Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Benzema, Pogba, Alvarez, Gundogan…

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umurwi wo muri Arabia Saoudite uriteguye guhemba umusatirizi wa Argentina Lionel Messi w’imyaka 35 imiriyoni 220 z’ama-euro ku mwaka kugira ngo akunde yimukireyo igihe amasezerano afitaniye na Paris St-Germain azoba arangiye mu ci riza. (Marca – mu ki-espagnol)
Umusatirizi wa Argentina aheruka gutsindira igikombe c’isi yose, Julian Alvarez w’imyaka 23, ubu akaba akinira Manchester City ariteguye gutera igikumu ku masezerano mashasha azotuma aguma i Etihad gushika mu 2028. (Mail)
Umukinyi wo hagati w’Ubufaransa Paul Pogba w’imyaka 30 arashaka kuguma muri Juventus mu ci riza n’aho gushika ubu amaze gukina iminota 35 yonyene muri Serie A kuva uno mwaka w’inkino utanguye kubera imvune. (90min)
Umumenyereza wa Barcelona Xavi Hernandez yavuganye n’umukinyi wo hagati w’imyaka 32, Umudagi Ilkay Gundogan,mu gihe amasezerano afitaniye na Manchester City azorangira mu ci riza. (AS - mu ki-espagnol)
Borussia Dortmund ishobora guha Umudagi akina ku ruhande Julian Brandt w’imyaka 26, amasezerano mashasha kugira ngo yikize imirwi ya Arsenal na Tottenham imukanuriye amaso. (Sport Bild – mu kidagi)

Ahavuye isanamu, AFP
Manchester United ishobora gutanga imiriyoni 105 z’amapawundi ku musatirizi wa Eintracht Frankfurt yo mu Budagi, Umufaransa Randal Kolo Muani w’imyaka 24. (Sport Bild - mu kidagi)
Chelsea iripfuza umukinyi wo hagati wa Borussia Monchengladbach umufaransa Manu Kone w’imyaka 21, arabwa ryiza kandi na Paris St-Germain. (Sun)
Chelsea iriteguye kugurisha Umwongereza akina hagati Ruben Loftus-Cheek w’imyaka 27, mu ci riza, aho yipfuzwa n’imirwi ishika itanu yo muri Premier League, hakiyongerako AC Milan na Roma yo muri Serie A (ihiganwa ry’Ubutaliyano). (Football Insider)
West Ham iriko irihweza nimba yorondera umusatirizi wa Werder Bremen umudagi Niclas Fullkrug w’imyaka 30. (Sport Bild iciye kuri Sport Witness)
Newcastle, Aston Villa, Wolves na Leeds United iripfuza umukinyi w’inyuma w’umunya-Portugal Raphael Guerreiro w’imyaka 29, igihe amasezerana yiwe afitaniye na Borussia Dortmund azoba arangiye mu ci riza. (90min)
Umwongereza wo hagati Harry Winks w’imyaka 27, avuga ko ata muntu n’umwe wa Tottenham aramwegera, harimwo n’umumenyereza Antonio Conte muri kino gihe ariko akinira Sampdoria yatijijwemwo.(Gazzetta dello Sport – mu gitaliyano)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Fulham iriko irakurikiranira hagufi Umufaransa Edouard Michut w’imyaka 20 akina hagati muri Paris St-Germain, ubu akaba yatijijwe muri Sunderland.(Fabrizio Romano)
Umutaliyano Marco Verratti w’imyaka 30 akina hagati ariko ariyumvira kuri kazoza kiwe muri Paris St-Germain inyuma y’amajambo aheruka yo kumunegura, ariko uyu murwi nta mugambi ufise wo kumugurisha (Calciomercato – mu gitaliyano)
Uwahoze ari umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa Karim Benzema w’imyaka 35 yemeye amasezerano mashasha na Real Madrid. (L'Equipe – mu gifaransa)
Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza Gareth Southgate ariteguye kuzana uwahoze ari umusatirizi w’Ubuholande Jimmy Floyd Hasselbaink mu bakozi bamufasha ibikorwa kugira ngo asubirire Chris Powell yiteze gusezera kugira ngo aronke umwanya ukwiye wo gukora akazi kiwe nk’umukuru w’ishure ry’inkino ry’urwaruka rya Tottenham. (Times)









