Aba Islam muri Nigeria bafashwe kubera kurya ku mugaragaro muri Ramadan

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Mansur Abubakar
- Igikorwa, BBC News, Abuja
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Igiporisi ca Islam mu ntara ya Kano mu buraruko bwa Nigeria ku wa mbere carafashe aba Islam babonywe bariko bararya bongera banywa ku mugararo, hamwe n'abafashwe bariko baragurisha ivyo kurya ku munsi wo gutangura ikiringo c'amafungo ya Ramadan, aho aba Islam bategerezwa kwisonzesha kuva mu mutwenzi gushika izuba rirenze.
Icegera c'umukuru wa Hisbah, Mujahid Aminudeen, yabwiye BBC ko abantu 20 bafashwe kubera batisonzesheje abandi batanu kubera bariko baragurisha ivyo kurya, kandi ko ibikorwa vyo gufata bene abo bantu bizobandanya gushika ukwezi guhere, kukaba kwatanguye ku wa gatandatu.
''Ni ngombwa ko abantu bamenya ko ataco turondera ku batari aba Islam,'' niko yavuze.
Aminudeen yavuze ko ''kutubaha'' Ramadan mu buryo ubwo ari bwo bwose bitazokwihanganirwa.
''Biravuna umutima kubona mu gihe nk'iki c'ukwezi gutagatifu kugenewe kwisonzesha, aba Islam bakuze baboneka bariko baranywa bongera barya ku mugaragaro. Ivyo ntituvyihanganira nico gituma twagiye ahabona tugafata abantu,'' niko yavuze.
Yavuze ko bose uko ari 25 bagirijwe muri sentare ya Sharia (itegeko rya Islam) kandi bazohanwa hisunzwe amategeko.
Uwo mutegetsi wa Hisbah yavuze ko rimwe na rimwe baronka ababavunira akagohe iyo hari ababonywe bariko bararya.
''Turaronka abantu baduhamagara [kuri terefone] bashavujwe no kubona abantu bariko bararya ku mugaragaro kandi duca twihuta kuja aho hantu kugira tubafate.''
Yanemeje ifatwa ry'abandi bantu babonanywe ''insokozo y'umushatsi itabereye'', abambaye amabutura agera haruguru y'amavi hamwe na tukutuku zitwaye abagore n'abagabo bicaranye.
MU mwaka uheze, abafashwe kuko batisonzesheje barekuwe babanje kwemera ko bagiye kwisonzesha, mu gihe incuti za bamwe bamwe canke ababajejwe babanje gutumwako kugira bahabwe amategeko yo gucunga ko bisonzesha.
Abafashwe uyu mwaka ayo mahirwe ntibayaronse kuko bazoburana muri sentare.
Haraheze imyaka 20, Sharia, canke itegeko rya Islam, rishinzwe ngo rikorane n'amategeko asanzwe mu ntara 12 za Nigeria y'uburaruko zifise ubwiganze mu bwinshi bw'abanyagihugu b'aba Islam. Sharia ntikora ku ba Kristu b'inkehwa baba muri izo ntara.
Ramadan, ukwezi kw'icenda kw'ikirangaminsi ca Islam, gufise insiguro ikomeye muri Islam.
Muri uku kwezi niho aba Islam bemera ko uturongo dutanu twa mbere twa Quran - igitabo cerenda ca Islam - twahishuriwe Intumwa Muhammad.
Kwisonzesha ni imwe mu Nkingi Zitanu za Islam, zigize umushinge w'ingene aba Islam basabwa kubaho ubuzima bwabo. Kwisonzesha biba mu masaha y'umurango (habona).
Ramadan ubundi imara iminsi 29-30, uyu mwaka ikaba yitezwe kuzorangira ku wa 30 Ntwarante (3).












