Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uno wa kabiri: Kane, Bellingham, Laporte, Osimhen, Ward-Prowse

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United irafise icizere ko izoronka umusatirizi wa Tottenham, umwongereza Harry Kane w’imyaka 29 mu ci riza mu gihe aba ba Spurs bonanirwa no kuronka itike yo kuzokina mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League). (Sun)
Newcastle United igiye kurondera umunya-Ecosse akina inyuma muri Arsenal Kieran Tierney w’imyaka 25, agashobora kugurishwa ku mafaranga arenga imiriyoni 30 z’amapawundi. (Telegraph)
Chelsea, Liverpool na Manchester City ziriko zirarondera umunya-Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 21 akina inyuma muri RB Leipzig mu ci riza. (Fabrizio Romano)
Umusatirizi wa Paris St-Germain Lionel Messi w’imyaka 35, avuga ko vyamugoye cane kumenyera ubuzima bwo ku mugwa mukuru w’Ubufaransa mu mwaka w’inkino uheze, ariko uyu kizigenda w’umurwi nserukiragihugu wa Argentina, avuga ko ubu ahagaze neza, mu gihe amasezerano afitaniye n’uyu murwi azorangira mu ci riza. (Goal)
Umumenyereza wa West Ham David Moyes ahanganye n’ishavu rigenda ryiyongera mu bakinyi biwe batishimiye ubuhinga bwiwe, mu gihe aba ba Hammers bageze ahatemba, mu kibanza ca 16. (Guardian)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arsenal irafise icizere ko umukinyi wayo wo ku ruhande, Umwongereza Reiss Nelson w’imyaka 23 azokwemera amasezerano mashasha n’uyo murwi. (Mail)
Aba ba Gunners kandi bari imbere mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Napoli umunya-Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 24, n’aho asanzwe kandi aronderwa na Manchester United. (Rai, via Mirror)
Umusatirizi wa Portugal Joao Felix avuga ko ari nka hamwe Chelsea yoyanirwa no kuronka itike yo muri Champions League y’umwaka uza bishobora kugira ingaruka ku bijanye na kazoza kiwe. Uyu mukinyi w’imyaka 23 asanzwe akinira uyu murwi w’aba-Blues yatijijwemwo na Atletico Madrid. (Telegraph)
Amasezerano umukinyi wo hagati w’Uburafansa Adrien Rabiot w’imyaka 27 afitaniye na Juventus azorangira mu ci riza, akavuga kazoza kiwe kazova n’uko uyu murwi wa Serie A uronse itike yo kuzokina muri Champions League. (DAZN, via Tuttomercatoweb)
Umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19 yanse akaryo ko kubonana n’abaserukizi ba Manchester United igihe yari mu gisagara ca Birmingham City kubera ko atashaka gutakaza imyimenyerezo. (FourFourTwo)

Ahavuye isanamu, EPA
Aymeric Laporte aripfuza kuva muri Manchester City mu ci riza, mu gihe Barcelona yiteguye kwakira uyu mukinyi w’inyuma wa Espagne w’imyaka 28. (Mundo Deportivo)
Tottenham iriko irihweza nimba yorondera umukinyi wo hagati wa Southampton Umwongereza James Ward-Prowse w’imyaka 28. (Football Insider)
Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag aripfuza kugura umunya-Hollande akina hagati Frenkie de Jong w’imyaka 25 mu ci riza, ariko wewe ntashaka kuva muri Barcelona. (Caught Offside)
United ishobora gusubira kurondera umukinyi wo hagati wa Juventus Umufaransa Adrien Rabiot w’imyaka 27 azoba yirebanga mu ci riza. (Football Insider)
Umwongereza akina inyuma Harry Maguire w’imyaka 30, ari mu bakinyi Manchester United yipfuza kugurisha mu ci riza. (90min)
Abakozi ba Manchester United bijejwe ko ibintu bizoba vyatomotse imbere y’uko umwaka w’inkino urangira ku bijanye n’ingene ibintu bimeze kuri ba nyene umurwi. (ESPN)









