Samia Suluhu Hassan wa Tanzania yashitse mu Burundi mu rugendo rw’imisi ibiri

Samia Suluhu i Bujumbura

Ahavuye isanamu, Mairie de Bujumbura

Insiguro y'isanamu, Samia Suluhu ashitse i Bujumbura
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Umukuru w'igihugu ca Tanzania, Samia Suluhu Hassan, yashitse mu Burundi kuri uyu wa gatanu mu rugendo rw'imisi ibiri, urugendo rwari rwitezwe muri ico gihugu.

Kuva ashitse ku butegetsi, umupfasoni Samia Suluhu amaze kugendera ibihugu vya Uganda na Kenya, anitabira n'inama yihutirwa y'umuryango SADC muri Mozambique.

Kugendera Uburundi bishimangira imigenderanire ikomeye hagati y'imigambwe CCM wa Tanzania na CNDD-FDD w'i Burundi, no gukomeza umubano uri hagati y'ubutegetsi bwompi.

Ku butumire bwa mugenziwe Evariste Ndayishimiye, Samia Suluhu ajanye i Burundi n'umurwi munini w'abarwizatunga b'Abatanzania kugira ngo barabe amahirwe yo gushora imitahe yabo mu Burundi.

Azonitabira inama y'abadandaza b'Abarundi n'Abatanzania "igamije kurabira hamwe ibibazo bimwe bimwe bijanye n'ubudandaji" hagati y'ibi bihugu, nk'uko itangazo ry'ibiro vya perezida wa Tanzania ribivuga.

Bamwe mu badandaji ba Tanzania baje mu nama izobahuza n'ab'i Burundi ku wa gatandatu:

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Hampande y'ibiganiro bihuza Ndayishimiye na Samia Suluhu bitegekanyijwe ko baha ikiganiro abamenyeshamakuru.

Ubutegetsi bwa Tanzania n'ubw'Uburundi bisanganywe imigenderanire ikomeye, Tanzania ni co gihugu ca mbere Perezida Ndayishimiye yagendeye amaze gushika ku butegetsi atsinze amatora yo mu mwaka uheze.

Ari i Kigoma mu kw'icenda 2020 yatangaje bamwe aho yavuze ati:

"Tanzania ni nk'abavyeyi ku Burundi kuko bafashije guharanira ukwikukira kwacu... Simfata Perezida Magufuli nk'umubanyi canke incuti, ahubwo nk'umuvyeyi wanje."

Ivyo bahuriyeko: Ndayishimiye na Samia

Uravye bompi baracari bashasha ku butegetsi, Ndayishimiye w'imyaka 53 abumazeko umwaka umwe mu gihe Samia Suluhu w'imyaka 61 abumazeko amezi ane gusa.

Samia Suluhu Hassan mu Burundi yakiriwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombanza

Ahavuye isanamu, Mairie de Bujumbura

Insiguro y'isanamu, Samia Suluhu Hassan mu Burundi yakiriwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Bazombanza

Kuva bompi bashikiriye ubutegetsi, bompi bagaragaje impinduka, cane cane mu bijanye n'imigenderanire n'ibindi bihugu ugereranije n'abo basubiriye.

Ba Perezida John Magufuli na Pierre Nkurunziza - bompi batakiriho - ntibari bakunze kurenga imbibe z'ibihugu vyabo.

Mu gihe gito bamaze ku butegetsi, Ndayishimiye na Samia Suluhu bateye intambwe iboneka ubwabo mu kugendera abo bashakako umubano mwiza mu bindi bihugu.

Urugendo rwa Samia Suluhu Hassan mu Burundi rwitezwe gutsimbataza gusumba umubano umaze igihe kirekire waranze ibi bihugu.