Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
‘Mu Burundi harabaye ihonyabwoko ry’Abahutu’ - Ntahorwamiye
Umunyamabanga wa reta y'Uburundi, Prosper Ntahorwamiye avuga ko ubutegetsi bwa Perezida Michel Micombero yahoze atwara Uburundi bwakoze ihonyabwoko mu mwaka wa 1972.
Hari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru hamwe n'abanyagihugu cabereye i Makamba ku wa gatanu, aho yabwiye abanyamakuru ko reta y'uburundi y'iki gihe ifise ibimenyetso nyavyo vyerekana ko ubwo butegetsi bwateguye bwongera bushira mu ngiro ihonyabwoko.
Ati: "Ibimenyetso dufise ubu, dufatiye ku cegeranyo ca CVR, dufatiye ku zindi ntahe zagiye ziravugwa hirya no hino, dufatiye ku matohoza atandukanye yagiye arakorwa n'amaraporo y'abahinga batandukanye, ibimenyetso biriho ubu birerekana neza y'uko koko reta ya Kapitene Michel Micombero yakoze ihonyabwoko, irigirira ubwoko bw'Abahutu".
Umwaka wa 1972 warabaye ntibagirwa muri kahise k'Uburundi, aho habaye ubwicanyi butabonwa kumwe n'impande zitandukanye z'abarundi, cane cane hagati y'Abahutu n'Abatutsi, aho kuva kera buri ruhande rugenda ruvuga ko rwakorewe ihonyabwoko n'urundi.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hafi yose aherutse kwandikira urwandiko umunyamabanga mukuru wa ONU aho yiyamiriza ibikorwa vy'umurwi CVR n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD, avuga ko bafise intumbero yo kuzimagiza ukuri no kuryanisha abarundi.
Muri ico kiganiro, Ntahorwamiye asigura ko ubwo bwicanyi bwo mu 1972 bufise ibimenyetso vyose bisabwa kugira ngo bwitwe ihonyabwoko, agafatira ku vyegeranyo vy'umurwi ujejwe kumenya ukuri n'ukurekuriranira, CVR.
Ati: "Ikimenyetso ca mbere c'ihonyabwoko ni uko wica umurwi w'abantu canke wose ubaziza ikintu. Ivyo vyarabaye, aho hari abantu bishwe bazize ubwoko, mu 1972 bwari ubwoko bw'Abahutu. Bishe abize, abakora abafise udufaranga n'incabwenge".
Ikindi kimenyetso atanga ni uko ihonyabwoko rikorwa n'ubutegetsi.
Ati; "Ico gihe yari reta irongowe na Michel Micombero. Ubutegetsi bwakoresheje igisirikare c'ico gihe, ba buramatari, ba musitanteri b'ico gihe, urwaruka rw'aba JRR, urwaruka rw'umugambwe UPRONA wari ku butegetsi nk'umugambwe umwe".
Ntahorwamiye avuga ko hari integuro yari isanzwe ihari kandi yakurikijwe.
Ati: "Abantu bicwa baza kubatora mu mashure, ku buzi, bafise urutonde, bahamagara umwe umwe mu bo bashaka. Ivyo rero vyerekana y'uko hariho integuro".
Asigura kandi ko reta yise izina abo avuga bari bahejeje kwicwa "kugira ngo ni hagira n'ico ukora ntihagire uwutangara".
Ati: "Biswe abamenja, mu mico y'ikirundi umumenja, yaricwa akangazwa. Aho rero kwari ukugira ngo nihagera kumwica ata n'ikiza kwamira".
Ntahorwamiye avuga ko kubona umurwi CVR umaze igihe uzura irya n'ino mu gihugu ibisigarira vy'abapfuye ico gihe ari ikimenyetso c'uko bishwe, bagatabwa ahantu hatazwi, mu binogo rusangi, mu ntumbero yo kuzimanganya ukuri.
Avuga ko reta y'ico gihe ihejeje kugandagura Abahutu yaciye irondera gusigura igituma abantu bishwe kugira ntihagire uwutangara, ikoresheje ikinyoma (desinformation). Avuga ko haciye habaho poritike y'ikinyoma yo gusigura mu makungu, "hamwe uwakorewe ikibi, uwishwe, ari we yagirizwa ko yishe, atakiriho".
Avuga ko, n'aho reta y'Uburundi yemeza ko habaye ihonyabwoko ry'Abahutu, inzego zibijejwe ari zo zizoha ubu bwicanyi izina ribereye, mu gihe umurwi CVR uzoba urangije igikorwa washinzwe.
CVR itabonwa kumwe
Haraciye igihe umurwi CVR uzunguruka mu mpande zitandukanye z'igihugu uzura ivyo uvuga ko ari ibisigarira vy'abagandaguwe muri ubwo bwicanyi bwo mu 1972.
Ni mu gihe kandi inama nkenguzamateka imaze imisi iremesha ibiganiro bifise intumbero yo gutorera izina ubwo bwicanyi.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike akorera hanze, muri yo hakaba harimwo ayafuswe mu Burundi ayandi nayo yashingiwe hanze, aherutse kwandikira umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, amusaba gukurikiraniha hagufi ibibera mu Burundi, abona ko biteye impungenge.
Muri iri kete yanditse ku wa 31 z'ukwa gatanu aya mashirahamwe, yose hamwe 17, avuga ko "ibiriko birakorwa n'abategetsi b'Uburundi bifise intumbero yo kwiyeza ku ruhara boba baragize mu mabi yagiye ashikira Uburundi".
Aya mashirahamwe yandika ko umurwi CVR, "aho gushira ukuri ahabona no kunywanisha, ushobora ahubwo gukuza inzankano zishingiye ku bwoko mu Burundi".
Babona ko uyu murwi uhengamye mu bikorwa vyawo.
Muri urwo rwandiko ayo mashirahamwe avuga ati: "Biraboneka neza ko intumbero yonyene ari iyo kugarukana urwanko rushingiye ku moko uravye ingene bafata amabi y'agahomerabunwa yakozwe mu 1972 avugwa ko ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu, barengeje uruho rw'amazi ku mabi Abatutsi bakorewe".
Aya mashirahamwe abona kandi ko amajambo ashikirizwa mu biganiro vyatangujwe n'inama nkenguzamateka mu kwa kane kw'uno mwaka ari ayo kubiba urwanko, mbere ko n'ibi biganiro ari ivyo kuzimagiza ku vyabaye muri uwo mwaka wa 1972.