Uganda: Abashigikiye Bobi Wine barekuwe nyuma y'amezi atandatu

Ahavuye isanamu, AFP
Sentare ya gisirikare muri Uganda yarekuye hatanzwe ingwate abantu 18 bashigikiye umunyepolitike atavuga rumwe na leta, Robert Kyagulanyi, azwi cane nka Bobi Wine, bafatiwe mu gikorane ca politike mu kwezi kwa cumi na kabiri 2020.
Barimwo abarinda umutekano wa Bobi Wine ari bo Edward Sabuwuf na Eddie Mutwe, hamwe n'umunyamuziki bakorana Buneni Ali azwi kandi nka Nubian Li.
Bari mu mugwi w'abantu 49 bagirijwe kuba bari bitwaje amasasu ane. Ubu bose barekuwe ku ngwate.
Muri abo bafashwe, 13 barekuwe hatanzwe ingwate mu kwezi kwa kabiri abandi 18 barekurwa mu mpera z'ukwezi kwa gatanu.
Bafatiwe mu gace k'ikiyaga Victoria mu karere ka Kalangala, mu gihe c'ukwiyamamaza aho na Bobi Wine yafatiwe agaca ajanwa iwe i Kampala muri kajugujuru ya gisirikare.
Mu gihe c'ukwiyamamaza hamwe no mu mezi yakurikiye amatora yo mu kwezi kwa mbere, Uganda yarabayemwo ugufatwa kw'abantu benshi hamwe n'ibikorwa vyo kunyuruza, vyatumbereje abantu vyibazwa ko bashika ku majana bashigikiye abatavuga rumwe na leta.
Urwandiko rwashikanywe mu nama nshingamateka n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, General Jeje Odongo, mu kwezi kwa kane, rwerekanye yuko abajejwe umutekano bari papfunze abantu bashika 1000 igihe kimwe.
Imiryango ku murwa mukuru Kampala hamwe no mu bindi bice vy'igihugu ibandanya gusaba leta kwerekana ababo bavuga yuko bafashwe n'abajejwe umutekano kandi gushika ubu bakaba batazwi irengero.











