Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urubanza rwa mbere Shagufta Ahmed yaburanye nk'umushingwamanza rwari urwo uwishe se wiwe
Shagufta Tabassum Ahmed yemeye kwiga amategeko ku mpanuro z'abavyeyi, kuko nta mugambi yari afise wo kuba umushingwamanza. Yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC Megha Mohan ingene amaze imyaka 16 agwana kugira abishe se wiwe bahanwe.
Ivyo nibuka kuva umusi numva data, Dr Taher Ahmed, yishwe ntibirafudika, ariko sindavyibuka vyose.
Ndibuka icumba, ariko sinibuka uwari akirimwo. Hari ku musi wa gatanu, ariko sinibuka isaha. Ndibuka numva telefone yo munzu ihamagara ariko sinibuka umuntu wo mu muryango yayitavye.
Yari musaza wanje yariko arahamagara.
"Bamutoye. yishwe."
Sinibuka uwasubiyemwo ayo majambo ya musaza wanje, ariko muri uyo mwanya ubuzima nari nzi bwari burangiye.
Ubwo nyene mawe yaciye aturikisha ararira. Hanyuma twaciye twicara mu gacerere kenshi aho twumva ko ikiziga ca data catowe mu kinogo cisukamwo umwanda uvuye mu buzu bwa surwumwe bwa kaminuza ya Rajshahi, aho yakora nk'umwigisha mu gisata c'ubutare n'agataka.
Umuryango wose wacu wari wakoraniye kwa musaza wanje ku mugwa mukuru wa Bangladesh, Dhaka. Ntitwari kumwe, kubera umusi umwe imbere, yafashe urugendo rw'amasaha atandatu n'imodoka aja i Rajshahi, hagufi y'urubibe Bangladesh ihana n'Ubuhindi, agiye kurondera data.
Umuryango waciye utangura kuvugira rimwe, umwe aciramwo uwundi.
Gute? Kubera iki?
Ni nde yari yipfuza kumwica?
Data, atakunda kwiyerekana nk'umuntu yaminuje, yashobora gutambuka canke akaja mu modoka zitwara abantu zisanzwe hakugura imodoka nziza, umwarimu wa kaminuza abanyeshure basa n'abakunda cane, umugabo yashobora gusuma imfungurwa no guteka mu gihe bitari bimenyerewe muri Bangladesh, umuvyeyi naguma mfashe ukuboko turiko turajabuka ibarabara mfise imyaka 18... Ni nde yamwipfuriza urupfu?
Iki kibazo cabaye intango y'ngorane nyinshi mu muryango wanje.
Imbere y'imisi ibiri, ku musi wa gatatu itariki 1 z'ukwezi kwa kabiri mu 2006, data yari yafashe ibisi iva i Dhaka aja kuri kaminuza ya Rajshahi.
Yarakunda ingene iyo kamimuza icangamutse, aho umuryango wanje wabaye igihe nari nkiri muto. Ico gihe twaba mu nzu ya kaminuza nto, kandi ibintu vyose twakenera vyari hagufi. Musazanje Sanzid nanje twagenda n'amaguru kw'ishure mu gitondo hanyuma ku mugoroba twaba turi ku bibuga vy'inkino hamwe n'abandi bana b'abigisha kuri kaminuza. Twari tuzi buri muntu wese kuri iryo shure. Cari ikibanza c'umunezero kandi gitekanye kuri twebwe.
Mu nyuma, jewe na Sanzid twaravuye kw'ishure hanyuma twimukira i Dhaka. Sanzid aca atangura akazi muvyo kwitaho abakozi mu kigo kinini kijejwe ubudandaji.
