Nta biganiro n’Amerika bitegekanijwe muri iyi ndwi – Iran
Iran ivuga ko itazogirana ibiganiro vy’ubuhinga na Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri iyi ndwi, nk’uko vyandikwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi perse.
Incamake
- Ghana : Imyuzure idasanzwe yateye ibice bimwe vy'umurwa mukuru inyuma y'imvura y'isegenya
- Nta biganiro n'Amerika bitegekanijwe muri iyi ndwi – Iran
- Afrika y'Epfo: Umupolisi mukuru yarokotse igitero co kumwica
- Ikiza cya Ebola gikomeje gukaza umurego muri DR Congo
- Amerika ivuga ko yumvikanye na Iran guhagarika imirwano nyuma yo kurasana
- OMS ivuga ko impfu 1,300 i Burayi zifitanye isano n'ubushyuhe bukabije
- Umutoza w'ikipe y'igihugu ya Koreya y'Epfo yeguye mu gihe Perezida yategetse iperereza ku gutsindwa kwayo mu gikombe cy'isi
- Venezuela: Abahungu babiri ni bamwe mu bantu 33 batabawe bakurwa mu byashenywe n'imitingito
Amakuru y'ikibiriraho
Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Latifa Mutesi
Videwo: Uruhinja na nyina i Venezuela bakuwe mu nyubako yaguye ari bazima nyuma y'imitingito y'isi yishe abantu bagera ku 1500
Insiguro ya video, Umwana w'uruhinja na nyina bakuwe mu nyubako yaguye ari bazima Enzo Maresca yagizwe umutoza wa Manchester City

Ahavuye isanamu, Manchester City
Uwahoze ari umutoza wa Manchester City cyangwa se The Blues, Maresca umugabo w'imyaka 46, yasinye amasezerano y'imyaka itatu muri City, asimbuye Pep Guardiola, weguye muri Gicurasi nyuma y'imyaka 10 ayitoza.
Iyi gahunda yarangiye kubera ibiganiro hagati ya Chelsea na City ku bijyanye n'indishyi, harimo n'amafaranga atatangajwe kuri uyu mukinnyi w'Umutaliyani.
Umuntu umwe yabwiye BBC Sport ko Manchester City iri kwishyura Chelsea hafi miliyoni 17 z'amapawundi.
Amafaranga yo kwishyura atandukanye n’ayo ikipe ya Blues ivuga ko yumvikanye na Maresca kandi BBC Sport ntirahamya amakuru ye. Uyu mutaliyani yavuye muri Chelsea mu kwezi kwa Kabiri , nyuma yo gutsinda imikino irindwi ya Premier League inshuro imwe.
Itangazo rya Chelsea icyo gihe ryagaragazaga ko icyemezo cyari icy’ubufatanye, kandi ko Maresca n’inama y’ubutegetsi bemeranyije ko "impinduka ziha ikipe amahirwe yo gutera imbere". Ariko, Maresca yemeje ko yeguye i Stamford Bridge kandi yemera ko "byamufunguriye inzira" yo kwinjira muri Man City.
Mu itangazo ryashyizwe ahagaragara, Chelsea, yavuze ko kwegura kwa Maresca ari "icyemezo cyo guhagarika imirimo ye", yavuze ko bagiranye amasezerano y'ibanga n'uyu Mutaliyani ku bijyanye n'indishyi zigomba kwishyurwa ikipe.
Maresca, umaze umwaka umwe ari umufasha wa Guardiola muri Manchester City iri ku mwanya wa gatatu mu mwaka w'imikino wa 2022-23, yasabye imbabazi Chelsea ku buryo yavuye muri iyi kipe.
Maresca yanditse kuri Instagram ati: "Icyemezo cyari icyanjye jyenyine. Ndabizi ko kuva kwanjye muri Chelsea hagati mu mwaka w'imikino byateje ibibazo ikipe kandi ndabisabira imbabazi. Ntabwo byari umugambi wanjye cyangwa icyifuzo cyanjye."
Ghana : Imyuzure idasanzwe yateye ibice bimwe vy’umurwa mukuru inyuma y’imvura y’isegenya

