Ivyo Putin asaba ngo amahoro aboneke vyiyamirijwe mu nama kuri Ukraine

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Sarah Rainsford
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru w'akarere ka Buraya y'Ubuseruko
- Yakoze inkuru ari, Ubuswise
- Umwanditsi, Dearbail Jordan
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, London
- Yatangajwe
Abategetsi b'Ubutaliyano n'Ubudagi biyamirije bivuye inyuma ivyasabwe na Vladimir Putin kugira intambara ihagarikwe muri Ukraine, mu gihe abategetsi baharurwa mu mirongo bari bakoraniye mu nama y'iminsi ibiri mu Buswise biga ingene ayo matati yohera.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubutaliyano Georgia Meloni yavuze ko iyo nteguro y'Uburusiya ari ''ikwiragiza'' [ry'ivyo Uburusiya bushaka] kuvuga ko Ukraine ''itegerezwa kuva muri Ukraine''.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Olaf Scholz nawe yayiyamirije avuga ko ari ''amahoro y'umukazo''.
Integuro y'itangazo rivuye muri iyo nama risubira gushimangira ubutavogerwa bw'ubutaka bwa Ukraine kandi rikiyamiriza ata guca irya n'ino gukangisha ico gihugu ibigwanisho ruhonyanganda vya nukereyeri.
Ku wa gatanu, Putin yavuze ko yokwemera ihagarikwa ry'intambara muri Ukraine hamwe ico gihugu covana ingabo zaco mu ntara zine Uburusiya bwigaruriye ibice ubu buvuga ko bwiyometseko.
Andriy Yermak, umukuru w'ingabo wa perezida Zelensky, yabwiye BBC muri iyo nama yo muri Swisse ko ata ''kizohebwa ku kwikukira, ubwigenge n'ubutavogerwa ku butaka''.
Putin yashize ahabona ivyo asaba mu gihe hari hagiye kuba inama ku mahoro muri Ukraine igamije kwiga ivy'ifatiro kugira harangire intambara.
Ibihugu birenga 90 n'amashirahamwe mpuzamakungu vyaritavye iyo nama. Niryo koraniro rya mbere rinini kuri Ukraine kuva Uburusiya buyigavyeko igitero ku gihugu cose.
Ariko Uburusiya ntibwatumiwe, nabwo Ubushinwa - incuti ikomeye y'Uburusiya- ntibwitavye, ari co gituma ata kwitega cane ibintu bikomeye bizoyivamwo.
Avuga ku vyasabwe na Putin, Meloni yavuze ati: ''Kuri jewe ntibisa n'ivyo kuzana kuganirwako kubwira Ukraine ko itegerezwa kuva muri Ukraine.''
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Rishi Sunak yagiriza umukuru wa w'Uburusiya imvugo y'ibidashoboka mu gushaka kwiwe ko haba ibiganiro.
Yongerako ko ibihugu bifasha Uburusiya mu kuburonsa ibigwanisho ''biri ku ruhande rutari rwo rw'amateka''.
Ukraine yo ija imaze kuvuga ko iyi nama ari intambwe ikomeye, igafatira ku gushikana ijwi kw'isi no ku gitigiri c'ibihugu vyaserukiwe.
Zelensky yavuze ko Ukraine yifuza guha amahirwe ''ibiganiro'', kandi yerekane ko utwigoro dushizwe hamwe dushobora guhagarika intambara.
Putin aja yaramaze guhakana ko ata biganiro vy'amahoro na bimwe bizoba hisunzwe ibisabwa na Ukraine. Intara zine ashaka ko Ukraine ivamwo zigaruriwe n'Uburusiya ibice bimwe bimwe gusa, ariko buvuga ko bwaziyometseko mu 2022. Amatora yaciye akoreshwa ico gihe yariyamirijwe na Ukraine n'ibihugu vya Buraya na Amerika nk'akamaramaza.
Umukuru w'urwego rutwara ubumwe bwa Buraya Ursula von der Leyen yavuze ko ''guhagarika intambara ubu ingabo zo hanze zikiri ku butaka bwa Ukraine si inyishu''.
''Ahubwo n'inzira y'izindi ntambara z'agasomborotso muri kazoza.'' nk'uko yavuze.
Ivyo Putin yasavye kugira intambara ihagarare Ukraine yavyise ''igitutsi ku muntu yiyumvira neza''.

Ahavuye isanamu, EPA
Iyo nama ibaye mu gihe abategetsi b'ibihugu 7 vya mbere bikize kw'isi biherutse kwumvikana gukoresha inyungu ziva ku butunzi bw'Uburusiya bwafatiriwe mu gufasha Ukraine kugwanya ingabo z'Uburusiya zayiteye.
Amafaranga ashika miriyaridi 325 z'amadorari ari mu bintu vy'Uburusiya vyafatiriwe n'ibihugu vya G7 n'ishirahamwe rya Buraya inyuma y'aho Uburusiya bugabiye igitero ku gihugu ca Ukraine cose mu kwezi kwa kabiri mu 2022. Inyungu ziva muri ubwo butunzi zishika miriyaridi zitatu z'ama dorari ku mwaka.
Kuri iyo nteguro ya UKraine, izo miriyaridi 3 zizokoreshwa mu kuriha inyungu yo ku mwaka ku mwaka y'ingurane ya miriyaridi 50 z'ama dorari izohabwa Ukraine, yavanywe ku masoko mpuzamakungu.
Ayo mafaranga ntiyitezwe gushika imbere z'impera z'uyu mwaka ariko abonwa n'inyishu irama yo gushigikira Ukraine ku rugamba no mu butunzi.
Mu gihe ca vuba, Ukraine ivuga ko ikeneye vyihuta ibindi bigwanisho - cane cane uburyo bwo kwirinda ibitero bizananye mu kirere kugira barwanye misirire na drone vy'Uburusiya, hamwe n'indege z'intambara za F-16, Ukraine yizeye ko zizotangura gushika bitarenze iri ci.










