Havugwa amaki mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Lo Celso, Mourinho, Van de Beek, Konate, Gyokeres

Ahavuye isanamu, Getty Images
Barcelona iriko irihweza nimba yokwegera umurwi Tottenham mu kwa mbere kugira iwusabe uyitize umunya - Argentina akina hagati Giovani Lo Celso w’imyaka 27. (90min)
Ibiganiro bigeze kure ku mukinyi wo hagati wa Manchester United umunyaholande Donny van de Beek w’imyaka 26 kugira yimukira muri Eintracht Frankfurt nk’intizo. (Fabrizio Romano kuri X)
Abarongoye Newcastle barabandanya kuraba ryiza Jose Mourinho aho ari muri Roma, mu gihe amasezerano y’uno mumenyereza w’imyaka 60 azorangira mu ci ry’umwaka uza, n’aho umurwi wiwe wo muri Serie A wipfuza kumugumya kugira ngo abandanye awumenyereza. (Gazzetta dello Sport – mu gitaliyano)
Getafe ifise icizere co kuzoshobora kugura umusatirizi Mason Greenwood w’imyaka 22 inyuma yo gutizwa muri uno murwi wo muri La Liga avuye muri Manchester United. (Athletic)
Arsenal yemeye ko ishobora gutanga imiriyoni 17.2 z’amapawundi hariko n’uturusho ku musatirizi wa Santos, umunya-Brezili Marcos Leonardo w’imyaka 20. (Fichajes – mu ki-espagnol)
Manchester City irashobora kurondera umukinyi wo hagati be n’umusatirizi mu gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi ryimirije mu kwa mbere. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Juventus iracipfuza kuronka umukinyi wo hagati wa Manchester City Umwongereza Kalvin Phillips w’imyaka 28 mu kwa mbere ku ntizo. (Gazzetta dello Sport – mu gitaliyano)
Chelsea iripfuza umusatirizi wa Sporting Lisbon umunya- Suède Viktor Gyokeres w’imyaka 25. (Ekrem Konur kuri X)
Julen Lopetegui w’imyaka 57 yahoze amenyereza Wolves arateye amero imirwi ya Crystal Palace na Nottingham Forest. Uno munya-Espagne nta murwi araronka amenyereza kuva avuye muri Wolves mu kwa munani. (Sun)
Manchester United na Liverpool iri mu mirwi itari mike yo muri Premier League iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo ku ruhande wa Real Betis umunya-Espagne Assane Diao w’imyaka 18. (TeamTalk)
Imirwi Al Shabab na Al-Qadsiyah yo muri Arabia Sawudite iriko irihweza ko yorondera uwahoze ari umusatirizi w’Ubwongereza Jamie Vardy w’imyaka 36 igihe amasezerano afitaniye na Leicester azoba arangiye mu ci riza. (CaughtOffside)
Umukinyi w’inyuma wa Liverpool Umufaransa Ibrahima Konate w’imyaka 24 yatanguye ibiganiro vyo kwongereza amasezerano n’uno murwi w’aba-Reds, n’aho hari amakuru avuga ko ashobora kwimukira muri Paris St-Germain. (le10sport – mu gifaransa)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liverpool iriko irihweza nimba yotumako umukinyi wayo w’inyuma, Umwongereza Nat Phillips w’imyaka 26 yatijijwe muri Celtic inyuma y’aho umunya-Cameroun Joel Matip w’imyaka 32 yanduriye imvune yo mw’ivi ishobora gutuma amara uno mwaka w’inkino adasubiye mu kibuga. (Mirror)
Borussia Dortmund yahambije Newcastle mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Stuttgart umunya-Guinea Serhou Guirassy w’imyaka 27. Guirassy amaze kwinjiza ibitsindo 16 mw’ihiganwa ry’Ubudagi Bundesliga muri uno mwaka w’inkino wonyene. (Sport Bild – mu kidagi)
Ba maneko bavuye mu mirwi ya Premier League ya Manchester United, Manchester City, Tottenham na Liverpool bariko bakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Middlesbrough Umwongereza Hayden Hackney w’imyaka 21, mu gihe hari icizere ko ashobora gusezera uno murwi mu ci riza. (Mail)









