Afrika y’Epfo n’Uburusiya vyiyemeje gukomeza ubucuti bwa gisirikare

Umusirikare wa Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Gallo Images

Yatangajwe

Abategetsi bakuru ba gisirikare ba Afrika y’Epfo n’Uburusiya bumvikanye gukomeza ubucuti, hamwe no kwongereza uburyo bw’ibisirikare vy’ibi bihugu mu bijanye no kwama vyiteguriye intambara, hari mu biganiro bagiriraniye i Moscou, nk’uko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta TASS risubiramwo ubushikirangsnji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi.

Ibi biganiro vyo ku rwego rwo hejuru bije inyuma y’aho umuserukizi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Pretoria (umugwa mukuru wa Afrika y’Epfo), Reuben Brigety, yagirije Afrika y’Epfo ko iha ibirwanisho n’amasasu Uburusiya, n’aho yama ivuga ko ataho yegamiye mu ntambara yo muri Ukraine.

Umukuru w’ingabo za Afrika y’Epfo zirwanira ku butaka, Liyetena-Jenerali Lawrence Mbatha, ni we yarongoye ibiganiro ari kumwe na mugenziwe w’Uburusiya, Oleg Salyukov, i Moscou, nk’uko bivugwa na TASS.

"Impande zompi zavuganye ibijanye n’ugufashanya mu vya gisirikare, hamwe no gushira mu ngiro imigambi ijanye no gutegura ibisirikare vy’ibi bihugu vyompi kugira vyame vyiteguriye intambara.

"Iyi nama hagati y’aba bakuru b’ingabo yashitse ku masezerano yo kubandanya kwagura ugufashanya hagati y’ingabo zirwanira ku butaka mu bisata bitandukanye”, nk’uko bivugwa n’ubu bushikiranganji.

Mu ndwi iheze, Afrika y’Epfo yagiye kwisanga mu ngorane mu bijanye n’imigenderanire na Amerika igihe Brigety avugiye ko afise ivyemezo vyose ko hari ibirwanisho n’amasasu vyapakiwe ubwato bw’Uburusiya ku kirindiro c’igisirikare kirwanira mu mazi muri Cape Town mu kw’icumi na kabiri.

Afrika y’Epfo ivuga ko ata makuru y’igurishwa ry’ibi birwanisho ifise, ariko Perezida Cyril Ramaphosa yategetse ko hakorwa amatohoza kuri ibi birego.

Mu kinyamakuru ciwe ca buri ndwi yasohoye ku wa mbere, Perezida Ramaphosa yavuze ko Afrika y’Epfo iriko iterwa “igitsure kidasanzwe” isabwa kugira aho ihagaze ku ntambara ya Ukraine, ariko ko itazobikora muri “zino ndyane ziri mu bisanzwe hagati y’Uburusiya n’Uburengero”.

Igisirikare ca Afrika y’Epfo (South African National Defence Force, SANDF) kiremeza ko abategetsi bakuru ba gisirikare bari i Moscou.

"Ni ngombwa ko tumenyesha ko Afrika y’Epfo ifitaniye imigenderanire ya gisirikare n’ibihugu bitandukanye ku mugabane no hanze yawo”, niko biri mw’itangazo rya SANDF, ikongerako y’uko uru rugendo rwo mu Burusiya rwari rwateguwe imbere y’igihe.

Umugambwe mukuru utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, Democratic Alliance (DA), uvuga ko uru rugendo ari akandi karorero “gateye isoni” kerekana ko reta ya Afrika y’Epfo ishigikiye Uburusiya.