Ni inde icegera gishasha c'umukuru w'igihugu ca Kenya?


Icegera gishasha c’umukuru w’igihugu, Kithure Kindiki, ariko arashikiriza ijambo inyuma yo kurahira mu kigo ca Kenyatta International Conventional Center i Nairobi ku wa 1 Munyonyo, 2024

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kithure Kindiki asubiriye Rigathi Gachagua yakuwe n’inzego nshingamategeko
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia na Ashley Lime
    • Igikorwa, BBC News, Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Kithure Kindiki yarahiriye kuba icegera gishasha c’umukuru w’igihugu ca Kenya, inyuma y’aho abakenguzamateka bakuriye Rigathi Gachagua haraheze indwi zibiri.

Gachagua yaragerageje gutevya iryo rahizwa akoresheje amategeko, ariko ku wa kane sentare yasohoye ingingo ko biba.

Kindiki, w’imyaka 52, yahoze ari umwigisha w’amategeko kuri kamimuza, yari asanzwe ari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati muri reta ya perezida William Ruto imaze imyaka ibiri.

Umukuru w’igihugu yizeye ko kuba Kindiki yinjiye muri ayo mabanga bigiye kurangiza ibihe vyo kugoyagoya kw’ubutegetsi muri kahise ka Kenya.

Mw’ijambo yashikirije, Kindiki yavuze ko ikurwa ry’uwo asubiriye ari ''ikimenyetso c’uko demokarasi ya Kenya yakuze n’ikimenyetso c’uko inzego zacu zikora''.

''Nzokuyoboka kandi nkubere intahemuka,'' ni ko Kindiki yemereye Ruto.

Ruto yavuze ko yasa n’uwari asigaye ari ''ijwi ryirebanga'' mu biro vy’umukuru w’igihugu igihe yariko aragaruka ku migambi yiwe y’iterambere.

''Ndafise icizere ko uzokora ivyo navuze mu myaka ibiri iheze,'' niko Ruto yabwiye icegera ciwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yashimagije Kindiki nk’umuntu ''akunda igihugu, umuntu w’ibikorwa bitagira akanenge mu gusenyera ku mugozi umwe, ubumwe bw’igihugu n’ukutagira uwusigwa inyuma''.

Ruto yaciye agena umukuru w’abashikiranganji Musalia Mudavadi nk’umushikiranganji mfatakibanza ajejwe intwaro yo hagati.

Kindiki, umugabo avuga yitonze, niwe yagaragaye cane mu bihe vyakurikiye aho igiporisi cahasha imyiyerakano yo kwiyamiriza amakori yabaye mu minsi iheze.

Nk’uwutwara inzego zijejwe umutekano, niwe yabazwa ibikorwa vyo kurwanya iyo myiyerekano yo mu kwezi kwa gatandatu.

Abantu barenga 40 barishwe mu guhangana n’igiporisi abandi barenga 300 barakomereka, ariko Kindiki yarakeje igiporisi mu kuba ''carigumije'' mu guhagararira amategeko n’umutekano. Yanahakanye kandi ko ata mategeko yatanzwe yo kurasa hagamijwe kwica.

Uko abona ibintu vyarashavuje abatari bake, amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa zina muntu akaba yasavye ubutungane ku baguye canke bakomerekeye muri iyo myiyerekano no ku bantu banyurujwe mu buryo bw’amayobera.

Kubera uko yavyyitwayemwo muri iyo myiyerekano, Kindiki yagaragaje ko ashigikiye cane umukuru w’igihugu, maze agarukanwa muri reta inyuma y’aho umukuru w'igihugu afutiye reta yose akagena nshasha.

Ivyo ntawe vyatangaje kuko yamye ari soma mbike w’umukuru w’igihugu kuva kera, mu gihe yabaye umushingwamanza wiwe mu kiringo kirenga imyaka 10 mu rubanza rwo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI/ICC).

Ruto, ico gihe yari umushingamateka, yari yagirijwe ivyaha bikorewe zina muntu kubera intureka zakurikiye amatora yo mu 2007 zaguyemwo abantu barenga 1.200.

Urwo rubanza amaherezo rwahavuye ruhebwa kubera ata vyemezo bikwiye vyabonetse, ariko abashikirimanza bavuze ko ivyabona (abatangabuhamya) vyatewe ubwoba.

Kindiki, co kimwe na Gachagua, ava mu ntara ya Mount Kenya kandi azoshobora gusubira kwegeranya abantu mu gushigikira umukuru w’igihugu inyuma y’ikurwa rya Gachagua.

Uwo mugabo w’abana babiri, yama yambaye neza, yimosheje agasigaza agashatsi gake, yaramenyereye kuvuga ico abanje kwiyumvira neza mu manza muri sentare, ariko kandi yarakoze nk’umwigisha mu makaminuza.

Afise impapuro z’umutsindo za master’s na PhD zo kuri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y’Epfo. Amaze kwandika ibitabo bitari bike arasohora n’izindi nyandiko nyinshi mu binyamakuru vy’amakaminuza, haba muri Kenya canke mu makungu.

Afise ubunararibonye bukomeye mu ntwaro, mu gushinga amategeko, mu bibazo bijanye n’ibwirizwa nshingiro no mu kuba umujenama ku ngero zitandukanye.

Yatanguye poritike mu kwezi kwa gatatu mu 2013 igihe yatorwa kuba umukenguzamateka w’intara ya Tharaka-Nithi hanyuma arongora abari bafise ubwiganze muri urwo rwego mu kiringo c’imyaka itanu.

Yongeye gutorwa mu 2017, aca ba icegera c’umukuru w’urwo rwego gushika mu 2020 igihe yakurwa mu kwigizayo abari bashigikiye Ruto.

Aho Ruto atsindiye amatora y'umukuru w'igihugu mu 2022, yaciye agena Kindiki mu bagize reta yiwe.

Kuva ico gihe, niwe yagumye aserukira abategetsi mu bihe bigoye.

Mu mwaka uheze, haratowe ibiziga vy’abantu bisonzesheje gushika aho bicwa n’inzara mw’ishamba rya kure. Bivugwa ko umupasitori yabwihaye Paul Mackenzie ari we yari yahimirije abo bantu kureka kurya. Mu rubanza rwiwe rubandanya, arahakana ivyo yagirizwa.

Igihe ivyo biziga bitorwa, Kindiki yarashitse aho hantu, avuga ko ivyabaye bwari ''ugusasika inganda''.

Mu kwezi guheze, yaragiye kw’ishure aho abana 17 bahitanywe n’umuriro wadutse mu buraro. Uwo mushikiranganji yiyemeje ko ''abatumye hapfa abantu bangana uko kubera ico bakoze canke batakoze kugira bibe bose bazobibazwa''.

Mu 2022, hari abibaza ko Kindiki ari we yari kugenwa kuba icegera ca perezida Ruto, ariko Gachagua niwe yaronse ico kibanza kuko yari afise abari inyuma yiwe benshi kandi akagira n'uburyo.

Ruto mu nyuma yavuze ko Kindiki hari habuze gato cane ngo abe icegera c’umukuru w’igihugu.

Kindiki birashoboka ko azoyoboka cane umukuru w’igihugu kurusha Gachagua kandi ko azokora uko umukuru w'igihugu avyifuza.

Abamaze kuba icegera c'umukuru w'igihugu muri Kenya gushika ku wa 1 Munyonyo 2024