Carlos Ghosn: Umuhungu na se bazopfungwa imyaka kubera gutrokesha uyu yahoze arongoye Nissan

Carlos Ghosn
Yatangajwe

Umuhungu na se wiwe bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bagiriwe n'icaha co gufasha uwahoze arongoye Nissan, Carlos Ghosn, gutoroka akava mu Buyapani mu 2019.

Sentare ya Tokyo yaciriye umunyororo w'imyaka ibiri umukukuruke yahoze mu ngabo zidasanzwe za Amerika Michael Taylor.

Umuhungu wiwe nawe Peter yaciriwe umunyororo w'umwaka umwe n'amezi umunani.

Aba bagabo bompi bavanywe muri Amerika bagirizwa kunyegeza Ghosn mw'isandugu bakamusohokana Ubuyapani mu ndege y'abigenga mu gihe yari akirindiriye gucirirwa urubanza.

Abashikirizamanza b'Ubuyapani bari basabiye Michael Taylor umunyororo w'imyaka ibiri n'amezi cumi hamwe n'uwundi w'imyaka ibiri n'amezi atandatu kuri Peter.

Bompi bagirizwa gutegura itoroka rya Ghosn agahungira muri Libani aciye ku kibuga c'indege ca Kansai kiri mu burengero bw'Ubuyapani mu kwa cumi na kabiri 2019, hanyuma bahembwa imiriyoni 1.3 z'amadorari y'abanyamerika ku gikorwa cabo,

Bompi bemeye ivyo bagirizwa banavuga ko bababajwe n'ivyo bakoze.

Michael Taylor n'umuhungu wiwe Peter bamaze amezi atari make mu rugamba kugira ntibarungikwe mu Buyapani gucirirwa urubanza, imbere y'uko umukuru wa sentare nkuru ya Amerika afata ingingo yo kubashikiriza abategetsi b'Ubuyapani mu kwa gatatu.

Uyu yahoze arongoye Nissan ubu ni impunzi iba mu gihugu c'amavukiro ca Libani, gisanzwe ata masezerano yo guhana impfungwa gifitaniye n'Ubuyapani.

Ghosn yari yarekuwe vy'agateganyo mu gihe yari arindiriwe ko asomerwa ku vyaba bine bijanye no kunyegeza umutungo, ivyo ahakana, mu nyuma akaba yaracitse abategetsi ari mw'isandugu mu ndege y'abigenga, nk'uko sentare ibivuga.

Abashikirizamanza ba Amerika bavuga ko iri toroka "ari kimwe mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi bukomeye kandi bwateguwe neza muri kahise ka vuba".

Michael Taylor n'umuhungu wiwe Peter
Insiguro y'isanamu, Michael Taylor n'umuhungu wiwe Peter bigize abacuraranzi mu ntumbero yo gufasha Carlos Ghosn ngo atoroke

Amaze gushika muri Libani, Ghosn yavuze ko yari yafashwe "bugwati" mu Buyapani, aho yategerezwa guhitamwo gupfa canke gutoroka.

Sentare yo muri Turukiya umukuru w'ikompanyi y'indege yo muri Turukiya MNG hamwe n'abadereva b'indege babiri baciriwe urubanza ku ruhara bagize mu kumutorokesha Ubuyapani.

Ghosn yahagaritswe ubwa mbere mu kwa cumi na rimwe 2018 yagirizwa kubesha ku mushahara wiwe, aho avugwa ko yatanze urugero rutari rwo rw'umushahara wiwe mu myaka itanu yose gushika mu 2015.

Mu kiganiro na BBC mu ntango z'uku kwezi, Ghosn yavuze ingene yiyoberanije agashobora kurengana mu mabarabara ya Tokyo ata wumuciye n'ikanda, igituma yahisemwo kunyegezwa mw'isandugu y'ibikoresho vy'umuziki kugira bamutorokeshe Ubuyapani hamwe n'umunezero yagize amaze gushika mu gihugu ciwe c'amavukiro.