Impene yabaye rurangiranwa – ingene ingabire yo guheza amashure yamenyekanye cane

Promise Okoro ahagaze ngo yifate 'selfie' ari mu modoka n'impene yiwe.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Promise Okoro

Insiguro y'isanamu, Promise Okoro nta zina araha ico gitungwa ariko avuga ko gikunda kurya umuceri ukaranze
    • Umwanditsi, Adesola Ikulajolu
    • Igikorwa, BBC Pidgin
    • Umwanditsi, Makuochi Okafor
    • Igikorwa, BBC Afrika
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Igihe Promise Okoro yasohoka ahejeje ibibazo vya nyuma vyo guca urupapuro rw'umutsindo muri uku kwezi, yari yiteze ko haba ibirori bisanzwe vyo guheza amashure.

Abagenzi biwe baja bari hanze bariko barasasira bavuza umuziki banafata amasanamu muri uwo mugenzo ''wo gusozera'' ukundwa cane muri Nigeria.

Amashati yabo yera yari yuzuyeko ubutumwa bwayanditsweko n'abo bigana n'abandi babifuriza amahirwe – ikimenyetso c'urugendo basangiye mu mashure.

Ariko rero, muri iryo sinzi ry'abantu, haca haza nyina wa Promise, Chinyere, ariko arakwega impene.

Yahinduye umuhingamo wari usanzwe urimwo akanyamuneza iwugira igihe Promise n'abagenzi biwe batazokwibagirwa vuba.

Uwo muhungu w'imyaka 23 yize ivya 'pharmacie' (imiti yo kuvura) ubwa mbere yibaza ko urwamo yumva rwasigura ko hari umuhungu yagira abwire umukobwa ko yifuza ko bazokwubakana (yagira atange imvugano).

Ahubwo, yasanze abagenzi biwe bakikuje nyina wiwe, yariko ararondera inzira yo gushikira umuhungu wiwe, ariko arakwega buke buke impene inyuma yiwe.

''Narahimbawe cane,'' niko yabwiye BBC Pidgin. ''Naragize ibigumbagumba.''

Promise afashe ikiziriko c'impene. Nyina wiwe - mu mwambaro w'urwatsi rubisi w'umuco w'abanya-Nigeria - ariko aramuvugisha agoroye gatoyi ukuboko kw'i buryo. Bakikujwe n'abanyeshuri bigana.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Promise Okoro

Insiguro y'isanamu, Abigana na Promise bariginye igihe nyina wiwe yamushikiriza iyo ngabire
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga ko bitamumaramaje na gato. Ahubwo, abo bigana barabishimye cane.

Ico gihe carafashwe mu masanamu ya videwo mu kanya gato iba irakwiye ku mbuga hwaniro, abantu ibihumbi n'ibihumbi barabishima cane.

Ku bantu batamenyereye ubumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria, impene ishobora kubonwa nk'ingabire (canke impano mu Kinyarwanda) idasanzwe yo ku munsi wo kurangiza kaminuza. Ariko mu ba-Igbo, ibitungwa bishobora kugira insiguro nini cane mu muco wabo.

Ni ingabire z'agaciro kanini, akenshi zitangwa mu kwerekana icubahiro, ugushima n'umutima mwiza kandi bijana n'iminsi mikuru ikomeye nk'ubukwe bukurikije imigenzo ya kera, iminsi mikuru yo mu muryango, hamwe n'ibirori vyo gutera iteka abageze mu zabukuru n'abashitsi badasanzwe.

Promise nta zina araha iyo ngabire yiwe.

Bamwe baribajije ico uwo ahejeje kaminuza ategekanya gukoresha ico gitungwa ciwe – ariko yabwiye BBC ko gisigaye ari nk'umugenzi wiwe ku buryo atazokwigera akirya.

''Ubu ni nk'igitungwa co mu nzu, gifise agaciro kanini kuri jewe, nta mugambi mfise wo kucica.''

Mu vy'ukuri, umugambi ni uwo kurondera ishashi y'impene hanyuma ayororane n'iyo suguru.

Gushika iboneke, iyo suguru ya Promise izoguma ifise ikibanza kidasanzwe aho uwo muhungu aba aho iguma itembera mu mwidegemvyo mbere ikaba ifise ingeso zimwe zimwe nk'izo abantu.

''Ndamaze kubona ko ikunda cane umuceri ukaranze! Ukuntu irya umuceri ukaranze mba nasigaje - irawuyoragura,'' niko Promise avuga ariko aratwenga.

Mu kantu isigaye ifise ko kumera nk'aho ari intwari muri ako karere, iyo mpene yaraherekeje Promise kw'isoko rya kijambere (supermarché) aho abagenzi biwe batanganywe mu gufata amafoto iyo ntungwa.

''Twaruriranye imodoka kuva aho mba gushika kw'isoko... yari itekanye [n'ubwo] isigaye ari rurangiranwa – isigaye izwi cane kundusha.

"Ndayitembereza kandi kw'ibarabara iwacu rimwe rimwe ku mugoroba.''