Ahavuye isanamu, Justice Baidoo/JoyNews
Umurwa mukuru wa Ghana, Accra, uhanganye n’imyuzure ikomeye inyuma y’imvura y’isegenya yaguye mw’ijoro ryakeye.
Amavidewo yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana amazu n’imodoka vyarenzwe n’amazi. Uburere buri mu biyaya canke musi y’imisozi ni bwo bugeramiwe cane, bikaba vyatumye uruja n’uruza ruhungabana.
Benshi mu bagizweko ingaruka bariko baratabaza kubera bamwe muri bo baheze mu mihana iwabo. N’ubwo gushika ubu ata muntu aramenyekana ko yapfuye, amazu menshi n’imitungo y’abantu vyononekaye rwose.
Iyo myuzure yatumye kandi haduka umuriro mu ruganda ruhingura ‘caoutchouc’ ruri hafi y’ihuriro ry’amabarabara rizwi nka ‘Kwame Nkrumah Circle’ ku murwa mukuru Accra. Abatabazi bariko baragerageza kuzimya uwo muriro mu gihe abategetsi bavuga ko imyuzure yatumye amabarabara amwe adahita.
Reta yarungitse imirwi y’abatabazi mu bice vyasinzikaye mu bumanuko bwa Ghana.
Igipolisi, igisirikare, abajejwe kuzimya umuriro, ikigo c’igihugu kijejwe ibijanye n’ibiza hamwe n’izindi nzego z’ubutabazi, vyarungitswe gukurikirana uko ibintu vyifashe no gufasha abanyagihugu bari mu kaga.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko izo ari zimwe mu ngingo zafashwe mu ntumbero yo gukingira ubuzima n’ibintu.
Itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ryahamagariye abanyagihugu bari mu kaga kwimukira ahatekanye. Risaba kandi abashoferi kwirinda guca mu mabarabara yatewe n’imyuzure.
Iyo myuzure yahungabanije kandi itangwa ry’umuyagankuba.
Kompanyi ziwutanga ‘Ghana Grid Company Limited’ (GRIDCo) hamwe na ‘Electricity Company of Ghana’ (ECG) zabaye zirabangiriye gutanga umuyagankuba ku bice bimwe vy’umurwa mukuru vyasinzikajwe n’imyuzure, mu ntumbero yo kwirinda ingorane n’amasanganya.
Umurwa mukuru wa Ghana usanzwe ukunda guhura n’imyuzure, ibica vyunyurwa n’imiferege itwara amazi idatunganije neza hamwe n’inyubakwa zagiye zubakwa mu buryo butemewe n’amategeko ku nzuzi.
Ikigo ca Ghana kiraba ibijanye n’ibirere casavye abanyagihugu kuhagabira kubera mu misi iri imbere ngo hashobora kurwa izindi mvura z’isegenya.
Nta biganiro n’Amerika bitegekanijwe muri iyi ndwi – Iran

Ahavuye isanamu, Reuters
Iran ivuga ko itazogirana ibiganiro vy’ubuhinga na Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri iyi ndwi, nk’uko vyandikwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi perse.
Ivyo Iran ibishikirije mu gihe amakuru asubiramwo umutegetsi wa Amerika – atavuzwe izina - yari yavuze imbere y’aha ko Iran na Amerika bumvikanye ko bagiye gusubira mu biganiro vy’ubuhinga ku wa kabiri muri Qatar, inyuma y’uko impande zompi zumvikanye guhagarika kurasana.
Kazem Gharibabadi, arongoye umurwi wa Iran ujejwe kuganira, yavuze ko ingunga ya mbere y’ibiganiro “izoba hamaze kwumvikanwa kw’itariki n’ikibanza”.
Izindi nkuru wosoma:
Afrika y’Epfo: Umupolisi mukuru yarokotse igitero co kumwica

