Football - Ayavugwa kuri uno wa kane: Osimhen, Bellingham, Endrick, Gakpo, Neves, Gomez, Zaha

Victor Osimhen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Victor Osimhen
Yatangajwe

Chelsea iriko irarondera ingene yogura umusatirizi mu ci riza, umunya-Nigeria akina muri Napoli   Victor Osimhen  w’imyaka 23 niwe ahabwa amahirwe mu gihe bakironderera n’ahandi. (90 Min)

Umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19, yabonetse nk’uwundi ashobora kuronderwa cane na Chelsea, mu gihe umwongereza mugenziwe akina hagati muri  West Ham Declan Rice w’imyaka 23 nawe nyene ashimwa na bamwe mu barongoye aba ba Blues.  (Evening Standard)

Arsenal ishobora guhiganwa na Barcelona be na Real Madrid mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa  Palmeiras Endrick w’imyaka 16, afatwa nka “Pele w’igihe kiri imbere”. (Four Four Two)

Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag ariko adindiza gufata ingingo ku masezerano yerekeye kazoza k’umunyegori wayo umunya-Espagne David de Gea w’imyaka 31, hamwe n’umusatirizi wayo, umwongereza Marcus Rashford  w’imyaka 24. (Guardian)

Umukinyi wo ku ruhande wa PSV Eindhoven Cody Gakpo w’imyaka  23 avuga ko hahatswe gato ngo yimukira muri Manchester United mu ci riheze, mu gihe Leeds United na Southampton nayo nyene yarondeye uyu munya-Hollande, imbere y’uko afata ingingo yo kuguma mu murwi wiwe. (Times)

Barcelona iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa Manchester United umunya-Portugal Diogo Dalot w’imyaka 23, mu gihe amasezerano afitaniye n’uyu murwi azorangira mu ci riza, ariko akaba ashobora kwongerezwa ikindi kiringo c’umwaka. (Mundo Deportivo – mu ki-Espagnol)

Diogo Dalot

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Diogo Dalot

Umukinyi wo hagati wa Wolves umunya-Portugal Ruben Neves w’imyaka 25 yemerewe kuja muri Barcelona. (Mundo Deportivo – mu ki-Espagnol)

Umukinyi wo ku ruhande wa Wolves Adama Traore w’imyaka 26, avuga ko yizeye ko umusi umwe azosubira gukina mu gihugu ciwe c’amavukiro ca Espagne. (AS – mu ki -Espagnol)

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza Gareth Southgate agiye gukurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa Liverpool Joe Gomez w’imyaka 25 imbere y’uko atanga urutonde rw’abo azokinisha mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mupira w’amaguru mu kw’icumi na rimwe. (Times)

Umumenyereza wa Crystal Palace Patrick Vieira avuga ko bari mu biganiro kugira ngo bongereze amasezerano y’umusatirizi wayo, umunya- Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w’imyaka 29, mu gihe imirwi ya Arsenal na Chelsea imurondera, amasezerano afitaniye n’umurwi wiwe akazorangira mu ci riza. (Metro)

Uyu musatirizi Zaha  wa Palace avugwa ko yipfuza kwimukira muri Liverpool, ariko hari iyindi mirwi myinshi imushaka. (Talksport)

Umukuru w’igisata kijejwe umupira w’amaguru muri Manchester United John Murtough avuga ko ata cizere c’uko bashobora kugura abakinyi mu kadirisha k’igura n’igurishwa ry’abakinyi ko mu kwa mbere, agashimangira ko barindiriye ca gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu ci riza. (Telegraph )

Umumenyereza wa Manchester United Erik Ten Hag agiye gusaba ashimitse ko bogura umukinyi wo hagati wa Barcelona umunya-Hollande Frenkie de Jong mu kwa mbere. Uyu mukinyi w’imyaka 25 bishobora kuba ngombwa ko arindira gushika mu ci riza imbere y’uko asezera uyu murwi wo muri Espagne, aho n’imirwi ya Chelsea na Bayern Munich nayo ishobora kumurondera. (Sport - mu ki Espagnol)

Umumenyereza wa Chelsea Graham Potter ntarafata ingingo kuri kazoza k’umuswisi Denis Zakaria w’imyaka 25, asanzwe yaratijijwe muri uyu murwi w’Ubwongereza avuye muri Juventus. (90min)

Everton iriko irerekana ko yipfuza umusatirizi wa Lille,  umunya-Canada Jonathan David w’imyaka 22, ni mu gihe umumenyereza wayo Frank Lampard ariko ararondera ingene yokomeza igisata c’imbere. (Liverpool Echo)

Tottenham ishobora kuronka imiriyoni 26 z’amapawundi ku mufaransa akina hagati Tanguy Ndombele w’myaka 25, mu gihe Napoli asanzwe yaratijijwemwo yofata ingingo yo kumugumana burundu. (Express)