Burundi-Tanzania: Asaba reta y'Uburundi gukora ikibereye ku bwicanyi bakorewe ariko bidacanishamwo

Abarundi bo mw'ikambi ya Katumba mu munezero bahawe ubwenegihugu bwa Tanzania

Ahavuye isanamu, UNHCR

Insiguro y'isanamu, Abarundi bo mw'ikambi ya Katumba mu munezero bahawe ubwenegihugu bwa Tanzania
Yatangajwe

Mu gihe hahimbazwa imyaka 50 iheze abarundi bahungiye muri Tanzania kubera ubwicanyi bwo mu 1972, umwe mu babarongoye, Leonard Niyinteretse, asaba reta y'Uburundi gukora ikibereye ku bakoze iryo bara ariko hisunzwe gutsimbataza amahoro.

Leonard Niyinteretse arongoye kimwe mu bigwati cumi na kimwe biri mw'ikambi ya Ulyankuru, mu ntara ya Tabora.

Ari mu Barundi barenga ibihumbi 160 bahunze mu 1972 bahawe ubwenegihugu na Reta ya Tanzania.

Igihe bariko barahimbaza imyaka 50 bamaze bashitse mu gihugu ca Tanzania, bagarutse ku vyabashikiye mu 1972 banashimira Imana kuba yarabarokoye.

Izo mpunzi zagize uwo musi mukuru mu mico n'imigenzo vy'ikirundi mu kuvuza ingoma no mu mvyino zitandukanye kandi bambaye nk'abarundi.

Ku kibazo c'ababagiriye nabi, bavuga ko bo nk'abatanzania ubu, bipfuza ko ico kibazo cokwicarirwa n'Abarundi ubwabo.

Leonard Niyinteretse agira ati:"Twebwe nk'abatanzania ubu biragoye kwisuka mubiraba Uburundi igihugu kibanyi.

"Reta y'Uburundi n'irabe ikibereye gukorwa kubakoze iryo shano, ariko kitaza gihungabanya amahoro n'umutekano vy'ico gihugu kuko inzu y'umubanyi ihiye n'iyawe irafatwa.

"Twipfuza ko ingingo yose yofatwa ku bwicanyi bwabaye mu 1972 itoza isubiza inyuma intambwe y'amahoro n'umutekano igihugu gifise ubu.

"Twipfuza kuza mu Burundi ejo canke hirya y'ejo gufashanya n'abandi kubuteza imbere".

Avuga kandi ko n'aho ubu ari abatanzania agatima ko kari mu Burundi.

Bashimira reta ya Tanzania yabakiriye mu gihe kigoye, na cane cane abasangwa batabataye bonyene.

Leonard Niyinteretse yagize ati:"Turashimira abatanzania bo mu bwoko bw'Abanyamwezi, Abasumbwa, Abasukuma n'Abaha batwakiriye.

"Baratweretse aho tuvoma, baduha imbuto n'aho turima, batwereka umwonga uhuma n'uwudahuma".

Leonard Niyinteretse avuga ko n'aho ubu ari abatanzania agatima, kari mu Burundi

Leonard Niyinteretse avuga ko n'aho ubu ari abatanzania agatima, kari mu Burundi

Ahavuye isanamu, Leonard Niyinteretse

Insiguro y'isanamu, Leonard Niyinteretse avuga ko n'aho ubu ari abatanzania agatima, kari mu Burundi

Abandi bashimiye ni amashirahamwe yagiye arabafasha nk'ishirahamwe mpuzamakungu rifasha impunzi kw'isi UNHCR, TCRS (Tanganyika Christian Refugee Service) na Caritas.

Kuva itariki 29 z'ukwezi kwa kane mu 1972, reta yari irongowe na Michel Micombero yiraye mu Bahutu b'incabwenge irasasika, abadapfuye bahungira mu bihugu bibanyi harimwo na Tanzania.

Benshi bakaba bashikiye mu makambi ya Ulyankuru, Mishamo na Katumba.

Imbere y'uko Abahutu bicwa harabaye igitero c'abantu bitwaje ibigwanisho ku Batutsi mu gice c'ubumanuko bw'Uburundi haricwa benshi.

Intwaro ya Micombero mu gutabara, yaciye yica Abahutu b'incabwenge mu gihugu cose, harimwo n'abadandaji, babata mu binogo rusangi.

Ni na co gihe hicwa umwami w'Uburundi Ntare V, Ndizeye Karoli.

Umurwi ujejwe ukuri no kurekuriranira, CVR uherutse kwemeza ko, ufatiye ku bimenyeto ufise, habaye ihonyabwoko ry'Abahutu mu 1972 mu Burundi.

Amashirahamwe amwe amwe nka AC-Genocide (Action contre la Genocide) ntiyemera ibishikirizwa n'umugwi CVR, kuko bo bemeza ko mu 1972 ahubwo habaye ihonyabwoko ry'Abatutsi.