Uganda: Umusunikano mu giteramo c'umwaka mushasha wishe abatari bake

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu nibura icenda bapfuye mu musunikano mu giteramo co kwigina umwaka mushasha i Kampala, umurwa mukuru wa Uganda.
Hari abana baguye muri ico cago, cashitse mw’isoko rya kijambere (shopping center) ahari hateguwe guturitswa ibimuri, feux d’artifices/fire works.
Umwe mu babibonye yasiguye ko abantu -harimwo n’umugenzi wiwe – bishwe no kubura isaganirizo igihe bagoterwa hagati y’isinzi ry’abantu bariko baraja mu nzira zihushanye.
Abantu bararekuriwe guhura ari benshi buca ari umwaka mushasha, ubwa mbere kuva ikiza ca Covid giteye.
Igiporisi muri Kampala cavuze ko abantu bari bitavye igiteramo c’umuziki (concert) kuri Freedom City Mall ari benshi cane.
Bivugwa ko umusunikano wabaye igihe abari muri ico giteramo bagerageza gusubira kwinjira – inyuma yo gusohoka bagiye kuraba ituritswa ry’ibimuri (feux d’artifice/fire works) sasita z’ijoro.
Igitigiri c’abapfuye cashizwe kuri cenda inyuma y’aho abantu batari bake bajaniwe mu bitaro.
Umwe mu babibonye, Ramadhan Aphongo,y abwiye imboneshakure yo muri Uganda NTV ko umwe mu bagenzi biwe ari mu bahaguye: “Yariko araryoherwa, yariko arinezereza, …ariko kubera kubura impwemu, hayavuye apfa.””










