Imyuzure muri Kenya: Abarokotse bariko barondeza ababo mu gihe basabwe kwimurwa

Nancy Wanjiku yicaye aho inzu y'abavyeyi biwe yahora iri
Insiguro y'isanamu, Nancy Wanjiku yicaye mu bihomoka vy'inzu yahora ari iyo abavyeyi biwe
    • Umwanditsi, Na Barbara Plett Usher & Ian Wafula
    • Igikorwa, BBC i Mai Mahiu
  • Yatangajwe

Umukuru w'igihugu ca Kenya, yavuze ko Abanyakenya baba mu turere tugeramiwe n'imyuzure no gusiduka kw'imisozi basabwe kutuvamwo guhera ejo ku wa gatatu.

Perezida William Ruto yabivugiye i Mai Mahiu, igisagara kiri ku birometero hafi 58 mu buraruko bw'umugwa mukuru Nairobi, aho amazi y'urugomero yarenze inkombe yirara mu mazu amwe amwe anahitana ubuzima bw'abantu baharurwa muri za mirongo.

Avuga ko ubu "atari igihe co gukeka", ashimika ku mvura nyinshi cane yitezwe kuzosubira kugwa.

Avuga kandi ko "bishoboka cane ko hazoba imyuzure n'impfu z'abantu".

Naho ata giharuro ntabanduka kiratangwa, itegeko ryo ryaramaze gutangwa ryo kwimura abantu bashobora guharurwa mu bihumbi.

Reta yarabwiye abantu ko izobafasha kuronswa ubundi buraro mu turere twemejwe kandi iragabisha abanka kugenda ko bashobora kwimurwa ku nguvu.

Ariko, abashikiranganji ntibarashikiriza ido n'ido ry'umugambi wo kubimura, kandi nta gitigiri c'abazokwimurwa kizwi n'ingene bazobimenyeshwa.

Umuvugizi wa reta yabwiye ibimenyeshamakuru vyo muri Kenya ko hariho ibigo 52, birimwo amazu y'amakoraniro, vyatunganijwe kugira ngo vyakire abantu bahuye n'ivyago, kandi ko bishobora kwongerezwa ni vyaba nkenerwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ikigo kigenzura ibirere kivuga ko imvura nyinshi izobandanya kugwa gushika ku wa mbere mu turere twinshi rw'igihugu.

Imvura nyinshi yarihaye inkumbi muri uyu mwaka kandi imyuzure imaze amayinga yarahitanye ubuzima bw'abantu bagera n'imiburiburi kuri 170.

Ariko gushika ubu, akaga kabaye i Mai Mahiu niko kabaye kabi kurusha ahandi.

Birumvikana ko hariho abizera ko ababo baburiwe irengero bashobora kuba bararokotse muri ako kaga.

Nancy Wanjiku yabwiye BBC ati: "Musazanje yari afise imyaka iharurwa muri za 70 yapfuye atwawe n'amazi".

Yaganiriye natwe yicaye mu bihomoka vy'ahahora inzu y'abavyeyi biwe.

Avuga ati: "Dawe na mawe bariho ariko twaratakaje ibintu vyose".

Hirya yaho, twabonye umugore yari yicaye iruhande y'ibarabara yunamye arira cane, ariko arasoma inkuru y'uko ikiziga c'umwana wiwe catowe.

Abakozi bo mu gisata c'ubutabazi baracarondera ibiziga vy'abandi bapfuye.

Twarabakurikiye ku nkombe zasenyutse z'uruzi Ngeya - benshi muri bo bari mu murwi w'urwaruka ufasha mu dukorwa utu na turiya, bambaye udupira tw'umuhondo, bafise amasuka, amarato (Rakes/râteaux ) n'inkoni bibafasha kurondera mu mashami y'ibiti vyaguye.

Bamwe muri bo bahagaze ku kirundo kinini c'amashami gipfutse inzu yasambutse. Iyo nzu yabamwo abantu 6 kandi abo bakozi bariketse ko bashobora kuba bari munsi y'ico kirundo.

Barahamagaye tingatinga iraza gukuraho ibihomoka ariko nta kimenyetso ko hari uwishwe n'amazi bahasanze.

Hafi y'aho, twahuye na Stephen Kamau w'imyaka 31, yariko arafasha umubanyi kurondera ibintu mu bihomoka vy'inzu yabo.

