US-UK: Ibindi bitero ku ba Houthi muri Yemen mu masaha adashika 24

Yatangajwe

Vyari ibitero bikomeye vyakozwe na Amerika n'Ubwongereza ku birindiro vy'aba Houthi muri Yemen, bifise intumbero yo guhagarika ibitero aba Houthi bagira ku mato atwaye ibidandazwa ku kiyaga gitukura no mu kigobe ca Aden.

Intumbero n'iyo kugabanura ubushobozi aba Houthi bafise bwo gukora ivyo bitero, ata bantu benshi bahaguye.

Ariko ivyo bitero vy'aba Houthi bavugako bakora mu gushigikira abanye Palestine, birabandanya.

Ibi bitero vyabaye ata masaha 24 arahera inyuma y'aho Amerika itereye ibibanza bishika mu mamirongo Iran ifisemwo inyungu ku rubibe Syria ihana na Irak, ku kwishura ku gitero cahitanye abasirikare batatu kw'ikambi ya Amerika iri muri Jordania ku musi wa Mungu uheze, aho Amerika igishira ku gatwe k'imigwi ifashwe mu mugongo na Iran .

Muri Yemen, ivyo bitero vyaratumberejwe neza. Vyari bifise intumbero yo gusambura unyubako kandi bishika inyuma y'igabisha ry'ubutegetsi bwa Biden, bikagaragara ko kwari gushaka kugabanya abobigwamwo n'imishamirano na Iran,

Ntibiramenyekana uko ivyo bitero vyo muri Yemen, Syria na Irak vyoba vyashitse ku ntumbero yavyo canke nimba Iran n'incuti zayo bizokwihimura.

Iran yarabiteye ivyatsi nk'uko vyari vyitezwe, ariko nta majambo yo gukangisha. Muri Gaza, intambara ituma haba imishamirano mu karere irabandanya. Ibiganiro vyo guhagarika intambara hagati ya Israel na Hamas biriko birabandanya, icizere kinini co gufasha ko hatoba ubundi bwicanyi burenze aho.

Nta bitero birasubira kuvugwa mu kiyaga gitukura bikozwe n'aba Houthi kuva habaye ibitero vy'indege vy'abanye Buraya muri Yemen.

Ku musi wa gatandatu, imbere y'uko haba ivyo bitero, abo bagwanyi barerekanye amafoto bari mu myimenyerezo ya gisirikare.

Zimwe muri izo foto zerekana ibigwanisho bisambura ibintu bambitse amadarapo y'Ubwongereza, Amerika na Israel.