Nisunze impanuro za data, zari nk'izo uwuvugishwa uravye ivyakurikiye, nize amategeko kuri kaminuza. Nta mugambi nari mfise wo kuba umushingwamanza; nibaza ko nkeka mpejeje amashure nari kuja gukora mw'ishirahamwe mpuzamakungu ritegamiye reta, canke kwigisha muri kaminuza. Ariko data yasa n'uwubona icoba ciza ku muryango. Natanguye kaminuza mu 2006 hanyuma mawe aca aza kuba iwanje i Dhaka, igihe nimuka.
Mu ndwi yapfuyemwo, data yaraje i Dhaka kuturamutsa twese imisi mike, aho yavuye inyuma y'isaha zitandatu z'umutaga ku musi wa gatatu itariki imwe z'ukwezi kwa kabiri mu 2006 aja i Rajshahi. Yarahamagaye mawe amubwira ko yashitse amahoro, hanyuma arasubira arahamagara inyuma y'amasaha make, imbere y'isaha zitatu z'ijoro. Nibaza ko yariko aritegura kuryama. Mu nyuma igipolisi casanze ipataro yiwe imanitse ku muryango w'icumba ciwe.
Ashobora kuba yamaze umwanya muto. Uwamupimye mu nyuma yavuze ko yishwe imbere y'isaha zine z'ijoro.
Data yari yasubiye kuri kaminuza mu nama yo kwiga kuri kazoza k'uwo bakorana, Dr Mia Mohammad Mohiuddin.
Dr Mohiuddin yigeze kuba umugenzi wacu cane, ariko ubucuti hagati yiwe na data bwaheze bukwi na bukwi imbere y'aho gato. Data yari yabonye ibintu vyinshi bijanye no gukoporora mu gikorwa ca Dr Mohiuddin, akaba yari yabishikirije abandi bigisha. Hari hateguwe inama yo kuganira ku kungene ico gisata cokwifata kuri ico kibazo.
Ariko data ntiyigeze aboneka muri iyo nama. Ntiyitaba na telefone. Uwujejwe gukurikirana inzu yabamwo, Jahangir Alam, yavuze ko atari muhira - yongerako ko, mu buryo butangaje, atigeze amubona agaruka.
Kubera kumuhagarika umutima, mawe yaciye asaba musazanje kuja i Rajshahi, kuri uwo mugoroba kumurondera.
Ku musi ukurikira, itariki 3 z'ukwezi kwa kabiri mu 2006, musazanje yaratoye ikiziga ca dawe mu kinogo cisuka mw'imicafu ivuye mu tuzu twa surwumwe cari mu kigo c'uburaro bwa kaminuza. Haciye haba amatohoza y'ubwicanyi.
Mu mwanya muto, amaso y'amakungu yasa n'uko ahanze umuryango wanje. Urupfu rwa data rwabaye inkuru ikomeye, urupfu rudasiguritse, ububegitu burenze urugero. Isura yiwe yaguma yerekanwa ku mboneshakure inacafye mu bimenyeshamakuru.
Ibimenyeshamakuru mpuzamakungu n'ivyo hagati mu gihugu vyararondeye uko vyandika iyo nkuru mu mpande zose: mwiza, azwi cane, abagabo bafise amagara meza ntibapfa muri ubwo buryo.
Hari ibibazo vyinshi bitagira inyishu: Ni nde yoba yishe uwo mwigisha wa kaminuza w'icubahiro? Yoba azize ishari? Abafise ivyiyumviro bikarishe vya Islam? Bisigura iki ku banye Bangladesh?
Muri ico gihe c'amagume, naratangariye cane musazanje na mawe. Baciye bava hasi. Mawe yaciye asanga musazanje i Rajshahi gufasha igipolisi, kugira ikirangamisi no kwihweza urutonde rwabikekwa muri urwo rupfu.
Mu ndwi zike, Dr Mia Mohammad Mohiuddin - yakorana na data yari yagirijwe gukoporora ibikorwa vy'abandi - uwagenzura uburaro bwa kaminuza, Jahangir Alam, hamwe n'abandi bantu bane, harimwo mwenewabo na muramu wa Alam, barahagaritswe bagirizwa urupfu rwa data.
