Perezida Putin w'Uburusiya yakuye umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi

    • Umwanditsi, Na Robert Plummer
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yasubirije incuti yiwe yo kuva kera Sergei Shoigu mu kibanza c’umushikiranganji wo kwivuna abansi, nk’uko Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) ibitangaza.

Uno mugabo w’imyaka 68 yari muri kiki kibanza kuva mu 2012, agashobora guca agenwa kuba umunyamabanga w’Inama nkuru y’Uburusiya ijejwe umutekano.

Inyandiko zasohowe n’inama nkenguzamateka y’Uburusiya zerekana ko Shoigu azosubirirwa n’icegera c’umushikiranganji wa mbere, Andrei Belousov.

Shoigu yagize uruhara rudasanzwe mu ntambara y’Uburusiya muri Ukraine.

Inyandiko za reta y’Uburusiya zerekana ko Putin yipfuza ko Shoigu na we asubirira Nikolai Patrushev muri iki kibanza mu nama y’igihugu ijejwe umutekano, urwego rukomeye cane mu gihugu. Amabanga mashasha ya Patrushev azoca ahabwa ntaramenyekana.

Shoigu afitaniye ubucuti bwa hafi na Perezida Putin, mbere bakaba bakunze kujana mu ngendo ziwe zo kuroba mu ntara ya Siberia avukamwo.

Yahawe amabanga yo kuba umushikiranganji wo kwivuna abansi ata n’ivya gisirikare yari azi, ivyashavuje bamwe mu ntwazangabo nkuru z’igihugu.

Nk’uwize ivy’imyuga (Ingénieur civil/civil engineer), Shoigu yatanguye kumenyekana igihe agenewe kurongora ubushikiranganji bujejwe ubutabazi no gufasha abahuye n’ibiza mu myaka ya 1990.

Yagiye aboneka ko amabanga yo kurongora ubushikiranganji bwo kwivuna abansi amuroka, cane cane igihe Uburusiya butanguriye intambara yuzuye kuri Ukraine, haraciye imyaka ibiri irenga, nk’uko bivugwa na Danny Aeberhard, umuhinga wa BBC ku vyerekeye ibibazo vy’Ubulaya.

Mu 2023, Shoigu yaracanyemwo n’uwari umukuru wa wa muhari w’abacangero wa Wagner Yevgeny Prigozhin ku vyerekeye ingene Uburusiya bwariko burarwana intambara yabwo muri Ukraine.

Mu migumuko yateje ikamara akanya gato, Prigozhin yagirije Shoigu ko ari “imburakimazi” kandi ko ari “umutama ayayata” mu butumwa bw’ijwi bwazungurutse cane.

Uno mukuru w’abacangero yapfiriye mw’isanganya ry’indege yariko iva i St Petersburg ija i Moscou mu kwa munani 2023. Kremlin yahakanye ko ata ruhara yagize mu rupfu rwiwe.

Uwiteze gusubirira Shoigu, Belousov, ni umuhinga mu bijanye n’ubutunzi akaba ata kahise kanini afise mu vya gisirikare, mbere igenwa ryiwe rikazotangaza bamwe.

Ariko abandi bahinga babona ko iyi ngingo yerekana ko Perezida Putin arondera uwoshobora guhuza ubutunzi bw’Uburusiya n’utwigoro tw’intambara.

Umuvugizi w’igisata kijejwe kumenyesha amakuru muri Kremlin Dmitry Peskov avuga ko igenwa ry’uno musivire mu kibanza c’umushikiranganji wo kwivuna abansi ryerekana Kremlin ikeneye “uwuzana bishasha”.

Avuga ko Uburusiya butera busa n’icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti hagati mu myaka ya 1980, igihe igice kinini c’umutungo w’igihugu cashirwa mu gisirikare.

Avuga ko ari ngombwa rero ko hakorwa ibishoboka vyose kugira ngo amafaranga akoreshwa mu gisirikare ajane neza n’ubutunzi bw'Uburusiya.

Ati: "Umuntu yugurukiye cane kuzana bishasha ni we azotsinda urugamba".

Umwanditsi mukuru wa BBC ku Burusiya Steve Rosenberg avuga ko isubirizwa rya Shoigu atawe ritangaza, kuko vyaboneka ko amabanga yiwe yari yamurengeye mbere bikaba vyanavugwa ko yashobora gutakaza ikibanza ciwe. Intambara y’Uburusiya muri Ukraine yagiye ihura n’ibibazo vya gisirikare no gutakaza abantu benshi n’ibintu vyinshi.

Mu kwezi guheze, icegera c'umushikiranganji wo kwivuna abansi - Timur Ivanov - yaragirijwe kurya ruswa, arafatwa arapfungwa, ikintu c'imbonekarimwe ku mutegetsi wo hejuru nk'uyu. Ivanov yari azwi nk'incuti pfa mpfe ya Shoigu kandi yarakoranye na we mu kiringo c' imyaka myinshi.

Steve Rosenberg avuga ko igenwa ry’umuhinga mu vyo ubutunzi nk’umushikiranganji wo kwivuna abansi vyerekana ko Kremlin yahinduye mu vyo ishira imbere. Ubutunzi bw’Uburusiya ubu buri mu ntambara, rero ni ngombwa ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buronka amafaranga akwiye bwokoresha mu ntambara.

Nk’uko bivugwa n’abategetsi b’igihugu batavugwa amazina basubirwamwo n’ikinyamakuru cigenga The Bell co mu Burusiya gikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, Belousov abonwa nk’umuntu “adahobahoba mu kurwanira igihugu, abona ko Uburusiya bukikujwe n’abansi”.

Imbere y’uko aba icegera c’umushikiranganji wa mbere, yamaze imyaka itari mike akora nk’umuhanuzi wa Putin. Imbere y’aho, yari umushikiranganji ajejwe iterambere.

Avugwa ko yari umuntu umwe rudende mu bahanuzi ba Putin mu vy’ubutunzi yashigikiye ukwigarurira Crimée/Crimea mu 2014.

Ku wa kabiri w’indwi iheze niho Putin yarahirira ikiringo kigira gatanu nk’umukuru w’igihugu inyuma yo gutsinda amatora aheruka mu Burusiya ku majwi 87%, aho ata muntu akomeye yahiganywe na we. Arongoye Uburusiya kuva mu kwa gatanu 2000.

Umwe mu bari bagize reta azoguma mu kibanza ciwe ni inararibonye Sergei Lavrov, umushikiranganji w’imigenderanire.