'Abagize imyiyerekano bashaka gutembagaza ubutegetsi'-umushikiranganji wa Kenya

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu muri Kenya avuga ko abapolisi berekanye 'ukwifata bidasanzwe'

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu muri Kenya avuga ko abapolisi berekanye 'ukwifata bidasanzwe'
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga & Gladys Kigo
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umushikiranganji w'inwaro yo hagati mu giihugu wa Kenya arahakana ko igipolisi cakoresheje inguvu z'umurengera mu myiyerekano yabaye kuri uyu wa gatatu, aho n'imiburiburi abantu 10 bishwe, avuga ko "bari abitwaje iterabwoba bihinduye abatavuga rumwe na reta" kandi ko "ryari igeregeza ridakurikije ibwirizwa shingiro ryo guhindura reta.

Kipchumba Murkomen yashimiye ibigo bijejwe umutekano "ku kwigumya bidasanzwe ku gasomborotso karenze urugero bagiriwe" anabashimira kuba barafashije "kuburizamwo igikorwa co gushaka gutembagaza ubutegetsi.".

Kuri abo bantu 10 bapfuye, hiyongera ko abandi barenga 400 bakomeretse, harimwo abapolisi 300, nkuko abivuga.

Yagize ati:"Turateye ivyatsi abitwaza ubwicanyi, binyegeza inyuma y'abagira imyiyerekano mu mahoro kugira batere imidurumbanyo, bibe, bafate abantu ku nguvu bongere basambure ibintu vy'abanyagihugu."

Yongerako ko, ibibanza bikomeye vya reta hamwe n'ibiro vyatewe muri iyo myiyerekano, aho ibirindiro vy'igipolisi icenda vyagizweko ibitero, bitanu muri vyo biraturirwa - inkoho zitanu na ziribwa.

Avuga ko kandi imodoka zirenga mirongo ibiri z'igipolisi, reta n'abasivire, zamenaguwe

Murkomen yavuze ko amatohoza ariko arabandanya ku gitigiri nyaco c'ivyononekaye n'icateye iyo midurumbanyo.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International rivuga ko abapfuye bashika 16, kandi ko abapfuye bose bari bafise ibikomere biturutse k'ukuraswa n'inkoho.

David Mwangi w'imyaka 19, yahora aba i Mukuru mu gisagara ca Nairobi, ari mu bishwe barashwe.

Nyina wiwe yabwiye BBC ko yariko ararengana agiye gutora mutoya wiwe yari gusubiramwo ivyigwa. Uwo mugore Rachael Nyambura Mwangi yari yuzuye amarira, yavuze ko urusoro rwaciye mu mutwe w'umuhungu wiwe.

Yagize ati:"Ndababaye cane."

"David yari afise icizere co kuja muri 'College' kugira yige gukora ivyuma. Yari imfura yanje kandi ni we yamfasha. Nkeneye kuvoma amazi canke ikindi kintu, ni we natuma. Ndandaza ibijumbu, rero kwongereza ivyo mfise, ni we natuma."

Dennis Njuguna yarashwe ageze mu mwaka wa nyuma w'amashure yisumbuye.

Ahavuye isanamu, Jecinta Gathoni

Insiguro y'isanamu, Dennis Njuguna yarashwe ageze mu mwaka wa nyuma w'amashure yisumbuye.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umunyeshure w'imyaka 17 Dennis Njuguna, yishwe arashwe i Molo, ku birometero 170 mu buraruko bushira uburengero bwa Nairobi, inyuma gato yo kuva kwishure.

"Sinsi nimba yari hagati na hagati y'abari mu myiyerekano canke ko yarashwe atari we urusoro rwarondera. Nta vyo nzi arikonumvise ko yarashwe, agwa hasi aca arapfira aho nyene," uko ni ko nyina Jecinta Gathoni avuga.

"Umwana wanje yari akiri muto, yariko ararangiza umwaka wa nyuma w'amashure yisumbuye. Yari afise indoto ziwe, nanje kandi nari ndamufitiye icizere kinini. Nta n'inguvu ndaronka zo kuja mu buruhukiro kuraba ikiziga ciwe."

Abari mu myiyerekano bariko baribuka umwaka urangiye habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza reta yahitanye abantu benshi.

Ku musi wa Gatatu, abantu ibihumbi n'ibihumbi barihereje amabarabara berekana ishavu bafitiye reta ya prezida William Ruto, no gusaba ko igipolisi gihagarika gukoresha igikenye.

Benshi mu bari mu myiyerekano baririmba "Ruto nahave" bazungagiza amashami y'ibiti nk'ikimenyetso co kwiyamiriza mu mahoro ubutegetsi bwiwe.

Reta yarahagaritse ibiganiro vy'ikibiriraho ku mboneshakure na Radio kuri iyo myiyerekano, n'aho iyo ngingo yateshejwe agaciro na sentare nkuru y'i Nairobi. Iyo ngingo yaciye ikurwaho.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yariyamirije ingingo zafashwe n'igipolisi n'igihugu.

Ishirahamwe 'The Law Society of Kenya' ryavuze ko "habaye uguhohotera bidakenewe no gukoresha inguvu z'umurengera" kw'abajejwe umutekano, vyatumye nko ribivuga "haba abatakaza ubuzima ata co bazira".

Ku musi wa Gatatu, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yavuze ko abapolisi batatu bakomeretse.