Ikigo CDC gisaba Abanyamerika kwirinda gusoma inkoko kubera akaranda ka salmonella

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikigo ca Amerika kijejwe amagara y'abantu (Centers for Disease Control and Prevention, CDC) gisaba abanyagihugu kwirinda gusomana n'inkoko kubera ikiza karanda ca salmonella.
Ikigo CDC n'abajejwe amagara y'abantu bariko barakora amatohoza ku kiza karanda ca salmonella inyuma y'aho abantu 163 bamenyekaniye ko banduye iyi ndwara mu mareta 43.
Bandukiwe inyuma y'aho bakorakoreye inkoko boroye.
Iki kigo kivuga kiti: "Ntimusomane canke ngo mwiyegereze izi nyoni, kubera ibi bishobora gutuma imigera ikwinjira mu kanwa ugaca wandura".
Kigabisha ko inkoko n'imbata zishobora gukwiragiza imigera ya salmonella n'aho woba ubona ko zisa neza kandi zikomeye, kandi ni ibintu vyoroshe kuri iyi migera gukwirakwira aho zisanzwe ziba zikanatemberera.
Uwu mugera utuma umuntu ameneka umutwe, agacibwamwo, akaribwa mu nda mbere akanadahwa. Abenshi iyo bayanduye barakira ata n'imiti barinze gufata, ariko iyo umuntu yasinzikaye cane ashobora n'ukuhasiga ubuzima.
Nk'uko bivugwa n'ikigo CDC, ica gatatu c'abantu bamaze kuyandura ni abana bari musi y'imyaka itanu.
Kuva hagati mu kwa kabiri, abashika 34 ni bo bamaze kujanwa mu bitaro, ariko ntawurahitanwa n'iyi ndwara.
Ikigo CDC gihanura abantu gukaraba iyo bakorakoranye n'izo nkoko, hanyuma bongere babuze abana kuzegera.
Bivugwa ko umugera wa salmonella - ushobora kuboneka mu nyama mbisi canke zidatetse neza, mu magi canke mu zindi mfungurwa - wandukira abantu hafi imiliyoni 1.35 muri Amerika buri mwaka, hamwe na 420 bahitanwa nawo.










