Boris Johnson: Hari abamaze kumenyesha ko bashaka kumusubirira

Yatangajwe

Ihiganwa ryo gusubirira Boris Johnson rija ryatanguye, kuva aho amenyeshereje ko atanze imihoho nk'umukuru w'umugambwe w'aba Tory, inyuma y'iminsi mike yashegeshe ubutegetsi bwiwe gushika aho busenyuka.

Tom Tugendhat ni we mushingamateka wa vuba yamenyesheje ko yinjiye mw'ihiganwa, ahasanga umushikirizamanza mukuru Suella Braverman hamwe na Steve Baker yari ajejewe umugambi wo kuva mw'ishirahamwe rya Buraya, bompi bamaze kwerekana ko bashaka ico kibanza.

Boris Johnson afise umugambi wo kuguma mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere gushika aronse uwumusubirira mu mezi nk'atatu ari imbere, ariko benshi mu banyaporitike bagenzi we n'abo mu migambwe itavuga rumwe na we bashaka ko ahava ubu nyene - ariko aja yamaze kwuzuza ibibanza vy'abashikiranganji batanze imihoho.

Johnson yatanze imihoho ku wa kane, inyuma y'iminsi ibiri ariko aragerageza kwibohera ku butegetsi, mu gihe abo muri reta yiwe bariko baratanga imihoho ku bwinshi.

Hafi abashingamateka 60 b'aba-Conservative barikuye mu mabanga yo muri reta muri iyi minsi ya vuba ku ngero z'abakuru n'abato, bitera amakenga yo kuba reta ishobora kubandanya ikora.

Ashikiriza ijambo abashasha binjiye muri reta ku wa kane , Johnson yavuze ko atazokoresha iminsi asigaje i 10 Downing Street (ibiro vy'umushikiranganji wa mbere) kugira hagire ivyo ahindura bikomeye.

Ikirangaminsi co guhiganirwa uburongozi bw'aba-Tory kizomenyeshwa ku ndwi iza, nawe umushikiranganji wa mbere mushasha akaba yitezwe kuba yatanguye amabanga mu kwezi kw'icenda.

Ariko mu buryo butari ubwo icese, isiganwa rija ryatanguye.

Umukuru w'umugwi ujejwe imigenderanire mu nama nshingamateka, Tugendhat, yatanguye ihiganwa mu kwandika muri Daily Telegraph ku wa gatanu, yemera kugabanya amakori no kuzana "ingoga n'ivyiyumviro bishasha" muri reta.

Uwo yahoze ari umusirikare azwi mu banegura cane Boris Johnson yavuze ati: "Narakoze -mu gisirikare, ubu na ho mu nama nshingamateka. Ubu na ho nshaka kwongera kwitaba akamo nk'umushikiranganji wa mbere."

Umushikirizamanza mukuru Madame Braverman na we aja amaze kwemeza ko azokwitoza, na we umushikiranganji yari ajejwe umugambi wo kuvana Ubwongereza mw'ishirahamwe rya Buraya Baker akaba yavuze ko avyiteguriye "n'ishaka ryinshi" inyuma yo kubisabwa n'abanyagihugu.

Sajid Javid, yahoze ari umushikiraganji ajejwe amagara y'abantu, n'umushikiranganji ajejwe gutwara abatu n'bintu Grant Shapps - bompi bavuye inyuma ya Johnson - nabo bariko bariyumvira kuja mw'ihiganwa, nk'uko BBC yabimenye.

Abandi bitezwe kuja muri iryo higanwa ni umushikiranganji w'imigenderanire Liz Truss, uwahoze ari umushikiranganji w'ikigega Rishi Sunak n'uwahoze ari umushikiranganji w'imigenderanire Jeremy Hunt.

Vyitezwe ko benshi bazobitangaza muri iyi minsi- ariko bamwe mu ba Tory baja bamaze kumenyesha ko batazoja mw'ihiganwa, harimwo umushikiranganji ajejwe kugabanya ubusumbane Michael Gove, icegera c'umushikiranganji wa mbere Dominic Raab n'uwahoze ari umushikiranganji w'amagara y'abantu Matt Hancock.

Umukandida wese muri iryo higanwa azokenera gushigikirwa n'abashingamateka b'aba-Tory , babiri ba mbere bakazoheza bakaja mu matora yitabwa n'abanywanyi b'umugambwe w'aba-Consevative.

Bamwe mu ba-Tory ariko barababaye cane kuba Johnson atatanze imihoho nk'umushikiranganji wa mbere buno nyene, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere John Major akaba yavuze ati "si vyiza" kuri we kugumaho gushika uwumusubirira atowe.

Ariko Lord Vaizey yigeze kuba umushikiranganji kuri reta ya David Cameron, yagize ati ni "vyiza ku mushikiranganji wa mbere kubandanya imirimo mu kurindira gusubirizwa".