugonanwa niba n'iryo nyuruzwa ryari ryamaze kuba, aho yabwiye BBC ko uwo yahora aserukira igihugu ''rimwe na rimwe yavuga ko ari hanze y'igihugu''.

''None ivyo vyoshika gute imuhira iwe muri Tanzania?'' niko Jumanne Muliro yabajije.

Nyina wa Humphrey Polepole yavuze ko inyuruzwa ry'umuhungu wiwe n'irya mushikiwe mu kwezi kwa Mukakaro(7) vyamuteye agahinda atagira uwo abwira, kandi akaba afitiye ubwoba igihugu ca Tanzania.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

''Nk'umugore yitaye ku rutare mu kurera abana ari umupfakazi, birababaza cane ko ibintu nk'ivyo bishika,'' niko yabwiye BBC.

''Barababaza abantu nk'uko umenga bariko barababaza imbogo canke inzovu. Birababaje cane ku gihugu cacu. Uwaharaniye ukwikukira kwa Tanzania Mwalimu [Julius] Nyerere ntiyigeze aturera gutyo.''

Humphrey Polepole yatanze imihoho mu kibanza c'uguserukira igihugu muri uyu mwaka inyuma yo kunegura ku mugaragaro reta ya Tanzania.

Yaciye akurwako ubudahangarwa yari yahawe n'aya mabanga yiwe inyuma y'uko Perezida Samia Suluhu Hassan akuriyeho itegeko ryamugena nk'umuserukizi w'igihugu.

Itanga ry'imihoho ryiwe ryakurikiwe n'amajambo akomeye yo kunegura reta ya Tanzania. Yavuze ko atashobora kuguma mu butegetsi yagiriza ko butubahiriza ubutungane, amategeko, hamwe n'ibwirizwa shingiro.

Polepole yari mu butegetsi bwa Perezida John Magufuli nk'umuyobozi mukuru mu mugambwe uri ku butegetsi CCM. Yarigeze kandi kuba umushingamateka imbere y'uko Perezida Samia amugira umuserukizi wa Tanzania muri Malawi, hanyuma aza kumurungika muri Cuba.

Humphrey Polepole ariko aramwenyura. Yambaye ishati isa n'igipfungu

Ahavuye isanamu, The Citizen

Insiguro y'isanamu, Humphrey Polepole yabuzwe irengero ku wa 6 Gitugutu

Avuga ku muhungu wiwe, nyina yavuze ko yari umuntu w'ishaka kandi w'''umwana adasanzwe'' mu vyifuzo vyiwe yashaka kuba umupasitori canke umudereva w'indege ariko ivyo ntivyashoboka kubera uburyo buke bw'umuryango wiwe.

''Ibaze umuntu wareze kuva mu bwana, umuntu yari ageze aho ari we ashigikira umuryango, none bunonyene bakamutwara. Birababaje koko.''

Mw'itangazo casohoye ku wa kabiri, igiporisi ca Tanzania cavuze ko cariko kirondera uwundi avukana n'uwo yahoze ari umu diplomate, Augustino, kugira atange umuco ku vyo yavuze ku mbuga hwaniro ko hari umuporisi yari muri ico gikorwa co kunyuruza umuvukanyi wiwe.

Tanzania yimirije kuja mu matora ku wa 29 Gitugutu mu cuka kibi.

Perezida Samia ariko yitoreza ikiringo ca kabiri, kuko yashitse ku butegetsi mu 2021 inyuma y'urupofu rwa John Pombe Magufuli.

Yabanje gushimigazwa ko yahaye abanya-Tanzania ubwisanzure muri poritike ariko kuva ico gihe akaba anegurwa cane mu gucinyiza imigambwe ya poritike itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi n'amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike.

Humphrey Polepole yaheruka kwibaza inzira vyaciyemwo ngo Samia agenwe kuba umukandida wa CCM, umugambwe usanzwe uri ku butegetsi.

Hamwe no kwagiriza inzego za reta n'abategetsi ibiturire no gukoresha nabi amafaranga y'igihugu, yanavuze ko abantu bafise ibigwanisho baja baraca impande y'urugo rwiwe kandi ko baburabuje abo mu muryango wiwe.

Yavuze ko urugo rwiwe rwari rumaze guterwa kabiri, arabishikiriza igiporisi ariko ntihagira intambwe iterwa mu matohoza.

Mu kwezi guheze, igiporisi camwugururiye dosiye, kivuga ko ivyo yavuga vyashobora kuvamwo ivyaha, kitavuze neza na neza ivyo vyaha ivyo ari vyo.

Mu gihe abanya-Tanzania batari bake bakeje ubutwari bwiwe, abandi bavuze ko atoja mu bonegura reta mu gihe yari muri yo kuri Magufuli no kuri Samia.

Ariko, nyina wiwe, yavuze ko Polepole yamye ari umuntu w'inyankamugayo.

''Yari umuntu w'urukundo rwinshi - naho yaba atakuzi, yarakuramutsa n'umutima mwiza, n'igishika.''