Rurangiranwa mu mupira w'amaguru Pelé yashizwe muri kazinduzi nk'icitiranwa ca 'mbonekarimwe'

Pelé

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kazinduzi y'ururimi rw'igiporotigale Michaelis, imwe muzikunzwe cane muri Brezil, yongeye izina "Pelé" ku rubuga rwayo.
Yatangajwe

Pelé, iritazirano rya rurangiranwa mu mupira w'amaguru aherutse gupfa, ryabaye icitiranwa ca "kidasanzwe, ntagereranywa, mbonekarimwe".

Michaelis, kazinduzi (dictionnaire/dictionary) y'ururimi rw'igiporotigale, imwe mu zikunzwe cane muri Brezil, yongeye izina "Pelé" ku rubuga rwayo.

Iryo zina ryongewemwo inyuma y'isekeza ry'ikigo (Fondation) citiriwe Pelé mu gutera iteka uwo mukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru rironkeye imikono y'abantu barenga 125.000 barishigikira.

Pelé yapfuye mu kwezi kwa Kigarama (12) afise imyaka 82.

Umukinyi umwe rukumbi yatwaye igikombe c'isi incuro zitatu, afatwa nk'umukinyi wa mbere mwiza muri kahise k'umupira w'amaguru.

Mu gihe c'imyaka irenga 20 yamaze akina, yaraciye umuhigo w'ibitego 1.281 yinjirije umugwi Santos wo muri Brezil , umugwi nserukiragihugu wa Brezil na New York Cosmos.

Kuva apfuye azize ingwara ya cancer, umugwi yahoze akinira wa Santos, imboneshakure SporTV yerekana inkino n'ikigo citiriwe Pelé barashizemwo inguvu kugira izina ry'uwo mukinyi rurangiranwa ryemererwe kuja muri kazinduzi.

Ku musi wa gatatu, abanditsi ba kazinduzi Michaelis baramenyesheje ko iryo jambo rizoca rija ubwo nyene muri iyo kazinduzi ku rubuga rwayo mu rurimi rw'igiporotigale no ku mpapuro igihe hazosohoka nshasha.

Iryo jambo risomwa gutya: "pe.lé adj. Ikintu canke umuntu adasanzwe, kubera akaranga kiwe, agaciro canke igihagararo ata muntu n'umwe ushobora kumugereranya, co kimwe na Pelé, iritazirano rya Edson Arantes do Nascimento (1940-2022), afatwa nk'umunonotsi wa mbere atari bwigere aboneka, adasanzwe, atagereranywa, w'imbonekarimwe".

Ikigo citiriwe Pelé, ishirahamwe ryashinzwe mu ntumbero yo kugumana iragi ry'uwo mukinyi, camenyesheje ko ari iteka rikwiye ku "mwami".

Ryanditse kuri Twitter riti: "Ijambo ryari risanzwe rikoreshwa mu kwerekana umuntu wa mbere mu vyo akora ryagizwe [iryamaho] ku mpapuro za kazinduzi.