Promise ubu ntiyungutse umugenzi mushasha gusa ariko kandi no kuba ashimagizwa cane na nyina wiwe Chinyere – iyo ngabire yari inzira yiwe yo kuvuga ati ''Uranshimisha cane'' kandi yashaka ko bose babimenya.

Promise yegamiye igiti c'itara ryo kw'ibarabara yambaye ipantaro y'ishike n'umupira w'urwatsi rubisi. Impene iri iruhande yiwe izirikiye kuri ico giti.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Promise Okoro

Insiguro y'isanamu, Iyo mpene ubu isigaye ari nka rurangiranwa

Yagize urugendo, agenda arakwega impene, isaha irenga kuva Ubaha-Eze, mu kibano gitoya c'aborozi aho umuryango wiwe uba, kugira atangaze umuhungu wiwe kuri Kaminuza ya Nekede mu ntara ya Imo.

Chinyere hari igihe yari yarifuje ko yogurira umuhungu wiwe ikintu kinini atari ico – umwakaka w'imodoka nshasha.

Avuga ati: ''Nta mafaranga nari mfise yo kugura ijipe ya 4Matic – ndakunda iyo modoka – nca mvuga nti reka ngure iyo ngabire ntoya.''

4Matic ni Mercedes-Benz SUV – imodoka avuga ko yari irenze ubushobozi yari afise.

Chinyere ni umucuruzi agurisha ibidandazwa bitandukanye, birimwo ivyo kurya n'ibinyobwa.

Urudandazwa rugize igihe rutagenda neza ariko n'ubwo biri uko yari yiyemeje ko azoshitsa isezerano yari yarahaye umuhungu wiwe.

Igihe yinjira muri kaminuza yari yavuze ko azohabwa agashimwe hamwe yoguma kure y'imigwi y'agakuku n'abandi bashobora kumujana mu ngeso mbi hanyuma ntahebe ishure. Promise neza na neza ni ivyo nyene yakoze.

None nyina wiwe yashaka kuguma kw'ijambo. Iyo mpene yayiguze ama naira (amafaranga yo muri Nigeria) 120.000 ($88; mu mafaranga y'Uburundi ni hafi 260.000 ku rugero rwo muri banki).

''Abantu barakunda umuhungu wanje, nashaka kugaragaza ko akundwa,'' niko yavuze.

''Aho ninjiriye ngasanga umunsi mukuru wabaye umunsi mukuru koko, umutima wanje warahimbawe no kumenya ko umuhungu wanje aja kuryoherwa hamwe na twe niyamara gusohoka.''

Ifoto yo mu rubavu y'impene y'ibara ry'umugina n'igitare. 
Ikiganza n'isaha ku kuboko, kiboneka kiriko kirakora ku mugongo w'iyo mpene.

Ahavuye isanamu, Courtesy of Promise Okoro

Insiguro y'isanamu, Impene ya Promise iboneka ayijanye kuyitembereza ku mugoroba

Kuri Promise, imigenderanire na nyina wiwe irenze uwo munsi mukuru.

Avuga ati: ''Mama ni umuntu yorosha ibintu.''

''Nta na kimwe nshobora kumuhisha kandi igihe cose haba hari ikimuzazaniye, aca ampamagara akambaza ico ndaciyumvirako.''

Nk'umuntu yize ibijanye n'imiti yo kuvura, Promise yamye avuga ko ashaka gufasha abarwaye muri Nigeria.

Arazi ko benshi mu bize ibijanye no kwa muganga bavuye mu gihugu baja kurondera ahasumba ahandi mu mahanga, mu gihe abagumye mu gihugu akenshi bakora mu buryo bugoye.

Ariko we ashaka kuguma mu gihugu kugira aterere mu guteza imbere igisata c'amagara gihanzwe n'ibibazo vyinshi muri Nigeria.

Mu gihe akirindiriye kumenya amanota yiwe ya nyuma, arizeye ko yakoze neza. ''Niba hari urutonde rwa 50 ba mbere, novuga ko ndi umwe muri abo.''

Abaheza kaminuza muri Nigeria bari ku rugero rwa 11,3 ku bantu 100. Basumba gatoya urugero muri rusangi rwa 10.5 ku bantu 100 muri Afrika yo munsi y'Ubugaragwa bwa Sahara, ariko rukaba munsi y'urugero rwa 17,6 ku 100 mu bihugu aho umwimbu ku munyagihugu uri hagati ya $1.176 na $4.635 (hagati y'ayarenga 5.000.000 na 13.000.000 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki) ku mwaka.

Kuri Promise, kurangiza amashure rero si uwundi murongo ku rupapuro rw'umutsindo.

Ni intambwe ikomeye nyina wiwe yari arindiriye guhimbaza. None, ubu, avuga ko ari igihe ciwe.

''Ukuntu yantangaje, nzokora ibishoboka vyose ndamusubirize mu ndumane.''

Ico ari co cose Promise azoronka nk'ingabire yoha nyina, bizogora kukigereranya n'ico we yamuhaye: impene y'umugina, yaje avanye i muhira mu rukundo n'ishaka – Ingabire isanzwe yahuje abantu ibihumbi bakurikiye ivyo birori ku mbuga hwaniro.