Igihe hariko haraba urubanza, Jahangir Alam n'umuryango wiwe bagirije Mohiuddin ko yabagondoje ngo bice data abemerera amahera, inyabwonko hamwe n'ubuzi muri kaminuza. Mohiuddin yarahakanye ivyo yagirizwa.
Mu 2008, bane mu bagabo baragiriwe n'icaha muri sentare ya Rajshahi, bacirwa n'urubanza rwo gupfa, abandi babiri bagirwa abere. Urubanza rwategerezwa kuba rurangiye ariko si ko vyagenze. Abo bagabo bane baciye bunguruza urubanza, urubanza ruca ruja muri sentare nkuru ya Bangladesh.
Mawe na musazanje bakora batiziganya kugira haboneke ubutungane ku rupfu rwa data. Ariko jewe ntaco nakora. Igihe sentare y'intango yaca urubanza, nasa n'aho ari ho nari nkiva mu buyabaga (Adolescence).
Umuryango wagumye unkingira buri gihe, n'inyuma y'urupfu rwa data, bagumye bambwira bashimitse ko igikorwa canje conyene ari guheza kaminuza. Bose baranshigikiye haba mu buryo no mu bindi vya nkenerwa.
Narabandanije kwihatira ku vyigwa vyanje, ngerageza gushira inguvu nyinshi mu gusoma ibitabo vyanje bijanye n'amategeko, ariko sinari bwamenye neza ico nzokora mu buzima bwanje.
Mu 2011, urubanza rw'urupfu rwa data rwarashitse muri sentare nkuru. Sentare yemereye Dr Mia Mohammad Mohiuddin, uwo data yagiriza gukoporora ibikorwa vy'abandi, kwidegemvya atanze ingwati, aca ararekurwa mu mwanya wose urwo rubanza rwamaze. Yarondeye abashingwamanza barenga 10, ukwiregura kwiwe kukaba kwari kugiye kugorana.
Bukwi na bukwi, ubwenge bwaciye bugaruka. Naciye menya ico nkwiye gukora mu buzima bwanje. Nshobora gukoresha urupapuro rwanje rw'umutsindo muvyo amategeko mu gufasha gucira urubanza abashe dawe. Nta wundi nabona yobikora. Naratembereje umutwe cane.
Narashobora kuba ihuriro ry'umuryango wanje no guhindura mu rundi rurimi impapuro zabo. Nari nzi igipolisi, nari nzi data kandi nari nzi babiri mu bagirizwa. Nashobora kuba nkenerwa muri urwo rubanza mu guhiga ubutungane ku muvyeyi wanje.
Naronse urupapuro rw'umutsindo mu gisata c'amategeko mu 2012, ubwo nyene ca ntangura gufasha abashikirizamanza. Muri Bangladesh nta bapfasoni benshi bahari b'abashingwamanza muri sentare z'ivyaha vy'ubwicanyi, ariko umuntu wese yarabona agaciro kanje, ndahabwa n'ikaze na bamwe muri uwo mugwi. Aho ni ho nakanuriye.
Naranse izindi manza kugira nshire inguvu nyinshi ku rubanza rwa data.
Mu 2013, sentare nkuru yaraciye urubanza. Igumizaho igihano co gupfa kuri Dr Mia Mohammad Mohiuddin, uwo data yari yagirije gukoporora ibikorwa vy'abandi, hamwe n'uwagenzura inzu za kaminuza, Jahangir Alam. Ariko, abandi bagabo babiri, bafitaniye ubucuti na Alam, igihano cavuye kuco gupfa kija ku gupfungwa ubuzima bwabo bwose. Umucamanza yasiguye neza ko bafashije mu caha, ariko ko ari Mohiuddin na Alam bateguye kwica data.
Ariko ntivyagarukye ngaho.
