Umugabo wo muri Queensland yapfuye inyuma yo gucibwa ukuguru n’uwo bavyumvikanye

Police car in Melbourne, Australia in 2004

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iiporisi cibaza ko hari umwumvikano warimwo ko umugabo umwe aca ukuguru kwa mugenziwe akoresheje umusumeno
Yatangajwe

Umugabo yagirijwe kwica umuntu bivugwa ko yamuciye ukuguru akoresheje umusumeno mu buraruko bushira ubuseruko bwa Australia.

Uwo mugabo w'imyaka 66 yapfiriye muri parc ya Innisfail, Far North Queensland , ku wa gatandatu hakiri kare aho yatowe n'abahita, nk'uko igiporisi kibivuga.

Ikiporisi cibaza ko uwo mugabo, hamwe n'uwo yikekwa w'imyaka 36 , bari bagiraniye umwumvikano aho uwo akiri muto yari guca ukuguru kw'uwo wundi.

Abo bagabo bari basanzwe bazinanye nk'uko igiporisi kibivuga.

Igiporisi kivuga ko abo bagabo bagiye n'imodoka bari kumwe muri iyo parc , hanyuma haheze iminota 20 uwo mugabo w'imyaka 36, akoresheje umusumeno, aca acira munsi y'ivi ukuguru kw'uwo wundi .

Uwo yikekwa mu nyuma yaciye afasha uwo wundi gushika mu modoka, nawe aca arahava n'amaguru.

Umuntu ahita niwe yahavuye aseruka kuri uwo mugabo yaciwe ukuguru aca ahamagara ubutabazi bwihuta, ariko uwo mugabo w'imyaka 66 ashitse kwa muganga yaciye apfa.

Umugenduzi mu giporisi gikora amatohoza Gary Hunter yabwiye ibinyamakuru muri Australia ati:

"Mu myaka 34 maze ndi umuporisi, sinari bwigere mbona ibintu nk'ibi."

Yavuze ko "bibabaje cane" kandi ko bitazwi igituma ukuguru kw'uwo mugabo kwaciwe.

Uwo yikekwa arareguka muri sentare kuri uyu wa mbere.