Ahavuye isanamu, Gallo via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Feroz Khan yari yitezwe kwitaba umurwi utohoza ku bijanye n’ubugizi bwa nabi mu gipolisi Igipolisi muri Afrika y’Epfo kivuga ko umwe mu bapolisi bo ku rwego rwo hejuru yarokotse igitero co kumwica cabereye i Johannesburg.
Icegera c'umukuru w’urwego rujejwe gutohoza ivyaha, Major-Général Feroz Khan, yarashwe ku mugoroba wo ku wa Mungu igihe yariko arataha muhira iwe n'imodoka yiwe, nk’uko vyemezwa n’ibinyamakuru vyo muri ako karere.
Ivyo binyamakuru bibandanya bivuga ko yaciye anyarukanwa kwa Muganga kugira abagwe buno nyene.
Uku kuraswa kubaye imbere y’imisi mike ngo Khan yitabe umurwi washinzwe kugira ugire amatohoza ku bugizi bwa nabi burangwa mu gipolisi ca Afrika y’Epfo.
Mw’itangazo yasohoye, umuvugizi w'igipolisi c’ico gihugu, Brig Athlenda Mathe, yavuze ko igipolisi catanguye amatohoza.
Yagize ati: "Haracari kare kandi kwoba ari ukwihenda kuvuga impamvu z’ico gitero canke kwemeza ko gifitaniye isano n'ukurenguka kwiwe gutegekanijwe imbere y’urwego rujejwe amatohoza”.
Uwo murwi ujejwe gutohoza uzwi nka ‘Madlanga commission’, washinzwe inyuma y'uko umupolisi mukuru muri Afrika y'Epfo Lieutenant-Général Nhlanhla Mkhwanazi avuze mu kwezi kwa Mukakaro (7) kw’umwaka uheze ko imirwi y'inkozi z'ikibi itunganije yacwengetereye ibisata vya reta.
Mu kwezi guheze, Khan hamwe n'abandi bantu babiri baratawe muri yompi bikekwa gucuruza no gutunga, mu buryo butemewe n'amategeko, amabuye y'agaciro.
Izindi nkuru wosoma:
Ikiza cya Ebola gikomeje gukaza umurego muri DR Congo

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umukozi wo kwa muganga afata ibipimo ku murwayi urwaye ikiza cya Ebola mu kigo cyita ku barwayi ba Ebola kiri i Bunia, mu ntara ya Ituri, muri uku kwezi Repubulika ya Demokarasi ya Congo yatangaje ko umubare w’abanduye Ebola wiyongereye cyane, aho ku itariki ya 27 Kamena(6) habonetse abantu bashya 47 banduye ndetse abandi 12 bakaba barapfuye.
Kuva iki kiza cyatangazwa ku wa 15 Gicurasi(5), abantu 1,274 bamaze kwemezwa ko banduye Ebola, muri bo 360 ikaba imaze kubica. Ibi bivuze ko igipimo cy’abicwa n’iki kiza kiri kuri 28.3%. Abategetsi muri icyo gihugu bavuga ko abantu 178 bamaze gukira.
Iyi virusi yagaragaye bwa mbere mu turere dutatu tw'ubuzima, ariko ubu imaze gukwira mu turere 35 two mu burasirazuba bw’igihugu, mu ntara za Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo. Intara ya Ituri ni yo ikiri ku isonga mu kwibasirwa cyane n'iyi virusi kuko irimo abarenga 90% by'abayanduye bose.
Intara ya Kivu ya Ruguru ni yo igaragaza ubukana bukabije bw’iki kiza kuko impfu zayo zirenze kimwe cya kabiri cy’abanduye.
Ibigo bivurirwamo aba barwayi biri kuzura cyane kuburyo byarengeje ubushobozi bwabyo. Mu masaha 24 ashize, amatsinda y’ubutabazi yakurikiranye abantu barenga 1,200 bakekwagaho ko banduye, ndetse banashyira ku rutonde abandi 260 bashya bahuye n’abanduye. Hagati aho, abarwayi 15 bemerewe gutaha nyuma yo gukira.
Abategetsi bo ku rwego rw'igihugu bategetse ko intara zegereye ahari iki kiza, harimo n’umurwa mukuru Kinshasa, gufata ingamba zirimo kubuza amakoraniro y’abantu benshi no gutanga raporo za buri munsi ku bantu bakekwaho kwandura Ebola.
Iki cyemezo cyafashwe nyuma yuko umuganga w’Umunye-Congo ukora ibikorwa by’ubutabazi, wavuye i Kinshasa ajya i Paris ku itariki ya 23 Kamena(6), ageze mu Bufaransa agasanganwa yaranduye Ebola. Ubu ari kuvurwa mu buryo bwihariye bw’umutekano ukomeye mu buvuzi mu kwirinda ikwirakwirwa ry’iyo virusi.
Ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku buzima hamwe n’abafatanyabikorwa baryo bari kongera imbaraga mu gukurikirana abarwayi, gukumira ikwirakwira ry'iki kiza no gukora ubukangurambaga mu baturage, ariko bavuga ko hagikenewe ibikoresho n’ubufasha byihutirwa kugira ngo iki kiza gihagarikwe.
Amerika ivuga ko yumvikanye na Iran guhagarika imirwano nyuma yo kurasana

