Intambara ya DR Congo: ingendo za Rwandair zahagaritswe ku butaka bw’ico gihugu kubera M23

Ahavuye isanamu, @PatrickMuyaya
Inama nkuru yo kwivuna abansi muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo itangaza ko kuva ubu umuhari M23 urwanya reta ari umuhari w'iterabwoba.
Mw'itangazo ryasomwe na Patrick Muyaya, umushikiranganji wa Congo ajejwe kumenyesha amakuru, yavuze ko iyo nama yagiriza igisirikare c'Urwanda ko gifashe mu mugongo uyu muhari.
Ati: "Amakuru atangwa n'abasirikare bari ku rubuga, amasanamu afiswe n'ingabo zacu, hamwe n'ivyemezo bitangwa n'abanyagihugu bacu, birerekana ata nkeka ko M23 ishigikiwe n'igisirikare c'Urwanda".
Mu ngingo zindi zafashwe, ni uko ikompanyi y'indege ya leta y'Urwanda, Rwandair, yahagaritswe gusubira kwinjira muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo.
Reta y'Urwanda ntaco iravuga kuri ibi biri muri iri tangazo ry'inama nkuru y'ukwivuna abansi ya Congo, ariko umuvugizi wayo Alain Mukuralinda kuwa gatanu yabwiye BBC ko ata ruhara u Rwanda rufise mu bibera muri Congo.
Sibwo bwa mbere kandi RD Congo yagirije Urwanda gufasha umuhari M23, kandi si ubwa mbere u Rwanda rubihakanye.
Iyo nama ya Congo iragabisha Urwanda, ikarwagiriza ko ingendo yarwo ari iyo gutoba utwigoro two kugarukana amahoro biciye mu biganiro biriko bibera i Nairobi muri Kenya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iryo tangazo rivuga kandi riti: "Inama nkuru yo kwivuna abansi iriyamiriza yivuye inyuma umugambi w'ububeshi bukwiragizwa n'Urwanda, aho rwagiriza igisirikare ca Congo ko cifatanya n'imirwi y'inkorabara nk'urwitwazo mu gushigikira umurwi w'iterabwoba wa M23".
Iyo nama ishimira kandi "Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ubumwe bwa Bulaya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ububirigi n'ibindi, vyiyamirije iyindi ngendo igayitse ya M23 n'abavyeyi bayo".
Umushikiranganji Muyaya atera akamo abanyagihugu "kwirinda kugwa mu mutego w'umwansi" bakabandanya bafatanye mu nda, kandi bakaguma barikanuye.
Iyo nama kandi yafashe ingingo yo gutumako uwuserukira Urwanda i Kinshasa kugira ngo bamumenyeshe akababaro ka Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo.
Umviriza ingene Alain Mukuralinda yabwiye Prudent Nsengiyumva wa BBC Gahuzamiryango;











