Simon Nellist: yamenyekanye ko ari umwongereza yishwe na roquin i Sydney

Yatangajwe

Umugabo w'umwongereza w'imyaka 35 yamenyekanye amazina nk'uwishwe n'ifi yo mu bwoko bwa roquin/shark i Sydney mw'isanganya rya mbere nk'iryo mu myaka hafi 60.

Umugenzi w'umuhisi yemeje ko Simon Nellist yishwe n'iyo fi ku wa gatatu.

Igipolisi gushika ubu ntikiremeza umwidondoro w'uwo muntu kandi umuryango wiwe ntaco uravuga.

Abategetsi ba Australia baracariko barahiga iyo fi ya roquin nini cane yera , abaza kwoga bakaba babujijwe kuja mu mazi mbere n'ibibanza vyinshi vyo kuri plage/beach bikaba vyugawe inyuma y'ico gitero co ku wa gatatu.

Nellist, yari asanzwe ari umwigisha mu kwibira - yatewe n'iyo roquin hafi ya Little Bay muri Sydney yo mu buseruko.

Yari muri club yo kwigisha kwibira yitwa yitwa Scuba Diving Social Club kandi akaba yari asanzawe akunda kwoga ku nkengera z'ikiyaga, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC i Sydney Shaimaa Khalil.

Ibitero vy'ama roquin muri Sydney ntibiba kenshi kuko igisagara gisanzwe carashize insenga n'ibindi vyo kuzigiza kure mu mazi.

Abahinga mu gukizura mu mazi ku wa kane bakizuye ku birometero 25 barondera iyo roquin/shark.

Abategetsi bifashisha kandi kajugujugu n'indege zitagira abadereva (drones).

Reta muri iyo ntara ivuga ko abahinga bayo mu bijanye na roquin bagereranije ko iyateye uwo muntu ari roquin nini yera ipima "nibura imeterero zitatu" mu burebure bafatiye ku masanamu yafashwe n'umwe mu babonye igihe isanganya ryaba.

Benshi mu bari bahari igihe isanganya ryaba bavuga ko iyo roquin yateye uwo muntu n'ububisha bwinshi.

Kris Linto yabwiye Nine News ati: [Umuntu] yariko aroga hanyuma roquin iraza iramusumira".

"Twumvise akaborogo duca turahindukira kuraba, wamenga n'imodoka ikorokeye mu mazi, amazi menshi araduga , hanyuma roquin."

Umugabo umwe yavuze ingene yariko araroba ahagaze ku mabuye igihe yabona uwo yariko aroga ariko arakwegwa ajanwa munsi y'amazi.

Yabwiye BBC News ati: "Vyari biteye ubwoba. N'ubu ndacajugumira, nguma ndahwa. Biteye ubwoba cane, cane."

Abategetsi mu nyuma barashoboye gutora ibice vy'umubiri w'uwo mugabo inyuma y'iryo sanganya.

Kugira umuntu na roquin bihure nitibikunze gushika n'ubwo hari roquin nyinshi mu mazi buri gihe.

Amasanganya akunda gushika mu mezi y'ubushuhe (hagati y'ukwa 12 n'ukwa kabiri) muri Australia kuko abantu baza mu mazi baba benshi.

Ubundi muri Australia haba amasanganya ya roquin nka 20 mu mwaka na cane cane muri New South Wales na Western Australia.

Gushika ubu muri uyu mwaka hamaze kuba amasanganya ane. Mu 2021 habaye abiri yahitanye abantu barapfa, mu 2020 yari yabaye indwi.

Ubundi muri kahise, kwicwa n'ukurumwa na roquin ntibikunze gushika. Mu bizwi mu kiringo kirenga imyaka ijana, urugero rwo gupfa mu bitero vya roquin muri Australia ni 0,9 - n'ukuvuga munsi y'umuntu umwe ku mwaka.