Uwo mukozi yari ashinzwe amazu ya kaminuza hamwe n'umuryango wiwe barasavye imbabazi kuba barishe data, bose bavuga ko babisabwe bongera bahabwa amahera na Mohiuddin. Ariko ababuranira Mohiuddin baciye basubira kwunguruza, mu gisata gisubiramwo imanza muri sentare ntahinyuzwa ya Bangladesh - muri sentare ya nyuma isubiramwo imanza muri ico gihugu.
Naricaye ku mpapuro ndazitegura, nditegura ku mwanya, ndihweza kahise k'abo bicanyi, ndavugana n'abashingwamanza hanyuma ngumiza musaza wanje na mawe mu cizere.
Amajoro, amayinga, iramazani nyinshi (ramadhan), vyose twabimaze dusenga tuniyibutsa intumbero yacu - ubutungane n'amahoro kuri dawe - tubona ko vyegereje. Ico gihe nari umushingwamanza w'inshigwarimenetse mfise intumbero, ku myaka yanje nka 30, sinari wa muyabaga w'umwigeme isi yubamyeko mu 2006.
Ariko twisunze ikirangamisi c'amasentare. Twararindiriye imyaka miremire umunani kugira urwo rubanza rwo mw'iyungururizo rwumvirizwe.
Mia Mohiuddin ni umuntu azwi kandi atunze, muramuwe ni umunye politike akomeye cane. Yari afise ubutunzi n'umugwi w'abashingwamanza bamufasha.
Abo bashingwamanza bavuga ko urupfu rwa data ata co rumurabako, ko we na data bari abagenzi ba hafi, kandi ata cemeza na kimwe kihari. Ntibitaye n'uko abandi bagabo batatu basiguye ido n'ido y'uko vyagenze, kandi inyifato yiwe inyuma y'urwo rupfu ntiyari iyo umuntu wokwibaza ko yegereye cane umuryango wacu.
Mohiuddin, umugabo yahora atugendera kenshi mu myaka y'imbere, ntiyigeze aza ku maziko ya data - i we muntu wenyene bakorana atigeze ahahonyoza ikirenge. Canke ngo ashike mu muryango wacu kutwihanganisha.
Sentare ntahinyuzwa, kubera imanza nyinshi yari ifise, ntiyigeze ishira ku rutonde urwo rwa dawe, gushika mu mpera z'umwaka uheze, hakaba hari itariki 5 z'ukwezi kwa kane aho abacamanza, barongowe na Hasan Foez Siddique, bemeza ko Dr Mia Mohammad Mohiuddin yagiriwe n'icaha co kwica data, baca banemeza n'igihano yahawe c'urupfu.
Inyuma y'isomwa ry'urwo rubanza, narasohoye itangazo kw'izina ry'umuryango wanje mvuga ko tunezerejwe n'urubanza aciriwe, ariko sinzi neza ijambo "kunezerwa" ryoba ari ryo rikwiye gukoreshwa. Sindaronka amajambo akwiye yo gusigura ingene iyo myaka 16 iheze yari imeze mu muryango wacu. Bwari ububabare burenze urugero. Rimwe na rimwe ndibaza ko nzosubira kwumva amahoro, nzi neza uko data yapfuye.
Intambara yo kurondera ubutungane ku rupfu rwa data nagwanye maze gukura, ku buryo ubuzima bwanje bwite nabanje kuba ndabuhagaritse.
Abantu barambaza ko nzotinda ngashinga umuryango wanje. Birashoboka mu gihe abisha data bazoba barapfuye. Ico gihe bizoba bisa n'ibiheze. Data yari nk'isi yose kuri jewe, yari umuntu mwiza cane, yisoneye, atishira hejuru kandi w'intungane.
Ivyo abicanyi bakoreye data, kubera gusa Dr Mohiuddin agira atakaze akazi, birenze ukwemera, ariko mu kibanza ciwe, nzobandanya, nzogwanira ubutungane hanyuma mbe mu buzima bwiza.