Russia: habonetse abantu ba mbere banduye umugera H5N8 w’akamangu k’inkoko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburusiya bumenyesha ko abantu ba mbere banduye umugera wa H5N8 utera indwara y'akamangu (ibicurane) k'inkoko.
Abategetsi bavuga ko abantu indwi bakora mw'iyororero ry'inkoko riri mu bumanuko bw'ico gihugu banduye uwu mugera wadutse mu kwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze.
"Aba bantu bose indwi …bameze neza", ibi bikavugwa n'umuganga akaba n'umuhanuzi mu vyo amagara y'abantu mu Burusiya, Anna Popova.
Avuga ko haciye hafatwa ingingo zikenewe kugira ngo ntihagire abandi bantu bandura.
Umupfasoni Popova avuga ko ata kintu na kimwe cerekana ko iyo ndwara yashobora kwinjira mu bantu, akavuga ko bamaze kubimenyesha mw'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO.
Arashimira laboratoire Vektor yo muri ico gihugu yashoboye gutora uwo mugera muri abo bakozi.
Popova ati: "Kubona uwu mugera watowe hakiri kare utarashobora kugira ububasha bwo kuva mu muntu uja mu wundi, biduha, twese kw'isi yose, akaryo ko kwitegura neza kugira ngo dushobore guhangana nawo".
Avuga ko abahinga b'Uburusiya ubu baca batangura kwiga ingene bashobora gupima abantu.
Hari ubundi bwoko bw'ibicurane vy'inkoko bwandukira abantu rimwe na rimwe mbere abapfa bagapfa - ariko ubu nibwo bwa mbere uwu mugera wa H5N8 wasimvye ukinjira mu kiremwa muntu.










