DR Congo: Abababa 30 bagandaguwe mu ntara ya Ituri

FARDC

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Abantu n'imiburiburi 30 nibo bagandaguwe mu gitero camaze imisi ibiri cakozwe n'abantu bitwaje ibirwanisho mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe Croix Rouge.

Ibi vyabereye mu ntara ya Ituri, isanzwe igendera ku mategeko yo mu ntambara co kimwe n'intara ya Kivu ya Ruguru ihana urubibe nayo, ni mu twigoro twa reta two guhagarika ibitero bikorwa n'imirwi y'inyeshamba.

Ibi bitero bivugwa ko vyoba vyakozwe n'umuhari Allied Democratic Front (ADF), umwe mu mirwi iteye isibe muri ako karere.

Bari ba ruburakigongwe - bamwe mu bishwe wasanga baboshwe - abandi nabo bakerewe amazosi.

Amazu yaraturiwe amantungo yabo nayo aranyagwa.

Muri Kigarama(12), abasirikare ba Uganda barenga 1.000 bararungitswe muri Congo mu citwa ibikorwa rusangi vya gisirikare bifise intumbero yo gutuza ADF.

Ariko uyo muhari ubandanya wiha inkumbi mu bitero ukora ku banyagihugu babayeho nabi, n'aho abategetsi bavuga ko hari akarusho.

Muri Kivu ya Ruguru, uwundi muhari w'inyeshamba M23 uherutse kuva mu mitumba wari wigaruriye mu gitero wari wakoze, ivyatumye abatari bake bata bagahunga.