Ayavugwa mu mupira w’amaguru: Mbappe, Costa, Guimaraes, Lukaku, Yerry Mina

Kylian Mpappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kylian Mpappe
Yatangajwe

Real Madrid ntiriyumvira ivyo gusubira kurondera umusatirizi wa Paris St-Germain umufaransa Kylian Mbappe  w’imyaka 23, hagati aho, uyu murwi wo muri Espagne uriko ukurikiranira hagufi ingene uwahoze ari umukinyo wo hagati Xabi Alonso  yitwara nk’umumenyereza wa Bayer Leverkusen . (ESPN)

Mbappe ariko arihweza ingene yohagarika amasezerano yiwe mu kwa mbere. (L'Equipe iciye kuri Mail)

Hagati aho, PSG iripfuza kugura umukinyi w’inyuma wa Real Madrid umunya-Espagne Rafa Marin  w’imyaka 20. (Marca mu ki espagnol)

Inter irashaka gusinyisha Romelu Lukaku amasezerano kugira ngo yimukire burundu muri uyu murwi. Uyu mubirigi w’imyaka 29 yatijijwe uyo murwi wo mu Butaliyano avuye muri Chelsea. (Calciomercato mu gitaliyano)

Inter kandi iripfuza umukinyi w’inyuma wa Everton umunya-Colombia Yerry Mina  w’imyaka 28. (Calciomercato mu gitaliyano)

Manchester United niyo ifise amahirwe yo gutahukana umunyegori wa Porto umunya-Portugal Diogo Costa  w’imyaka 23. (Diario de Noticias, iciye kuri TeamTalk)

United igiye gukora ibishoboka vyose kugira ngo yongereze amasezerano ifitaniye na Diogo Dalot kugira ngo izibire Barcelona iriko irahiga ingene yoronka uyu munya-Portugal w’imyaka 23 akina inyuma. (ESPN, iciye kuri Mirror)

Diogo Dalot

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Diogo Dalot

Newcastle United irashaka gushika ku masezerano y’igihe kirekire n’umunyabrezili akina hagati Bruno Guimaraes w’imyaka 24 imbere y’uko uyu mwaka w’inkino urangira. (90min)

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Arsenal  bihobora kuyibera ngombwa ko iriha amafaranga menshi kugira ironke umunya-Ukraine akina ku ruhande  Mykhaylo Mudryk w’imyaka 21, mu kwa mbere, mu gihe umurwi wiwe Shakhtar Donestk wobandanya mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League). (Football.London)

Tottenham itegura gutangura ibiganiro ku vyerekeye amasezerano ifitaniye n’umumenyereza wayo Antonio Conte mu kwezi kuza. Amasezerano y’uyu mutaliyano w’imyaka 53 azorangira mu mpera z’uyu mwaka w’inkino. (Mail)

Umusatirizi wa Atletico Madrid umunya-Portugal Joao Felix w’imyaka 22  aripfuza gusezerera uyu murwi mu kwa mbere kubera icuka kibi kiri hagati ya we n’umumenyereza Diego Simeone. (A Bola mugi portugal)

Manchester United ishobora kuba umwe mu mirwi yiteguriye guciria inzira Felix yo kuva muri Atletico Madrid. (A Bola iciye kuri Express)

Umuserukizi w’umusatirizi w’umunya-Autriche Marko Arnautovic akina muri Bologna avuga ko uyu mukinyi w’imyaka 33 ari we yanse kwimukira muri Manchester United, aho kuba uyu murwi wa Premier League wamwanse. (Gianluca di Marzio via Sport Witness)

Marko Arnautovic

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Marko Arnautovic

Real Madrid irashaka kurondera umunya-Canada Alphonso Davies w’imyaka 21 akina inyuma muri Bayern Munich. (Marca mu ki-Espagnol )

Umukinyi w’inyuma wa Leicester City umubirigi Wout Faes w’imyaka 24 avuga ko yanse amasezerano yamusaba kuja gukinira Chelsea mu ci, imbere y’uko afata ingingo yo kwimukira kuri King Power Stadium (ikibuga ca Leicester). (Telegraph )

Chelsea yagenye uwujejwe kugura abkinyi mushasha, Joe Shields, imuvanye mu murwi Mugenzi wawo wo muri Premier League,  Southampton. (Sun)

Manchester City ni umwe mu mirwi iriko irarwanira umukinyi w’inyuma w’umunya- Ireland, Sam Curtis w’imyaka 16, asanzwe akina mu murwi St Patrick's Athletic. (Football Insider)