Nairobi irageramiwe n'imyuzure ikomeye

Ahavuye isanamu, Kenya Railways/X
Umukenguzamateka yagabishije ko imyuzure iri i Nairobi, ku murwa mukuru w'igihugu ca Kenya "yageze ku rugero ruri hejuru cane" kandi n'indongozi zo hasi zo muri ako karere "bigaragara ko zarengewe".
Edwin Sifuna, aserukira intara ya Nairobi, yagabishije ku rubuga hwaniro rwa X aho yashize amasanamu ya video yerekana ingene agacimbiri kose karengewe n'umwuzure w'amazi yuzuyemwo ivyondo.
Muri ayo masanamu, abanyagihugu bo muri ako gacimbiri baboneka bazibiwe n'imyuzure bayihungiye ku bisenge vy'amazu yabo.
Abandi baharurwa mu majana n'ababa ku nkengera za Nairobi nabo baratewe n'imyuzure yaje inyuma y'imvura yaraye iragwa.
Sinufa yavuze ati: "Turakeneye ko ibisata vyose bijejwe gutabara ko vyohamagarwa kuza gutabara abantu."
Iki gihugu giherereye mu buseruko bwa Afrika kimaze amayinga kigwamwo imvura y'isegenya.
Ku wa gatatu mu gatondo, igisata kijejwe amayira y'indarayi co muri Kenya (Kenya Railways) cavuze ko imyuzure yagize ingaruka ku mayira y'indarayi bigatuma uruja n'uruza rwa za gari ya moshi (itereni) rugorana.

Ahavuye isanamu, Kenya Red Cross/X
Iri shirahamwe ryavuze ko kubera impungenge z'umutekano, vyabaye ngombwa ko zihagarika ibikorwa vyaryo vy'imfatakibanza.
Amabarabara makurumakuru, harimwo amabarabara ya Mombasa na Thika, yararengewe n'amazi y'imyuzure, bituma haba umurongo munini w'imiduga ku mabarabara cane cane mu masaha yo mu gitondo abantu baba ari benshi mu nzira.
Ibarabara ryitiriwe Namanga risanzwe ricako imiduga myinshi cane, rija ku mupaka wa Tanzaniya, ryari ryarengewe n'amazi inyuma yaho uruzi rw'aho hafi rwa Athi rwuzuriye rukabomora inkombe zawo ku wa gatatu mu gitondo.
Ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge/Red Cross ishami ryo muri Kenya rivuga ko abakozi baryo bari mu turere twahuye n'imyuzure myinshi kurusha ahandi, mu bikorwa vyo kwimura abantu babajana ahantu hameze neza kandi rikabaha n'ibindi bintu vya nkenerwa bijanye n'ubutabazi.
Ababa mu duce tumwe tumwe tw'i Nairobi bisanze ataho gukika umusaya bagifise inyuma y'aho amazu yabo arengerewe n'imyuzure.
Bitegekanijwe ko imvura izobandanya kugwa.
Umwana w'umuhungu yatewe n'imyuzure yatabawe mu buryo bw'igitangaza
Umwana w'umuhungu w'imyaka 5 yari yatewe n'imyuzure ku wa kabiri yatabawe n'indege y'igipolisi i Yatta, ku birometero vyababa 120 uvuye i Narobi.
Igipolisi cavuze ko se w'uwo mwana yamusize wenyene igihe urugero rw'amazi rwari rutanguye kuduga.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryo gutabarana (International Centre for Humanitarian Affairs) ridaharanira inyungu, ryaratoye aho uyu mwana yari ari hakoreshejwe drone. Ryaciye ribimenyesha igipolisi, naco gica kirungika indege y'ubutabazi ivuye i Nairobi.
Ishami rya Croix Rouge muri Kenya rivuga ko kugerageza ubwa mbere gutabara uwo mwana hakoreshejwe ubwato vyabananiye kubera ikirere kitari kimeze neza.

Ahavuye isanamu, National Police Service
Ryongeye rivuga riti: "Uyu mwana, vyaboneka ko yahungabanyijwe n'ivyamushikiye inyuma yo kuguma mu mazi umwanya munini cane, yaratabawe akimeze neza aca ajanwa mu bitaro vyo hafi kugira bamwiteho".
Uretse Kenya, ubuseruko bwa Afrika bwose ubu buvugwamwo imvura nyinshi itera imyuzure ikomeye imaze kwonona ibitari bike.
Muri Kenya, imyuzure imaze kuba mu ntara 23 kuri 47 zigize igihugu.
Croix Rouge yavuze ko abantu 188 batabawe kuva imyuzure yatangura.
Ivuga kandi ko imyuzure yakuye mu vyabo imiryango irenga 11.200, irengera amahegitare y'imirima arenga 11.000 ihitana ubuzima bw'ibitungwa bibana n'abantu birenga 4.800.
Abantu bababa 35 baramaze gupfa kuva mu kwezi guheze kubera imyuzure n'abandi 100.000 bagizweko ingaruka, nkuko bishikirizwa n'ishirahamwe ONU, ryishimikije ibiharuro bishasha biheruka gutangwa na Croix Rouge.













