Igura n’igurishwa ry’abakinyi: ibivugwa kuri Kane, Haaland, Kante, Iwobi, Mitoma, Rice …

Ahavuye isanamu, Getty Images
Real Madrid iracungereye ingene ibintu bigenda ku musatirizi wa Tottenham umwongereza Harry Kane w’imyaka 29, mu gihe amasezerano afitaniye n’uyu murwi azorangira mu 2024, amakuru akavuga ko ashobora kwimukira muri Manchester United canke Bayern Munich. (Mail)
Igiciro c’imiriyoni 200 z’ama-euro gisabwa ku murwi uwo ari wo wose worondera umusatirizi wa Manchester City, umunya- Norvege/Norway Erling Haaland w’imyaka 22mu masezerano afitaniye nayo, nta gaciro kigifise, uyu murwi ukaba uzoshobora gushinga igiciro cawo mu gihe woba ushatse kumugurisha, akaba afitaniye amasezerano yo gukinira uyu murwi gushika mu 2027. (Goal)
Umukinyi wo hagati wa Chelsea n’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza Mason Mount w’imyaka 24 yagenye umuserukizi wiwe mushasha kugira ngo amutegurire amasezerano ashobora gutuma ava muri uno murwi w’i Londres. (Mail)
Umusatirizi wa Paris St-Germain n’umurwi nserukiragihugu wa Argentina Lionel Messi w’imyaka 35 aripfuza gusubira muri Barcelona kandi yama avugana n’umumenyereza wayo Xavi. (Foot Mercato – mu gifaransa)
Brighton iriteguye guha amasezerano y’umushahara wa mbere munini Umuyapani akina ku ruhande Kaoru Mitoma 25, mu gihe Real Madrid, Manchester City na Arsenal zimwipfuza. (Goal)
Arsenal iriko iritegura gusubira kurondera umukinyi wo hagati wa Brighton na Equateur/Ecuador Moises Caicedo w’imyaka 21 n’aho aherutse gutera igikumu ku masezerano mashasha. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Patrick Vieira yirukanywe nk’umumenyereza wa Crystal Palace kubera avugwa ko atatera igitsure abakinyi bakina nabi. (Mirror)
Chelsea iripfuza cane kugura umukinyi wo hagati wa West Ham, Umwongereza Declan Rice w’imyaka 24, mu ci riza, amasezerano afitaniye n’umurwi wiwe akaba azohera mu 2024. (Florian Plettenberg)
Umukinyi wo hagati w’Ubufaransa asanzwe ahanganye n’ikibazo c’imvune N'Golo Kante w’imyaka 31 – akaba atarasubira guhonyora mu kibuga kuva mu kwa munani kw’umwaka uheze ariko akaba ariko arasubira mu myimenyerezo – ariteguye gutera igikumu ku masezerano mashasha y’imyaka ibiri muri Chelsea. (Sun)
Umukinyi wo hagati wa Barcelona n’Ubuholande Frenkie de Jong, umukinyi amaze igihe kirekire aronderwa na Manchester United be na Chelsea, yabwiye imboneshakure yo muri Espagne ati: "Barca yamye ari umurwi w’indoto zanje…ndizeye ko nzobandanya nkinira uno murwi mu myaka yindi myinshi". (TV3)
Umunya-Nigeria akina hagati Alex Iwobi w’imyaka 26, yemerewe amasezerano mashasha mu gihe ayo asanzwe afitaniye n’umurwi wiwe Everton azorangira mu 2024, ariko akaba arindiriye kugira ngo arabe ingene uno mwaka w’inkino urangira kugira ngo atere igikumu kuri ano mashasha. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool izorekura Umwongereza akina hagati Alex Oxlade-Chamberlain w’imyaka 29, hamwe n’umunya-Guinea Naby Keita w’imyaka 28, kugira bigire ahandi ata kirinze gusabwa mu ci riza igihe amasezerano yabo azoba arangiye, nayo umunya-Brezili Arthur Melo w’imyaka 26, azosubira muri Juventus amasezerano y’intizo arangiye mu gihe Jurgen Klopp arondera kunagura uruhande rwo hagati. (Athletic)
Umunya-Georgia akina hagati muri Naples/Napoli Khvicha Kvaratskhelia w’imyaka 22 asanzwe aronderwa na Real Madrid hamwe na Manchester City, ashobora kuzokwimukira muri Newcastle ari nka hamwe uyu murwi woronka itike yo kuzokina mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, Champions League, mu mwaka w’inkino uza. (Football Insider)
Barcelona ishobora kuzogurisha umukinyi wayo wo hagati, Umufaransa Ousmane Dembele w’imyaka 25, hamwe n’umunya-Espagne Ferran Torres w’imyaka 23, kugira ngo ishobore kuronka amahera yo kugura umusatirizi wa Juventus Umutaliyano Federico Chiesa w’imyaka 25. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Umunya-Espagne Sergio Busquets w’imyaka 34 akina hagati yemerewe amasezerano mashasha y’umwaka umwe muri Barcelona, amasezerano ashobora kuzokwongerezwako uwundi mwaka umwe nyene, ariko akaba ariko yihweza nimba yokwimukira muri Inter Miami canke Toronto, imirwi yo mw’ihiganwa ryo muri Amerika, MLS, kandi hakaba hari imirwi itatu yo muri Arabia Saoudite nayo nyene yipfuza kumwakira. (Mundo Deportivo – mu ki-Espagnol)