Stephen na mugenzi we bariko bararaba ko atacasigaye mu nzu
Insiguro y'isanamu, Stephen Kamau (iburyo) ariko aragerageza gufasha umubanyi

Yasiguye ati: "Ndiko ndagerageza gutora ibintu vyatwawe n'amazi no kurondera abantu baburiwe irengero.

"Navyutse nisanga mu yindi si. Ibintu vyose vyaratwawe n'amazi...Dufise ubwoba. Umutima wanje uravyimvye".

Amaja epfo, abajejwe ubutabazi batoye ikiziga c'umugore cari gipfutswe n'ibiti yenena hejuru y'ikiraro. Abantu baramenye ko yari asanzwe akora ahantu bogereza imiduga amasaha 24 kuri 24.

Uwundi mugore, atashatse kwivuga izina, yaje aho hantu kuraba ko yotora abavukanyi biwe batatu b'abakobwa batwawe n'amazi.

Yazuze ko musazawe yagiye kubarondera mu bitaro vy'aho hafi ariko ntacavuyemwo.

Yaraye adasinziriye atinya ko uwundi mwuzure womutera mu gihe yari gusinzira.

Ubwoba bw'umwuzure wateye mw'ijoro ryo ku wa Mungu - wadutse igihe amazi y'urugomero yisutse mu ruzi kubera umugende wari wazivye - nubu uracahari.

David Karanja avuye mu buruhukiro kuraba ikiziga c'umuhungu wiwe, Paul, yari afise imyaka icenda.

Ahagaze araba hasi n'ukuboko kwiwe kuriko igitambara, hafi y'igisenge c'inzu yiwe gikozwe mu vyuma igihagaze, mu gihe we n'umukobwa wiwe Veronica bariko baravuga ivyabashikiye.

David n'umukobwa wiwe Veronika mu kababaro ko gupfusha uwabo
Insiguro y'isanamu, Veronica Karanja w'imyaka17, na se David biganiye BBC ivyo uwabo yapfuye

Ku wa mbere, nk'abandi baba mu gace kegereye uruzi, bakanguwe n'umugende w'amazi asuma nk'isaha icenda y'ijoro mu masaha yo muri Kenya.

Bihutiye guca umuyagankuba kugira ntibafatwe nawo, ariko igihe David yugurura umuryango, Veronika yaciye atwarwa. Avuga ko yafashe ishami ry'igiti gushika amazi agabanutse.

Agarutse imuhira, ntiyashotse atora aho se yari ari - gushika yumvise abantu bahamagara izina ryiwe.

Yabwiye BBC ati: "Yaguweko n'ibuye. Igihe yariko aragerageza gutabara musazanje, ibuye ryavuye hejuru y'igihome rigwa ku kuboko kwiwe, aca ararekura Paul, n'ico gituma Paul yatwawe".

Uyu muryango wari ubeshejweho n'ubworozi - ubu vyose vyaraheze. Inkoko zabo 900 zose zarahonye. Mu ngurube 21 bari bafise, zitanu zonyene nizo zasigaye. Veronika avuga ati: "Ubu nta kintu na kimwe dufise".

Baratakamba ngo baronke ubufasha kandi Prezida Ruto yaremeye ko reta izobafasha igihe yari yagendeye ishuri ryo muri ako karere rihaye indaro abarokotse.

Abari ngaho babwiwe ko bazoronka ubufasha bwo gusubira kwubaka amazu yabo ariko atari hafi y'uruzi mu gihe abahinga basiguye ko bashobora gusubira mu vyago vyo gusamburirwa.

Perezida Ruto yavuze ko abayobozi batororokanije uturere twose mu gihugu dukunze guhura n'imyuzure n'isenyuka ry'imisozi kandi ko n'igisirikare casabwe kuja gufasha mu bikorwa vyo kwimura abantu.

Ntiyavuze aho bazojanwa, canke aho uburyo bwo kubafasha buzova, ariko yavuze ko ariko arakorana n'abafashanyabikorwa mw'iterambere.

Ariko umugambi wiwe urerekana ko Kenya - n'akarere ko mu buseruko bwa Afrika- ikunze guhura n'ibiza biterwa n'ihindagurika ry'ikirere, akavuga ko abona ko iki gihe kibi c'imvura ari kimwe mu ngorane z'igihe kirekire.