UK: Kemi Badenoch yatangaje ko ashaka gusubirira Boris Johnson

Yatangajwe

Uwahoze ari umushikiranganji wo kurwanya ubusumbasumbane Kemi Badenoch niwe aherutse kuja ku rutonde rw’abashingamateka b’aba Conservateurs/Conservative bari mu rugamba rwo kurongora uyu mugambwe no kuba umushikiranganji wa mbere.

Igihe amenyesha iyi ngingo yo guhiganira iki kibanza mu kinyamakuru Times, uyu mushingamateka Badenoch - afise amamuko ku bavyeyi b’abanya-Nigeria - avuga ko yipfuza kugabanya inguvu za reta be no “kuvuga ukuri”.   

Umukandida akomeye gushika ubu ni uwahoze ari umushikiranganji w’ikigega ca reta Rishi Sunak – yatangaje ko agiye kwiyamamariza iki kibanza ku wa gatanu.

Uwahoze ari umushikiranganji wa Brexit Steve Baker avuga ko atazoja mu bahiganira iki kibanza, akaba yatangaje ko azoshigikira umushikirizamanza mukuru Suella Braverman.

Umushikiranganji wa mbere Boris Johnson aherutse gutanga imihoho muri ino ndwi inyuma y’aho abashikiranganji batari bake bavumburiye muri reta yiwe avuga ko ashaka kuguma ku butegetsi gushika hatowe uwumusubirira.

Mu bandi bavuga ko bashaka guhiganira iki kibanza kugira bamusubirire, harimwo uwahoze ari umushikiranganji w’amagara y’abantu Sajid Javid, umushikiranganji wo kwivuna abansi Ben Wallace, n’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire Jeremy Hunt.

Ikirangamisi ku vyerekeye uguhiganira kurongora uyu mugambwe, uzwi kandi nka Tory, citezwe kwemezwa mu ndwi iza, umushikiranganji wa mbere mushasha akaba yitezwe mu kw’icenda.

'Reta ikomeye ariko ifise ububasha bugereranye'

Ashikiriza imigambi yiwe mu nkuru yacishijwe mu kinyamakuru The times, Badenoch  avuga ko hakenewe “reta ikomeye ariko ifise ububasha bugereranye, yitaho ivya nkenerezwa”.

Uyu mushingamateka w’imyaka 42 aserukira akarere ka Saffron Walden – akaba yari mu bashikiranganji batanze imihoho muri ino ndwi – avuga ko azogabanya amakori, ariko kandi “acungere ikoreshwa ry’amafaranga”.

"Ata mpinduka zibaye mu mugambwe w’aba Conservateurs, Ubwongereza hamwe n’ibindi bihugu vy’Uburengero bizobandanya bitakaza inguvu” kandi abakeba “bazoduca imbere mu butunzi mbere baturushe n’amayeri ku rwego mpuzamakungu”, niko yandika.

"Nje guharanira ubu burongozi muri ano matora kubera nshaka gushikiriza ukuri. Ukuri ni kwo kuzoturokora”.

Avuga ko “abanyagihugu baruhishijwe n’ubujambo bwo kubahendahenda ata kirimwo” kandi ko abantu “badatahura ivya nkenererwa mu kurongora igihugu”.

Mu kiringo ciwe nk’umushikiranganji ajejwe kurwanya ubusumbasumbane, Badenoch  yaraneguwe n’umurwi mpanuzwajambo wa reta w’abari muri wa murwi w’abahuza ibitsina babisangiye, hari mu kwa gatatu, kubera yari yatebeje guhagarika umugambi wo guhindura abantu bari muri uyu murwi, ikizwi nka conversion therapy.

Ku wa gatatu yaratanze imihoho ari kumwe n’abandi bane bakorana, mw’iteke bandikiye hamwe akaba yavuga ko atanze imihoho mu mabanga yiwe “mu mubabaro mwinshi”.

Fyonda aho musi wumvirize ingene Boris Johnson yavuze igihe atanga imihoho: