Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi kuri uno wa Mungu: Mbappe, Kane, McTominay, Mane, Laporte

Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kylian Mbappe
Yatangajwe

Liverpool iri mu biganiro na Paris St-Germain kugira irabe ko yoyitiza umusatirizi w’Ubufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24 inyuma y’aho yankiye kwimukira mu murwi Al-Hilal wo muri Arabia Sawudite ku giciro c’imiriyoni 259 z’amapawundi, aho yoba ari we mukinyi wa mbere yob aguzwe mafaranga menshi. (Sunday Mirror)

Real Madrid yashinze igiciro c’amafaranga ntarengwa y’imiriyoni 230 z’ama-euro yemera gutanga kuri Mbappe wa PSG kugira ngo imutware burundu. (Marca – mu ki-espagnol)

Liverpool irabandanya ibiganiro n’umurwi Southampton ku musatirizi wawo Umubirigi Romeo Lavia w’imyaka 19 inyuma y’aho wankiye imiriyoni 34 z’amapawundi n’inyongera y’imiriyoni zine. (Liverpool Echo)

Bayern Munich iracafise icizere ko izoruhira kuronka umusatirizi wa Tottenham Harry Kane w’imyaka 30, imbere y’uko ikiringo c’igura n’igurishwa ry’abakinyi kirangira. (Sky Sports)

Kuri uyu wa mbere, harategekanijwe inama nyobozi, izoba irimwo umuyobozi mukuru wa Bayern, Jan-Christian Dreesen, umuyobozi w’igisata kijejwe ubuhinga, Marco Neppe hamwe n’umukuru wa Tottenham, Daniel Levy, aho uno murwi wo mu Budagi uzokwiyemeza gutanga imiriyoni 75 z’amapawundi kuri uno kizigenza w’Ubwongereza. (Mail on Sunday)

Romeo Lavia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Romeo Lavia

Inyuma yo gushika ku masezerano yo kugura umukinyi wo hagati, Umufaransa Lesley Ugochukwu w’imyaka 19 yahora mu murwi Rennes, Chelsea igiye kandi gutangura ibiganiro na Montpellier ku musatirizi wayo Umufaransa Elye Wahi w’imyaka 20, yategura gutiza ku murwi mugenzi wawo wo mu Bufaransa Strasbourg. (Fabrizio Romano)

Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag vyabaye ngombwa ko asubira akihweza ingingo yo kugurisha umukinyi wayo wo hagati, umunya-Ecosse Scott McTominay w’imyaka 26 muri West Ham inyuma y’aho mugenziwe, Umwongereza Kobbie Mainoo w’imyaka 18 avunikiye, mu myiteguro yayo yo kwitegurira ihiganwa ryimirije muri Amerika. (Sunday Telegraph)

West Ham nta mugambi wo gusubira kurondera umukinyi w’inyuma wa Manchester United Umwongereza Harry Maguire w’imyaka 30 kubera igiciro gisabwa kuri we hamwe n’umushahara asaba. (Sunday Mirror)

Umukinyi wo hagati wa Fiorentina Sofyan Amrabat aracarindiriye ko Manchester United imurondera, ariko uno munya-Maroc w’imyaka 26 ashobora kuba yipfuza kurindira gushika muri ca gihe c’igura n’igurishwa ryabakinyi mu kwa mbere, canke mu ci ry’umwaka uza kugira ngo yimukire muri Barcelona. (Sport - in Spanish)

Sofyan Amrabat

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sofyan Amrabat
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Aston Villa iriko irategura kurondera umukinyi wo ku ruhande umunya-Espagne Adama Traore w’imyaka 27 asanzwe yirebanga inyuma yo gusezera muri Wolves. (Football Insider)

Liverpool ishobora gutakaza uturusho tw’imiriyoni 7.5 z’amapawundi zotegerejwe gutangwa na Bayern Munich mu gihe umusatirizi wa Senegal Sadio Mane w’imyaka 31 yoramuka avuye muri uno murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubudagi Bundesliga akaja muri Al-Nassr yo muri Arabia Sawudite. (Mail on Sunday)

Umukinyi w’inyuma wa Espagne Aymeric Laporte w’imyaka 29 azoca asezera muri Manchester City mu gihe uno murwi woramuka uguze umukinyi w’inyuma wa RB Leipzig umunya-Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 21. (Manchester Evening News)

Paris St-Germain yanse kugurisha umukinyi w’inyuma wa Brezili Marquinhos w’imyaka 29 mu gihe hari imirwi imushaka, harimwo Al-Nassr. (RMC – mu gifaransa)

Roma yemeye amasezerano yo kwakira ku ntizo umusatirizi wa West Ham Umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka 24 harimwo n’ingingo ivuga ko ishobora kumugura ku miriyoni 19 z’amapawundi. (Calciomercato – mu gitaliyano)

Adama Traore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Adama Traore

Aston Villa iracabandanya n’utwigoro two kurondera umusatirizi wa Barcelona umunya-Espagne Ferran Torres w’imyaka 23, ariko umushahara ishaka kumuha ntuhuye n’uwo asaba. (Sport – mu ki-espagnol)

Monaco yemeye amasezerano y’imiriyoni 17 z’amapawundi na Southampton ku mukinyi w’inyuma wa Ghana Mohammed Salisu w’imyaka 24. (Mail on Sunday)