Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: Aba Taliban bafashe umugwa mukuru w'intara wa Ghazni
Aba Taliban bigaruriye igisagara ca Ghazni, gikomeye uravye aho gitumbereye, kikaba kibaye umugwa mukuru w'intara ugira cumi bafashe mu kiringo kidashika n'indwi.
Inzego zijejwe umutekano zafashe umukuru w'intara ya Ghazni hamwe n'icegera ciwe inyuma yo guhunga ico gisagara.
Ghazni kiri kw'ibarabara rikuru rya Kabul-Kandahar, rihuza uturere twigaruriwe n'abo bagwanyi mu bumanuko n'umugwa mukuru Kabul.
Gufata Ghazni bitumye hibazwa ko bishoboka ko amaherezo bashobora kurondera gufata umugwa mukuru, Kabul, ubwawo.
Hafi ica gatatu c'imigwa mikuru y'intara uko ari 34 ubu iri mu minwe y'aba Taliban.
Abo bagwanya reta bagize umurindi munini cane muri iyi minsi, bafata uturere dushasha hafi ku munsi ku munsi, kuva aho ingabo za Amerika n'izindi zo mu mahanga zitanguriye kuva muri ico gihugu inyuma y'imyaka 20 ziri muri iyo ntambara.
Ari i Ghazni, umwe mu bagize inama y'intara yabwiye BBC ko aba Taliban bafashe hafi igisagara cose, kiretse igituro kimwe c'igiporisi ku nkengera za Ghazni kikiri mu minwe y'abajejwe umutekano ba reta.
Indwano zikomeye zaravugwa kandi mu gisagara ca Kandahar ku wa gatatu.
Aba Taliban bavuga ko bafashe ibohero ry'ico gisagara, n'ubwo ivyo bitaremezwa.
Mu gisagara co mu bumanuko ca Lashkar Gah, umugwa mukuru w'intara ya Helmand, aba Taliban bafashe icicaro gikuru c'igiporisi.
Hagati aho, ubusrukizi bwa Amerika muri Kabul, bwavuze ko bwumvise amakuru avuga ko aba Taliban bahohosha abo mu ngabo za Afghanistan baba bishikanye , buvuga ko ivyo ''biteye impungenge cane kandi bishobora kuba ari ivyaha vyo mu ntambara."
Abanyagihugu basanzwe (aba civil) bashika 1.000 barishwe muri Afghanistan mu kwezi guheze, ku bwa ONU.
Muri iyi ndwi abantu ibihumbi n'ibihumbi bo mu ntara zo mu buraruko bacitse impunzi z'imbere mu gihugu, bagana Kabul kurondera ahatekanye.
Ku nkengera za Kabul hamaze gushingwa amakambi mu gihe hari abandi bantu bivugwa ko baryamye mu mazu y'ububiko yahebwe.
Umuntu w'imyaka 35 agenda aragurisha ibintu mw'ibarabara yahunze intara ya Kunduz aba Taliban bamaze guturira inzu yiwe yabwiye BBC ati: "Nta mafaranga dufise yo kugura umukate, canke yo kugura umuti w'umwana wanje".
Kubera uwo murindi w'aba Taliban, reta y'Ubudagi yagabishije ko ishobora guhagarika amafaranga ya buri mwaka yaha reta ya Afghanistan angana na miriyoni $500 hamwe aba Taliban bofata igihugu cose.
Ubudagi bwanahagaritse gusubiza iwabo ku nguvu abanya-Afghanistan bananiwe no kuronka ubuhungiro muri ico gihugu.
Na reta y'Ubufaransa yatangaje ko ifashe ingingo nk'iyo.
Ku wa gatatu, Afghanistan yasubirije umukuru wa gisirikare, Gen Wali Mohammad Ahmadzai, yari muri ayo mabanga kuva mu kwezi kwa gatandatu gusa.
Ku wa gatatu nyene, prezida Ashraf Ghani yafashe indege aja mu gisagara ca Mazar-i-Sharif - gisanzwe kizwi kuba kiterekwa aba Taliban - kugerageze guhimiriza ingabo zishigikiye reta ngaho.
Mazar-i-Sharif iri hafi y'urubibe na Uzbekistan na Tajikistan, kugitakaza bikaba vyoba bivuze ko reta yoba itakaje kugenzura uburaruko bw'igihugu.