DRC: 29 baciriwe urwo gupfa ku ruhara bagize mu migumuko ya Eid el Fitr yabaye ku wa kane

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu 29 baciriwe urwo gupfa mu rubanza rw'abagize uruhara mu migumuko yabaye ku wa kane ku mugwa mukuru wa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Kinshasa igihe aba Islam bari baramutse bahimbaza Eid el Fitr.
Umuporisi umwe yarishwe abandi batari bake barakomereka mu mishamirano yadutse hagati y'impande zibiri zitavuga rumwe mw'idini rya Islam.
Bari bakoraniye hamwe kugira ngo bahimbaze umusi mukuru urangiza ukwezi kweranda kwa Ramadhani, ariko ntibumvikana ku wari kurongora ibirori.
Aba bagiye kumara ubuzia bwabo bwose bapfunzwe kubera igihano c'urupfu kitakibaho muri iki gihugu.
Muri iyi migumuko, abantu 31 nibo barengukishijwe, 29 nibo baciriwe urwo gupfa, babiri nabo bacirirwa umunyororo w'imyaka itanu.
Uru rubanza rwamaze ijoro ryose rwerekanywe ku mboneshakure.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi bavuga ko mu baporisi bakomeretse harimwo abababaye cane n'ubu bakaba bakiremvye.
Hari abafise amakenga kuri uru rubanza bafatiye ku kungene rwihutishijwe, bakibaza ko ubutungane butakoze neza.









