Tanzania yashizeho ingingo zo kurwanya Covid-19

Yatangajwe

Ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Tanzania vyashizeho ingingo zo gupima ubushuhe no gukaraba n'umuti mu gihe igihugu cafashe ingingo yo kwambara udupfukamunwa, nka zimwe mu ngingo zo guhagarika ikwirakwira ry'umugera wa coronavirus.

Ejo ku wa mbere, Perezida Samia Suluhu yarakiriye intumwa mvamakungu zikaba zabanje gupimwa imbere y'uko zinjira.

Izi ntumwa zose zategetswe kwambara udupfukamunwa, mbere n'ifoto yafashwe ari kumwe nazo yerekana umukuru w'igihugu we nyene ubwiwe akambaye.

Ku wa gatanu, Perezida Samia yabonetse yambaye agapfukamunwa iri rikaba ari irya mbere ari muri Tanzania, aho yavuze ko ari ngombwa kukambara mu ntumbero yo gukingira abatama yariko abonana nabo.

Ibi bibaye inyuma y'imisi mike agize urugendo muri Kenya, ico gihe akaba yagiye yambaye agapfukamunwa.

Yateye inkuru mu gutwenza abanu avuga ko kwambara agapfukamunwa ari nk'umwungere azibira umunwa w'impene kugira ayibuze kwona, ariko ko vyari ngombwa.

Ubutegetsi bwahahora bwa Perezida John Magufuli aherutse kwitaba Imana ku wa 17 z'ukwa gatatu, bwafata minenerwe akamo katerwa n'amakungu ku bubi bwa coronavirus.

Kuva mu ntango y'iki kiza, Tanzania yashira imbere kwiyuka n'ubundi buryo kama nk'inzira zo kwikingira Covid, kandi kuva mu kwa gatanu kw'umwaka uheze, nta bitigiri vy'abanduye uwu mugera yasubiye gutangaza.

Inyuma y'urupfu rwa Magufuli, Perezida Samia yavuze ko yashizeho umurwi ujejwe gukurikirana ikibazo ca Covid-19 mu gihugu.