Ahavuye isanamu, Reuters
Amerika na Iran byumvikanye guhagarika imirwano nyuma yuko impande zombi zari zimaze iminsi micye zirasana, nkuko amakuru yo mu bitangazamakuru byo muri Amerika abivuga, asubiramo amagambo y'umutegetsi wo muri Amerika.
Ibi bibaye nyuma y’ibitero byagiye bibera mu muhora wa Hormuz no mu nkengero zawo, aho impande zombi zageze aho zishinjanya kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano.
Uwo mutegetsi yabwiye igitangazamakuru CBS News, gikorana na BBC muri Amerika, ko ubu amato azongera kunyura muri uwo muhora "mu bwisanzure", anongeraho ko ibiganiro byasubukuwe bigamije guhagarika intambara burundu bizakomeza.
Iran ntiragira icyo itangaza ku makuru avuga ko yemeye guhagarika ibitero muri uwo muhora.
Ku itariki ya 17 Kamena (6), Amerika na Iran byashyize umukono ku masezerano y’ubwumvikane (MoU) agizwe n’ingingo 14, harimo n’iyo “guhagarika ibikorwa bya gisirikare aka kanya kandi burundu ku mpande zose”.
Muri ayo masezerano, Iran yemeye gukora ibishoboka byose kugira ngo amato y’ubucuruzi ahanyure atekanye nta kiguzi gisabwa mu gihe cy’iminsi 60.
Ariko ayo masezerano yo guhagarika imirwano, yashyizweho umukono mu byumweru bitageze kuri bibiri bishize, yatangiye guhungabana mu minsi ishize kubera ibitero byongeye kugabwa n’impande zombi.
OMS ivuga ko impfu 1,300 i Burayi zifitanye isano n'ubushyuhe bukabije

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abantu bari kwikonjesha ahava amazi imbere ya Katederali ya Berlin mu gihe cy’ubushyuhe bukabije Ubushyuhe bukabije ku kigero kitari cyarigeze kibaho i Burayi muri iyi ntangiriro y'igihe cy'impeshyi bushobora kuba bwarateye impfu z’abantu amagana z'inyongera (zitari zitezwe), nkuko byatangajwe n’umukuru w’ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku buzima (OMS).
Ku cyumweru, ibipimo by’ubushyuhe byongeye kurenga ibindi byose byari bisanzwe mu bihugu byo ku mugabane w’Uburayi, birimo Ubudage, Pologne na Repubulika ya Tchèque.
Ni mu gihe kandi ubu bushyuhe bukabije bwakomeje kwerekeza mu bindi bice byo mu burasirazuba bw'Uburayi.
Mu butumwa yatangaje ku rubuga rwa X, umukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko kuva ku wa 21 Kamena(6), abantu barenga 1,300 b'inyongera (batari bateganyijwe) bapfuye, aho izi mpfu "zifitanye isano n’ubushyuhe bukabije i Burayi".
Yagize ati: "Ubushyuhe bukabije bukunda kwitwa 'umwicanyi wa bucece' - kandi ingo z'i Burayi, aho gukorera n’amashuri ntibyubatswe mu buryo bwo guhangana n'ubu bushyuhe."
Ku cyumweru mu gitondo, minisiteri y’ubuzima y’Ubufaransa yatangaje ko kuva ku wa gatatu habonetse impfu zigera ku 1,000 zirenze izari ziteganyijwe muri icyo gihugu.
Iyi minisiteri yavuze ko benshi muri abo bapfuye b'inyongera (batari bitezwe) ari abageze ku myaka 65 kuzamura, nyuma yo kubona ko umubare w’abapfira mu ngo wiyongereyeho 40%.
Umutoza w'ikipe y'igihugu ya Koreya y'Epfo yeguye mu gihe Perezida yategetse iperereza ku gutsindwa kwayo mu gikombe cy'isi

