Ayavugwa mw’igura n'igurishwa ry’abakinyi: Mane, Kane, Lukaku, Olise, Amrabat, Van de Beek, Dembele

Sadio Mane

Ahavuye isanamu, Bayern Munich

Insiguro y'isanamu, Sadio Mane
Yatangajwe

Bayern Munich yatanguye ibiganiro n’umurwi Brentford kugira irabe ko yoronka umunyegori wa Espagne David Raya w’imyaka 27, mu gihe umunyegori wayo, Umuswisi Yann Sommer w’imyaka 34, ari mu biganiro arondera kwimukira muri Inter Milan. (Sky Sports)

Bayern kandi yemeye amafaranga atangwa na Al-Nassr ku musatirizi wayo, umunya-Senegal Sadio Mane w’imyaka 31. (Fabrizio Romano)

Tottenham yungururije ku wa mbere umubonano n’abarongoye Bayern mu biganiro ku musatirizi wayo, Umwongereza Harry Kane w’imyaka 30, inyuma y’uko ibiganiro vyari bitegekanijwe ejo ku wa gatanu bihagaritswe. (Mail)

Aba ba Spurs bazoca bafatira ku biganiro vyabo na Bayern kuri Kane mu kumenyesha ko bipfuza umusatirizi w’uno murwi wo mu Budagi, Umufaransa Mathys Tel w’imyaka 18. (Telegraph)

Chelsea yanse ibisabwa n’umurwi Juventus ko yowutiza umusatirizi wayo , Umubirigi Romelu Lukaku,w’imyaka 30, kuko ishaka kumugurisha burundu. (Tuttosport – mu gitaliyano)

Chelsea iripfuza abakinyi batatu bo hagati – Umufaransa Michael Olise w’imyaka 21 akinira Crystal Palace, Umufaransa Rayan Cherki w’imyaka 19 akinira Lyon, hamwe n’umunya-Ghana Mohammed Kudus w’imyaka 22 akinira Ajax. (Football London)

Romelu Lukaku

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Romelu Lukaku

Manchester United ishobora guhindukirira umukinyi wo hagati wa Fiorentina umunya-Maroc Sofyan Amrabat w’imyaka 26, canke uwundi mukinyi wo hagati mu mpera z’iki gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu gihe yoba imaze kwegeranya amahera akwiye ikuye mw’igurishwa ry’abakinyi. (Guardian)

Real Sociedad iri mu biganiro vyo kurondera ko Manchester United yoyitiza umunyegori wayo umunya-Hollande Donny van de Beek w’imyaka 26 mu masezerano yoyiha n’akaryo ko kumugura bibaye ngombwa. (Marca – mu ki-Espagnol)

Paris St-Germain iriteguye gutangaza abantu ikagura Umufaransa akina ku ruhande muri Barcelona Ousmane Dembele w’imyaka 26, mu masezerano afitaniye n’uno murwi hakaba harimwo ingingo ariko izorangirana no ku wa mbere ivuga ko umurwi umwipfuza utegerezwa gutanga imiriyoni 42,8 z’amapawundi. (ESPN)

Newcastle United yagurishije umukinyi wayo akina ku ruhande, Umufaransa Allan Saint-Maximin w’imyaka 26, ku murwi wo mw’ihiganwa ryo muri Arabia Sawudite Al-Ahli ku miriyoni 30 z’amapawundi. (Mail)

Manchester United iriteguye gutiza umurwi Nottingham Forest umunyegori wayo Umwongereza Dean Henderson w’imyaka 26 ariko bikaba ngombwa ko wotegerezwa kuzomugura uramutse uronse amahera gushika mu kwa mbere. (Manchester Evening News)

Real Madrid iriko irihweza nimba yogura umunyegori wa Getafe David Soria w’imyaka 30 mu gihe Crystal Palace na Forest nayo nyene yipfuza uno munya-Espagne. (AS – mu ki-espagnol)

Ousmane Dembele

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ousmane Dembele
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aston Villa ntizoshobora kuronka umukinyi wo ku ruhande wa Sporting Lisbon umunya-Portugal Pedro Goncalves w’imyaka 25, kubera amafaranga menshi yamutangako y’imiriyoni 38.6 z’amapawundi abuzeko imiriyoni 30 z’amapawundi amusabwako na Sporting. (Record – mu gi-portugal)

Galatasaray iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya-Brezili Fred w’imyaka 30, ariko hari igihengeri hagati y’amafaranga yemera gutanga n’ayo United imuronderako. (Sky Sports)

Kazoza k’umusatirizi w’Ubwongereza Mason Greenwood w’imyaka 21, gashobora kubandaniriza muri Manchester United inyuma y’aho uwufise umutahe usumba uw’abandi muri uno murwi yemereje ko asubira ku kivi. (Sun)

Imirwi Newcastle United, West Ham United, Aston Villa, Paris St-Germain na Napoli yose iramaze kuvugana n’umurwi Nice iwusaba umukinyi w’inyuma Umufaransa Jean-Clair Todibo w’imyaka 23, ariko wewe ntariko arihutira kurondera kuva muri uno murwi wiwe. (Nice-Matin – mu gifaransa)

Jean-Clair Todibo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jean-Clair Todibo

Nottingham Forest yanse amafaranga angana n’imiriyoni 35 z’amapawundi atangwa na Brentford ku musatirizi wayo umunya-Pays de Galles/Wales Brennan Johnson w’imyaka 22. (Telegraph)

Umumenyereza Roberto de Zerbi avuga ko Brighton izogura "uwundi mukinyi w’igihangange " ari nka hamwe Moises Caicedo yova muri uno murwi muri iri ci, mu gihe amafaranga yose atangwa na Chelsea kuri uno mukinyi wo hagati wa Equateur w’imyaka 21 yamaze kwankwa. (Mail)