Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi kuri uno wa Mungu: Caicedo, Lavia, Adams, Schmeichel, Paqueta, Iwobi, Neymar

Caicedo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Chelsea iri hafi yo gushira umukono ku masezerano n'umukini wo hagati wa Brighton Moises Caicedo, w'imyaka 21, ku kiguzi ca miriyoni 115 z'ama pound (£) mu gihe uwo mukinyi aturuka muri Equateur yiteguriye kubenga Liverpool. ((Sunday Telegraph)

Umwumvikano wa Caicedo na Chelsea ni amasezerano yo gushika mu kwezi kwa Ruheshi (6) mu 2031 hariko n'ugushobora kwongerako umwaka umwe hakurukijwe ivyo uwo mukinyi yemeranije n'uwo mugwi muri Rusama (5).(Fabrizio Romano)

Liverpool igiye kandi kurushwa na Chelsea mu kurondera umukinyi wo hagati w'Ububirigi Romeo Lavia, yimirije kuva Southampton aja Stamford Bridge kuri miriyoni 55 z'ama pound. (Mail)

Nyene Liverpool John Henery vvitezwe ko azoba ari Stamford Bridge ku rukino rwayo rwa mbere muri Champions League ruja kubahuza na Chelsea, urukino rushobora kurandisha imitsi iyo migwi ibiri mu gihe hariko haraba igurwa ry'abo bakinyi. (Sunday Mirro).

Umunyegori wa Danemark Kasper Schmeichel, w'imyaka 36, yitezwe kuja muri Chalsea avuye muri Nice kugira asubirire umunya-Espagne Kepa Arrizabalaga, w'imyaka 28, nawe akaba agiye kumara ikiringo kimwe c'umwaka w'inkino nk'intizo muri Real Madrid. (Guardian)

Brighton irashaka Tyler Adams, w'imyaka 24, asanzwe akina muri Leeds kuva Chelsea ihevye umwumvikano bari bagiranye n'uwo mukinyi aturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n'umukinyi wa Ajax aturuka muri Ghana Mohammed Kudus, w'imyaka 23, mu gihe ishaka gusubiriza Caicedo, (Independent)

Umumenyereza wa Mancester City Pep Guardiola ntahema ataronse umunya-Brezil akina hagati muri Westham Lucas Paqueta, w'imyaka 25, inyuma y'aho Kevin de Bruyne agiriye imvune mu rukino batsinze 3-0 Burnley. (Talksport).

Umukinyi w'inyuma wa Manchester United n'Ubwongereza Harry Maguire, w'imyaka 30, ntaremeza amasezerano yiwe ya miriyoni 30 z'ama pound kugira yimukire muri West Ham. (Sun)

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Westham yiteguriye guhiganirwa Umufaransa w'umusatirizi muri Montpellier, Elye Wahi, w'imyaka 20, ariko araronderwa kandi na Chelsea na Eintracht Frankfurt. (L'Equipe )

Bayern Munich barizeye ko bazokwinjiza amafaranga afadika mu kugurisha udupira turiko izina rya Harry Kane, kugira abafashe kuzibira ikinogo casizwe n'amafaranga menshi bahaye Tottenham mu kugura kapiteni w'Ubwongereza, w'imyaka 30. (Sunday Mirror)

Tottenham izosohora amafaranga menshi yayo ya mbere ya miriyoni 55 z'ama pound mu kugura abakinyi kugira ironke umusatirizi wo ku rwego rwa mbere wo gusubiriza Harry Kane inyuma yo kugurwa n'umugwi wo muri Bundesilga. (football Insider).

Everton iracari mu biganiro n'umukinyi wo hagati w'umunya-Nigeria Alex Iwobi, w'imyaka 27, ku masezerano mashasha mu gihe yinjiye mu mwaka wa nyuma w'amasezerano yahahora. (Liverpool Echo)

Paris St-Germain bivugwa ko yemeye ikuguzi catanzwe n'umugwi wo muri Arabia Saudite Al-Hilal kugira utware umunya-Brezil akina imbere Neymar, w'imyaka 31. (RMC Sport via Get Football News France)

Ariko ku bw'ayandi makuru, Neymar 'arashushe' ku ciyumviro ko yosubira muri Barcelona mu gihe aboneka nk'uwushaka kuva muri PSG uko bigenda kwose. (Sport)

Ariko umumenyereza wa Barcelona Xavi afise impuengenge ko Neymar ashobora guhungabanya icuka ciza mu bakinyi b'i i Nou Camp. (Marca)

Real Sociedad yakuye ku nzira iciyumviro co kugura umunya-Hollande akina hagati, Donny van de Beek, w'imyaka 26, wo muri Manchester United. (Mundo Deportivo via MEN)