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ubu ni ubwa kabiri Hong atoje Koreya y'Epfo nk'umutoza mukuru, akaba yaherukaga kuyitoza mu 2013 Hong Myung-bo yeguye ku mwanya w’umutoza w’ikipe y’igihugu y’umupira w’amaguru y’abagabo ya Koreya y’Epfo nyuma yuko inaniwe gukomeza mu cyiciro cyo gukuranamo mu mikino y’igikombe cy’isi.
Iyo kipe yari yizeye ko yashoboraga gukomeza mu cyiciro gikurikiyeho cy’iryo rushanwa nk’imwe mu makipe ya gatatu meza ariko icyo cyizere cyayoyotse ku wa gatandatu.
Uko gusezererwa hakiri kare kwatumye iyo kipe inengwa na benshi muri Koreya y’Epfo, mu gihe Perezida w'icyo gihugu Lee Jae-myung yasabye ko hakorwa iperereza ku mpamvu zatumye iyo kipe yitwara nabi.
Hong yasabye imbabazi abafana ku cyumweru ndetse avuga ko ari we wenyine nk’umutoza mukuru ukwiye kubazwa uko kwitwara nabi kw’iyo kipe.
Koreya y’Epfo, yari iyobowe n’umukinnyi uzwi cyane Son Heung-min, yatsinzwe imikino ibiri, itsinda umwe, mu gikombe cy’isi, irangiza mu itsinda iri inyuma ya Mexique n’Afurika y’Epfo.
Ukenga iyo kipe kwiyongereye byihuse nyuma y’umukino wa nyuma wayo wayihuje n’Afurika y’Epfo ku wa kane ushize, ubwo Afurika y’Epfo yayitsindaga igitego 1-0.
Izindi nkuru wasoma:
Venezuela: Abahungu babiri ni bamwe mu bantu 33 batabawe bakurwa mu byashenywe n'imitingito

Ahavuye isanamu, ungrd_oficial
Izindi nkuru z’ibitangaza z’abatabawe muri Venezuela ku cyumweru zamenyekanye, nyuma y’iminsi imitingito ibiri ikomeye ishegeshe icyo gihugu.
Perezida w’agateganyo Delcy Rodríguez yavuze ko mu mpera y’icyumweru gishize abantu 33 bakuwe ari bazima mu byashenywe n’imitingito.
Muri bo harimo abahungu babiri, buri umwe w’imyaka 11, batabawe ku cyumweru bakuwe ahantu hatandukanye mu nyubako zahirimye, hagacamo amasaha hagati y’igikorwa kimwe n’ikindi cy’ubutabazi.
Ariko abantu babarirwa mu bihumbi za mirongo baracyaburiwe irengero, mu gihe icyizere cyuko hari abandi barokotse baboneka kirimo kugenda kiyoyoka buri uko isaha ishize.
Imiryango itanga imfashanyo ivuga ko amasaha ya mbere ari hagati ya 48 na 72 yakurikiye ibyo byago yari ingenzi cyane mu gutahura abakiri bazima. Benewabo b’ababuriwe irengero bagiye kumara ijoro rya gatanu bategereje amakuru y’ababo.
Kugeza ku cyumweru, abantu nibura 1,450 bari bamaze kwemezwa ko bapfiriye mu cyo Rodríguez yise “amakuba kamere ya mbere akaze cyane” abayeho mu mateka ya Venezuela.
Iyo mitingito yo ku bipimo bya 7.2 na 7.5 yatigishije Venezuela ku wa gatatu ushize, itandukanyijwe n’amasegonda 39 hagati y’umutingito umwe n’undi, ituma inyubako hafi 800 zihirima, abantu benshi zirabatsikamira.
Imiryango yihebye ikomeje gucukura mu byasenyutse – rimwe na rimwe ikoresheje intoki – mu kugerageza kureba ko yabona abayo.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
