Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: Aba Taliban bateye umuhana w'umushikiranganji wo kwivuna abansi i Kabul
Igitero giteye ubwoba cakozwe ku muhana w'umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Afghanistani i Kabul cahitanye nibura abantu umunani, kikaba ari co gitero ca mbere ca bombe gikozwe n'abarwanyi biyitirira idini rya Islam muri iki gisagara mu kiringo hafi c'umwaka.
Nijoro ku wa kabiri, Bismillah Khan Mohammadi ntiyari muhira igihe abantu bitwaje ibirwanisho baturitsa ikibombe cari gitezwe mu modoka bakagikurikiza amasasu hafi y'akarere Green Zone gicungerewe bikomeye.
Green Zone ni akarere karimwo inyubakwa za reta n'iz'ibiro vy'abaserukira ibihugu vyabo muri ico gihugu.
Umuryango wiwe waciye uhungishwa, bane muri abo bateye bakaba bahasize ubuzima, nk'uko abategetsi babivuga.
Aba Taliban batangaza ko ari bo bakoze ico gitero.
Uwu muhari uragabisha kandi ko ugiye gukora ibindi bitero ku bategetsi ba reta. Ni igitero kibaye mu gihe intambara ziriko zirabica bigacika mu bindi bisagara, inyuma y'aho ingabo mvamakungu ziviriye muri ico gihugu.
Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano utera akamo ko ubugizi bwa nabi zihagarara.
Abandi barenga 20 bavugwa ko bakomerekeye muri ico gitero.
Igiporisi gitangaza ko bane muri abo bateye bishwe bamaze kwinjira mu nyubakwa z'uyu mushikiranganji. Umushikiranganji w'intwaro yo hagati avuga ko cari igitero c'ubwiyahuzi.
Ingabo zidasanzwe zaciye zinyarukira mu karere kari hafi ya Green Zone, intambara zamaze amasaha arenga atatu zikaba ari zo zatujije abo barwanyi bari bagose ako karere.
Inyuma y'ico gitero, Mohammadi yanditse kuri Twitter ati: "Ntimugire ubwoba, vyose bimeze neza".
Haciye amasaha, abanyagihugu baba i Kabul baciye biha amabarabara abandi baja ku bisenge vy'inzu bakoma akaruru bati Allahu Akbar (Imana niyo nkuru) mu kwiyamiriza ibitero vy'aba Taliban, amashusho akaba yakwiragijwe ku mbuga hwaniro.
Ibisa n'ibi vyarabaye ku wa mbere mu gisagara ca Herat, naco nyene cabereyemwo intambara zikomeye mu misi iheze.
Umunyamakuru wa BBC, Secunder Kermani, i Kabul, avuga ko iki gikorwa co kwerekana ko biyamiriza aba Taliban ari ikintu gikomeye gitera intege ingabo zihanganye nabo, aho aba barwanyi bariko bagerageza kwigarurira imirwa mikuru y'intara zitari nke.
Uyu munyamakuru yongerako y'uko iki gitero ku nzu y'uyu mushikiranganji cerekana ko aba barwanyi bashoboye no gutera ibibanza bikomeye vya reta.
Ibintu bimeze gute mu tundi turere tw'igihugu?
Intambara zikomeye hagati y'ingabo za reta n'aba barwanyi zirabandanya mu gisagara ca Lashkar Gah, umugwa mukuru w'intara ya Helmand iri mu bumanuko bw'igihugu, aho nijoro ku wa kabiri ONU yatangaje ko abasivire nibura 40 bishwe ku musi w'imbere y'aho.
Mu kiganiro n'igisata ca BBC gitangaza amakuru ya Afghanistani ku rubuga rwa WhatsApp, umwe mu baba muri ico gisagara atavuzwe izina ku mvo z'umutekano wiwe yavuze ati: "Ibiziga vyandagaye kw'ibarabara. Ntituzi nimba ari abasivire canke aba Taliban. Abantu batari bake bataye izabo baja gucumbika hafi y'uruzi Helmand".
Abandi banyagihugu baba muri ico gisagara bari batekewe n'ubwoba babwiye BBC ko babonye ibiziga vyandagaye ku mabarabara.
Igisirikare ca Afghanistani casavye abasivire kuva muri ico gisagara mu gihe himirije igitero bikomeye ku ba Taliban, umuhari ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Islam womowe ku butegetsi n'ingabo mvamakungu zirongowe na Amerika, haraciye imyaka 20. Haraciye imisi ico gisagara kirangwamwo intambara, aba barwanyi bakaba barigaruriye hafi uturere twose twaco.
Ishirahamwe ONU n'ayandi mashirahamwe y'abagiraneza aragabisha ko ibintu bishobora kuba nabi.
Mu gihe abarwanyi bokwigarurira Lashkar Gah, coba ari ikintu gikomeye kuri izi nyeshamba mu gihe ziriko zitera zisugereza ubutegetsi ku murindi udasanzwe inyuma y'aho ingabo mvamakungu ziviriye mu gihugu.
Helmand yari ikirindiro nyamukuru mu bikorwa vya gisirikare vya Amerika n'Ubwongereza muri ico gihugu.
Mu mpera z'indwi iheze, Attaullah Afghan, umukuru w'inama mpanuzwajambo w'iyo ntara ya Helmand, yaremeje ko iyi ntambara isa n'iyiriko "irarengera ubushobozi bwabo".
Aba Taliban barateye izindi ntambwe muri ino ndwi, n'aho habaye ibitero vy'indege z'intambara za Amerika na Afghanistani bikorwa kuri aba barwanyi.
Hari amakuru avuga ko abarwanyi b'aba Taliban bamaze gushika mu mihana, mu maduka no mu bigo vy'ubucuruzi - abanyagihugu bakaba bazibiriwe mu mihana mu gihe intambara zibandanya mu mabarabara.
Mu bisanzwe, aba barwanyi babanza kugabisha abanyagihugu bakoresheje vya vyuma biduza amajwi ko bobabisira ariko rimwe na rimwe baritera mu mazu - abanyagihugu bagahabwa iminota mike yo guhunga canke naho baraswe mu gihe imihana yabo icika ikiririmbiro ry'intambara.
Mu tundi turere two mu bumanuko, aba Taliban bariko bagerageza kwigarurira Kandahar, igisagara cahoze ari ikirindiro cabo, mu gihe intambara ziyongereye kandi mu gisagara ca Herat kiri mu burengero bw'ico gihugu.