DR Congo-Rutshuru: HCR ivuga ko abantu ibihumbi 11 bahungiye muri Uganda

Abanyagihugu ba Rutshuru barabira kure imirwano ya leta na M23 mu 2013

Ahavuye isanamu, AFP

Yatangajwe

Umuvugizi w'umukuru w'intara ya Kivu ya ruguru muri Republika ya Demokrasi ya Congo aremeza ko umuhari M23 wateye mu turere twa Chanzo na Runyoni muri Rutshuru mw'ijoro ryo ku wa mungu, bituma abantu benshi guhunga, harimwo n'abajabutse muri Uganda.

Ishami rya ONU riraba impunzi HCR rivuga ko gushika kuri uyu wa kabiri riharura abantu ibihumbi 11 bajabutse umupaka bagahungira muri Uganda. Ubu babaye baracumbikirwa ahitwa Nyakabande.

Ariko umuvugizi w'umukuru w'intara ya Kivu ya ruguru, jenerari Sylvain Ekenge avuga ko bamwe batanguye guhunguka. Avuga ko "umurindi ukiri muto, ariko nibaza ko mu masaha ari imbere baja gutahuka ku bwinshi".

Umuvuguzi wa HCR mu karere ka Afrika yo hagati, y'ubuseruko n'ihembe rya Afrika, Faith Kasima, avuga ko bigoye kumenya ibitigiri bishasha "ariko ico tuzi n'uko abari bajabutse umupaka bose bari ibihumbi 11".

Nta ngingo ntabanduka barafata

Madame Kasina avuga ko ico abo bantu babwira abakozi ba HCR ari uko bakeneye ahantu hatekanye.

Ati: "Benshi muri bo ubu nta ngingo ntabanduka bashobora gufata, yo kuguma ngaha canke gusubira inyuma."

Ico bashaka muri uyu mwanya ni ahantu hatekanye no kuronka imfashanyo - nk'ivyo kurya, ivyo kwifuka - ivyo nivyo HCR ifatanije n'ubutegetsi bwa Uganda turiko turagerageza kubakorera"

Ahari hatewe ubu hifashe gute?

Mu kiganiro na BBC, ku wa mbere, jenerari Ekenge yavuze ati: "Nk'igihe c'isaha zine z'ijoro (ku wa mungu), umuhari w'abagarariji ba M23, canke ibisigarira vyawo, warateye uturere twa Chanzo na Runyoni ufise umugambi wo guhanganya n'ibindi bice vy'intara".

Jenerari Ekenge yavuze ko abateye ari abo mw'ishami ryategekwa na Sultani Makenga. Umuhari M23 wo urabihakana.

Avuga ko baje bava "mu karere k'imipaka itatu " kari hagati ya Congo, Uganda n'Urwanda mw'ishamba rya Virunga".

Jenerari Ekenge avuga ko abateye bikitse mu kiza c'uko ata ngabo nyinshi za Congo zari zisanzwe muri ako gace kuko hari hatekanye ku buryo "bitari bikenewe gushira ingabo nyinshi hafi y'umupaka w'ibihugu mufitaniye umubano mwiza".

Mu kiganiro co kuri uyu wa kabiri, jenerari Ekenge yavuze ko ubu ingabo za Congo zagaruje ibirindiro vyose vyari vyatewe.

Yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Kuva ejo mu masaha y'umuhingamo, ingabo zacu zaragaruje ibirindiro vyose. Ubu nizo zigenzura uruhande rwa Congo rw'umupaka bihana na Uganda n'Urwanda".

Abateye bari he?

Avuga ko adashobora kwemeza niba abateye baje bava hakurya y'umupaka mu Rwanda canke muri Uganda.

Ati "Gusa ico twemeza n'uko ari aba M23. Ntibinyegeza. Barigaragaza, bashize no ku mbuga hwaniro ama video yabo".

Umusirikare wa M23 mu 2013

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Leta ya Congo yemeza ko ari M23 yagavye ibitero

Ku kibazo co kumenya iyo abari bateye baroye, jenerari Ekenge yasubije ati "hari aho bari bazananye, ni naho basubiye".

Hagati aho yavuze ko umukuru wabo mu ngabo yagize ingendo muri Uganda no mu Rwanda, "aho niho bazovugana hakaboneke umuco kuri ico kibazo".

M23 irahakana kugaba igitero i Rutshuru

Umuhari M23 waheruka kuvugwa mu 2013 ugwanya reta ya Congo uvuga ko itubahiriza amasezerano bari baragiraniye.

Uburongozi bw'umugwi M23 buhakana kugira uruhara na rumwe mu gitero cagabwe i Rutshuru ngo kuko bidashobora kwumvikana.

Mw'itangazo wasohoye ku mugoroba w'ejo kuwa mbere, umuhari M23 uvuga ko umaze umwaka mu biganiro na leta ya Congo bigamije gutunganiriza abahoze ari abarwanyi bawo.

Iryo tangazo ribandanya rivuga yuko mu gihe ivyo biganiro biriko biraba kandi ngo bikaba bigenda neza, ata kuntu M23 yaco ica inyuma ngo yiyononere.

Ngo ariko bihora bishika ko ingabo za FARDC zitagenzurwa zija gusotora abarwanyi ba M23 bari i Rutshuru kuva mu 2017, ngo ukwo gusotorwa kukaba kwatanguye mu mwaka wa 2020 ngo ariko baririnze gusubiza.

Iryo tangazo rirangiza risaba ko ingabo zitagenzurwa za FARDC zokurwa mu turere twa Rutshuru zirimwo kugira ivyo bikorwa vyo gusotorana bihagarare.

Amasezerano atubahirijwe

Ayobangira Safari, umushingamateka wa Masisi muri Kivu ya ruguru, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ibikorwa vy'inyeshyamba bimaze iminsi biri mu burasirazuba bwa DR Congo ari "ingaruka za gahunda yo gusubiza abari abarwanyi mu buzima busanzwe canke mu ngabo, idakora neza."

Agira ati: "Nta kintu cakozwe mu gufasha abavuye mu mitwe y'inyeshamba, ico tuzi ni uko ubu benshi muri abo bantu bari hafi ya Bunagana ari abahoze muri M23 bagitegereje gusubizwa mu buzima busanzwe.

"Turasaba leta gukora ku buryo aba basore bose bakiri mu murongo wo gusubira mu nyeshamba bafashwa gusubira mu buzima bwa gisivile canke bagashirwa mu gisirikare".

Intara za Kivu uko ari zibiri zirangwamwo imigwi yitwaje ibigwanisho irenga 100 imaze imyaka mirongo ihungabanya ako karere k'ubuseruko bwa Repuburika y'intwaro ya demokrasi ya Congo.