Igisirikare ca Nigeria cishe aba sivire 16 mu gitero c'indege 'cihenze'

Ahavuye isanamu, Nigeria Air Force HQ/Facebook
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga i Nairobi & Nkechi Ogbonna i Lagos
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Abanyagihugu basanzwe [abasivire] bo mu ntara ya Zamfara yo mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria bishwe n'igitero c'indege, mu gisa n'uko bitiranijwe n'imigwi y'inkozi z'ikibi.
Abahaba babwiye ibinyamakuru vy'aho ko abishwe bari abo mu migwi yo kwirarira hamwe n'abanyagihugu basanzwe bigwanako mu kwirinda ibitero vy'inkozi z'ikibi zitwaje ibigwanisho inyuruza abantu kugira isabe ingwati yo kubarekure.
Ivyo bitero vyo mu kirere vyarondera iyo migwi y'inkozi z'ikibi yo mu turere twa Zurmi na Maradun. Umukuru w'intara yahojeje abo batewe.
Igisirikare cemeye ko cagavye ibitero vyo mu kirere, aho kivuga ko ''vyahwikiye ababandi batera ubwoba ibigwati vyo muri ako karere''.
Igisirikare ca Nigeria co mu kirere (Nigerian Air Force, NAF) cavuze ko kiriko kiratohoza ''ibivugwa ko hari abo mu migwi yo kwirarira bishwe''.
''Mu gihe ico gikorwa cagenze neza kikica ababandi benshi kikanatuma habohorwa bamwe mu bari banyurujwe, NAF irahagaritswe umutima cane n'ibivugwa ko hari abasivire bishwe muri ico gikorwa,'' niko ico gisirikare cavuze mw'itangazo.
''Cavuze ko amatohoza yuzuye ariko arakorwa'' azokwerekana ukuri ku vyabaye, hanyuma kuzoca ''kumenyeshwa bihumurize abantu''.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryasubiyemwo umuntu aba ngaho avuga ko abo basivire igihe baterwa amabombe bari bagarutse mu bigwati vyabo bahejeje kwirukana ababandi.
Ababa muri ivyo bigwati ''begeranije abantu 16 bishwe n'ivyo bitero hanyuma bajana abandi benshi bakomeretse cane kwa muganga'', nk'uko bivugwa na Sa'idu Ibrahim yasubiwemwo na AFP.
Ishirahahamwe riharanira ubureganzira bwa zina muntu Amnesty International, ishami ryo muri Nigeria, ryo rivuga ko abishwe ari 20 mu gihe abakomeretse baharurwa mu mirongo muri ico gitero ku kigwati ca Tunga Kara, ica isaba abategetsi gukora amatohoza ''ubwo nyene kandi ataho ahengamiye''.
''Kugaba ibitero vyo mu kirere nta na hamwe ari uburyo bubereye bwo kwubahiriza amategeko. Uko gufata ibintu minenerwe mu gukoresha inguvu zica biteye kubiri n'amategeko, biteye ishavu kandi bigaragaza ingendo y'igisirikare ca Nigeria yo kutanegwa ubuzima bw'abanyagihugu kibereyeho kugira gikingire'', niko yavuze mw'itangazo.
Muri iyi myaka ya vuba, inzego zijejwe umutekano za Nigeria zimaze igihe zigwana n'imigwi y'inkozi z'ikibi ikomeye cane, izwi nk'ababandi, bayogoza intara zo mu buraruko bushira uburengero. Abo babandi baratera ibigwati, bagaturira ingo bakica bakongera bakanyuruza abantu kugira basabe ingwati.
Bimaze gishika kenshi hakaba ukwihenda mu bitero vy'indege muri aya mezi aheze harimwo ico ku munsi wa Noheli caguyemwo abantu nibura 10 mu ntara ya Sokoto ihana urubibe na Zamfara.
Mu 2023, abantu nibura 85 b'abasivire, cane cane abana n'abagore, bari mu mu rubanza rw'aba Islam mu gisagara co muri Kaduna barishwe inyuma yo kubibihendako ngo ni ababandi.
Mu kwezi kwa Nzero (ukwa mbere) mu 2017, abandu 112 barishwe igihe indege yarasa ikambi yarimwo abantu 40.000 bari beteshejwe izabo n'intureka y'abagwana biyitirira izina rya Islam (djihadist) hafi y'uburubibe na Cameroun.









