Jenerari wo muri UAE yagirizwa iyica rubozo yatowe kuba umukuru wa Interpol

Ahavuye isanamu, Reuters
Umu-jenerari wo muri Emirats Arabes Unis (United Arab Emirates) yagirijwe uruhara mw'iyica rubozo yatowe kuba prezida w'igiporisi mpuzamakungu Interpol.
Ahmed Nasser al-Raisi, umugenzuzi mukuru mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati muri UAE, azokora imyaka ine ako kazi katari ako umwanya wose kandi katagira umushahara.
Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yari yakoze uko ashobora kugira ntiyemererwe kwitoza, amwagiriza kudakora amatohoza ku ibirego bifadika vy'iyica rubozo ryagirizwa inzego z'umutekano za UAEA.
Gen Raisi arahakana ibivugwa.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa UAE bwavuze ko bwemera "bushimitse ko ugufatwa nabi n'igiporisi ari ishano kandi bidakwiye kwihanganirwa".
Gen Raisi yatowe nk'umukuru wa Interpol inyuma y'incuro zitatu zo gutora ryitabwa n'ibihugu bigize urwo rwego mu nama yarwo ya bose i Istambul muri Turkia.
Amabanga yiwe arimwo kugirisha inama z'umugwi nshingwabikorwa, ari nawo ukurikirana akazi k'umunyamabanga mukuru Jürgen Stock. Ikibanza Stock arimwo co n'ico akazi k'iminsi yose ko gukurikirana imirimo ya buri munsi ya Interpol.
Gen Raisi yanditse kuri twitter ati ryabaye "iteka" gutorwa kuba prezida aca yemera "kwubaka urwego ruzorushirizaho gukorera ku mugaragaro, rurimwo ubutandukane, rufata ingingo kandi rukora ku mutekano wa bose".
Muri rindi tangazo, yavuze ko igihugu ciwe ca UAE ari "kimwe mu bihugu bitekanye cane kw'isi" kandi ko ibihugu vyo mu kigobe c'Abarabu bibandanya kuba "inguvu za mbere zikomeye mu kuzana impinduka nziza mu karere ka mbere kagoye kw'isi".
Ariko umushakashatsi w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch mu bihugu vyo mu kigobe c'Abarabu, Hiba Zayadin, yavuze ko "wabaye umunsi mubi ku burenganzira bwa muntu n'intwaro ishingiye ku mategeko kw'isi nzima".
Madame Zayadin yavuze ko uwo mu jenerari "aserukira imwe mu ma reta ya mbere ashobora kuba atwaza umukazo mu kigobe c'Abarabu, imwe ishira ku murongo umwe ukutavuga rumwe nayo mu mahoro n'iterabwoba".
Itorwa ry'uwo mujenerari ryiyamirijwe kandi n'incabwenge y'Umwongereza, Matthew Hedges, yahaye ikirego co gusaba indishi sentare nkuru ya Londres cagiriza Gen Raisi n'abandi bategetsi bakuru batatu bo muri UAE kuba bafise uruhara mu kwugaranirwa ahantu no gukubagurwa avuga ko yakorewe muri UAE mu 2018.
Abashingwamanza b'ikigo c'agateka ka zina muntu mu kigobe c'Abarabu, Gulf Centre for Human Rights (GCHR) nabo nyene baherutse gushikiriza ikirego kuri Gen Raisi mu Bufaransa no muri Turkia.
Ico kigo kimwagiriza kugira uruhara mu vyo kivuga ko ari ifatwa ritemewe n'amategeko n'iyica rubuzo vyakorewe umwe mu bazwi cane mu guharanira agateka ka zina muntu muri UAE, Ahmed Mansoor, yapfunzwe mu 2017 mu nyuma agacirirwa imyaka 10 y'umunyororo ku caha co "kuvuga nabi" igihugu ku mbuga hwaniro.
Umujena w'umukuru wa UAE Anwar Gargash yavuze ko ivyo birego ari "isekeza ritunganijwe kandi rikomeye ryo gusuzugura no kuvuga nabi" ubu amatora "yasyokoreye kw'ibuye ry'ukuri".









